Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yiyemeje kurungika indorerezi z’amatora mu Burundi
ONU yiyemeje kurungika indorerezi z’amatora mu Burundi
mardi 23 Ruheshi 2015
Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi MENUB uzorungika indorerezi z’amatora ategekanijwe gutangura mu Burundi,kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.
Mu mubonano n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe,Issaka Souna icegera c’umukuru wa MENUB yamenyesheje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizoba riri mu ndorerezi z’amatora imbere,mu matora n’inyuma y’amatora.

Issaka Souna yavuze ko umurwi w’indorerezi bitegekanijwe ko ushika kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi,ukazoca urungikwa hagati mu gihugu ku butaka bwose bw’igihugu.Basavye ko abagize uwo murwi bocungererwa umutekano.
Umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe yemeje ko Reta y’Uburundi ibikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiteguye gucungera neza umutekano w’indorerezi z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Mwomenya ko hasigaye ikiringo kidashika iminsi indwi,kugira amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine abe kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.
Messages
23 Ruheshi 2015, 12:27, par CYRILLE
MBEGA ONU YARIYARINDIRIYIKI KUBARUNGIKA?UBURUNDI N’UBWABARUNDI,AMATORA NAY’ABARUNDI KUKO NITWE DUTEGEREZWA KUGARURANUMUTEKANO NO KWIHA AGATEKA TUBICISHIJE MUMATORA.
23 Ruheshi 2015, 12:46, par Délicia
ivyokw’isi biragoye ONU nayoyabuzubwenge,ko ivugakwishigikiyamatora mezayitabwenabose kobarungits’izondorerezi babonyeko atunganijweneza?les oposants murabeneza barikuri mission!
23 Ruheshi 2015, 13:08, par king amon
Numva ONU ataho itaniye na Petero Nkurunziza
23 Ruheshi 2015, 13:17, par JEAN
NTAMATORA AZOBA HATABAYIBIGANI NIBUNGURUZAMATORA HABIBIGANIRO AZOBAMATORA YUMVIKANWEKO NABOSE
23 Ruheshi 2015, 13:23, par boulot-star
Ndatangaye kubona MEMUB ivuga ko igiye gushigikira amatora atitabiriwe na bose, kandi atisunze amategeko. iyo MENUB iserukira ONU canke? uwubizi nanyishure!!
23 Ruheshi 2015, 13:48, par cyriaque
Emwe ga yemwe! none uwo baturungikiye ngo aganirize we aje gukoriki?
23 Ruheshi 2015, 13:55, par ngaho da
ikindi niki mukibaza ONU nuko nyine yarimo irabakina igisigaye n iki nuko ikora byaheze pi
23 Ruheshi 2015, 14:04, par Bucumi
None perezida wa tanzania ntibarihamwe na peter hama akongera akaba hamwe na BAN KI MOON none igihe baherukira kubonana ngo agende asigure kubiriko birabera m’uburundi murazi ivyo baganiriye? Ahubwo oppasition nigume ireze amaboko ngo amakungu. Erega nabo baratubwira nuko tutumva,amakungu avuga ati ibibera muburundi ntamuntu yogira icakoze kinini nk’abarundi, mwibaza ko bisigura iki?
23 Ruheshi 2015, 14:23, par bella
Huuuum,ego mama!uyu ni Aime Nyamitwe arementanije,ni batwumvishe amajwi yabo tuvyiyumvire ntibabavugire ivyo batavuze. ivy’Uburundi burakeye tubirabe!!! amatora nabe hanyuma turabe la suite,muhenda nde????
23 Ruheshi 2015, 16:13, par FAUSTIN
N’INKURU NZIZA CANE KUBONA ONU YEMEYE KURUNGIKA ABAROREREZI BAYO KUGIRA BIBONEREKO AMATORA AZOTUNGANYWA KUMUGARAGARO GUTYO ABITWAZA NGO NTAMUTEKANO UHARI KUGIRA MATORA NTABE BAZOHINYUKE. NI N’IKIMENYETSO NSIMUSIGA CUKO ONU ISHIGIKIYE IKIRA?GAMISI C’AMATORA GIHERUTSE GUSHIGWAHO
23 Ruheshi 2015, 16:55, par Ndiho
Basha ndemeye ko abazungu bataye umutwe!!mbe uwurongoye MENUB yoba ashikiriza ivyo yumvikanyeko na bagenzi we canke n’abandi bose berwa n’amatora??Mana ube hafi utabare ISI yawe. Abacangero babaye benshi pe!!!Bikavugwa ko hariho aba journalistes étrangers bariko bahabwa ruswa kugira bazovugire neza gouvernement tugaharira!uwovyiga neza yotora inyishu!!
