IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Oprah Winfrey yagizweko ikumirwa rifatiye ku rukoba i Zurich

Oprah Winfrey yagizweko ikumirwa rifatiye ku rukoba i Zurich

samedi 10 Myandagaro 2013

Umunyamerikakazi aremesha ibiganiro ku mboneshakure, Oprah Winfrey, yaragizweko ikumirwa rifatiye ku rukoba muri Suisse. Aho hari mu mw’iduka “Trois Pommes” ridandazwamwo ibintu vyagaciro kanini mu gisagara ca Zurich.

JPEG - 7.4 ko
Oprah Winfrey

Mu kiganiro Oprah Winfrey yatanze ku mbonesha Ora.tv, yamenyesheje ko yagiriwe ikumirwa rifatiye ku rukoba. Aho hari i Zurich mw’iduka ridadazwamwo impuzu n’ibindi vyambarwa vy’agaciro kanini. Oprah yabajije uwariko aradandaza muriyo duka igiciro c’isakoshi yo mu ntoke (sac à main), uno nawe aca agira ati: “Oya, iyi irazimvye kuri wewe”. Uwo mugore yariko aradandaza aciye atangura riho kurata ivyo iyo sakoshe yo mu minwe. Abwira Oprah Winfrey ko iyo sakoshi yakozwe n’umukinyi w’amareresi , rurangiranwa, w’umunyamerika , Jennifer Aniston.

JPEG - 15.9 ko
Oprah Winfrey

Muri ico kiganiro, Oprah Winfrey yavuze ko yumvise ivyo uyo mugore amubwiye yahatswe kwegurwa n’agatwengo. Winfrey ati: “ Nahatswe guca ngura iyo duka yose. Ariko nibutse ko uyo mugore yariko aradandaza yoca ahabwa agashimwe na nyene iduka naciye ndabireka”. Kuri ivyo vyabaye, itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ryarakuye Trudie Götz nyene iyo duka “Trois Pommes” . Nyene iyo duka akabaya yavuze ko kwabaye ukwihenda kw’umukozi wiwe. Trudie Götz ati: “Umukozi wanje yagize ikigongwe kuko atarazi Oprah Winfrey. Yari isakoshi igurwa ibihumbi 35 vy’amahera yo muri Suisse”. Yamenyesheje ko kandi atabihano azoha uwo mukozi wiwe. Kuvyo Oprah yafashe nkikumirwa rifatye ku rukoba navyo, Götz yavuze ko agiye kubaza umushingwamanza wiwe ico yokora.

Dufatiye ku nkuru z’ikinyamakuru Forbes kivuga, Oprah Winfrey afise ubutunzi bugera ku miriyaridi 2,8 y’amadorari. Abwo butunzi akaba, ahanini, abukesha ikiganiro agirisha ku mboneshakure citwa “The Oprah Winfrey Show”. Ico kiganiro kikaba kivurwako arico ca mbere muri Leta Zunzubumwe z’Amerika bafatiye ku gitigiri c’abantu bagikurikirana. Hambavu yukuba uwuremesha ikiganiro ni n’umukinyi w’amareresi.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.