23 Ruheshi 2015, 17:12, par NDUWIMANA
ONU KALIBUI BURUNDI
23 Ruheshi 2015, 17:12, par NDUWIMANA
ONU KALIBUI BURUNDI
23 Ruheshi 2015, 17:12, par NDUWIMANA
ONU KALIBUI BURUNDI
23 Ruheshi 2015, 17:34, par Ndizeye Claudia
Felicitation à la MENUB et à l’ONU, seul les elections dans les délais limites de la constitution sont porteur d’espoir,de paix et de stabilité,le dialogue pourra continuer après la mise en place des instutition légitimes pour le mandat qui suit.
23 Ruheshi 2015, 17:45, par Emmanue
IVAHANUWE IYO BISOHOYE MUCA MUHINDA AGASHITSI [matayo 24:6-7].ABAHUNGA MWARI MUKWIYE KUBANZA GUHUNGA IKIBARIMWO(ICAHA) [luka4:4-5].ABASHAKIR’AMAHORO KURI ONU NAMWE MUYIKUREKO AMASO MUYAHANGE KURI KRISTO.NTAHANDI.MBE NTIMUZIKO ONU CATHOLIQUE ARIYO NYAMASWA IVUGWA MU [IVYAHISHUWE 13:1-18] MURI BIBLE.MUTINYE ICOBABUZA UBUGINGO BUHORAHO KUKO TWESE TUBAYEHO TUZIKO TUZOPFA.UMUNTU ASHOBORA KUKWICA ARIKO NTASHOBORA KUBUZA KUZUKA YESU AGARUTSE.
23 Ruheshi 2015, 18:39, par Congera
ONU turayishimiye kuko urimwo incabwenge nyishi kandi zadutanze kumenya icitwa Democratie.ninacogituma notera akamo imigambwe yose kuzitaba amatora!
23 Ruheshi 2015, 19:16, par Ukuri gusa
Nyamitwe arafonda ibintu kweri ayo matora azohagarikirwa na ONU iyo tariki none urya muhuza azoba yaje guhuza iki kandi amatora amaze gutegurwa nimureke ububeshi
23 Ruheshi 2015, 19:34, par Kubwobo
Uwo murwi uzoza guhagarika amatora!
23 Ruheshi 2015, 19:49, par King
Ni vyiza,ariko ntawuzi ko ayo matora adahurikiyemwo abo yega bose ONU canke UA(Union Africaine)izoyemeza!!Vyiza Leta yokwitaba ibiganiro vyateguw na ONU.Murakoze
23 Ruheshi 2015, 19:50, par Dukuze
Haha,mbega onu yorungika umuhuza cndd fdd ikamuhakana hama ngo yoca irungika indorerezi zicungera amatora adatunganijwe neza?mensonge.
23 Ruheshi 2015, 20:33, par Fediasi nduwamungu
Muvyukuri tubaye turashima kurako kigoro onu igize kugira ngo amatora abe kumugaragaro kandi kugira twebwe abanyagihugu tuje gutora mumutekano ntangere.
23 Ruheshi 2015, 21:59, par Léonidas Ndayikeza Alias Proculaire Général
Ewe Wee!Amatora Le 29!3èm Mendat Rero Nkuko Bavugango Ntibakorako Nukwo Nyene!Ntamatora Ashoboka Hatabaye Ibiganiro Ngwukuri Kuje Ahabona!Merci
23 Ruheshi 2015, 22:19, par Caraziwe
Iyo Souna Avugako Atari Ukurorera Gusa Ahubwo Bazokorana Na C.E.N.I Aho Na Mitende ! Mbeho Ayateguw N’umugambw Umw, Azororera Abariko Bikinira Inkinamico! Turamb Tubone!
23 Ruheshi 2015, 23:36, par niyuhire alice
nivyiza nibaba bisubiyeko.
24 Ruheshi 2015, 04:42, par Dorian
NAHO BYOBA ARIVYO SINABI .KUKO BAZOHAKANA ICO HABONYE ,none bbovuga ko yagenze nabi batabibonye?PV bazogira apres les pseudo election izojamwo bose.Ihangane ntaco.
24 Ruheshi 2015, 07:21, par mivuba celestin
muravyitondera banyamitwe nibenshi onu yorungika abahagarkizi gute haribibaozo mubo vyega
24 Ruheshi 2015, 08:03, par Ndagijimana
Abasokoroye candidatures zabo mu matora kubera umutekano muke wabo baca baja hehe bobo? Ico kintu ONU ikoze iradusobanurira intumbero yaco kuko ntivyumvikana ko UE isokorora indorerezi zabo ngo nabo barungike ababo...
24 Ruheshi 2015, 09:36, par Adolphe Nyanzira
nivyo dukeneye amatora arengane mumutekano
24 Ruheshi 2015, 10:43
umuntu yibaza ko amatora atazoba nacire birarura.bica abazungu rero ngo barondere transition BARABAHENZE UBU NTAMACAKUBIRI MUGIHUGU UBU TURI BAMWE NTAKIZOTUNANIRA.
25 Ruheshi 2015, 12:02, par willy
Nibateshwe bate. ONU ko yemaye kurorera amatora muzobigenza gute.surtout les opposants