Accueil > Amakuru > u Burundi > Pablo de Greiff:" Ibibazo biri mu Burundi bishobora gutandukira (...)
Pablo de Greiff:" Ibibazo biri mu Burundi bishobora gutandukira akarere"
jeudi 17 Nyakanga 2015
Umuhinga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Pablo de Greiff aragabisha ko hamwe amakungu atoshobora gufasha mu bibazo biri mu Burundi,ivyo bibazo bishobora gutuma haba amabi akomeye kandi bigashika no ku rwego rw’akarere.
Igihe yari imbere y’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu,i Geneve,Pablo de Greiff yavuze ko yisunze ivyo yabonye mu Burundi inyuma y’urugendo yahakoze,amakungu,harimwo amashirahamwe yo mu karere no ku rwego mpuzamakungu atorindira ngo ibintu bisubire kuyangara.
Umwe mu baserukira igihugu c’Ubufaransa mu makungu, avuga ko akarere k’ibiyaga binini gashobora kuja mu ndyane zizotuma hononekara vyinshi,akamenyesha ko inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu itegerezwa gukora mu gutabaza mu maguru masha.
Kubwo itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP,uwo aserukira Ubufaransa amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika biriko birategura ingingo zofatirwa Uburundi.
Indyane ziri mu Burundi zatanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane,kuva umugambwe CNDD FDD ushize imbere Petero Nkurunziza arongoye igihugu ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Abatavuga rumwe na Reta bagumye bamenyesha ko yitoje azoba aciye inyuma y’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha,kuko yaba ibwirizwa nshingiro canke amasezerano ya Arusha bivuga ko ata mukuru w’igihugu arenza ibiringo bibiri ari ku butegetsi.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Nyakanga 2015, 08:48, par Semana
Uburundi muragiye kubugira. Nka Ribiya kwaka dafi ngonamahoro murondera harya haramahoro mwabahaye?
17 Nyakanga 2015, 10:16, par jj
abazungu.mwebwemuratangazanonemukeneyiki.infashanyozamyumwarahagaritse.none.ubunahomushakiki
17 Nyakanga 2015, 10:19, par Midas
Nanone Vyaratevye."Umuntu W’inda Ndende Azokwama Ata Mu Manga Ab’atwara."nihafatwe Ingingo Zotuma Abarundi Basubira Kuba Mu Mahoro
17 Nyakanga 2015, 10:32, par P@yahoo.fr
Papa
17 Nyakanga 2015, 13:43, par Schwarzenegger
Urwosirukundo mufitoye u Burundi na barundi murazihenda abandi arikojewe sindimwo, nimwaba mukunda genda mwivyobihuguvyangu mubwire abobarindi mwahaye indaro bagabanye ayoma politike yogukomeza kurungika amahera bayaha abazangaha Burundi gukora amabara, iconemera nukomygihe abobantu bokomeza baduteza amarira mukutwicirako abacu ivyowavuze kobizokwira akarere ntakibuza bizoba , biratangaje kubona igihugu bizwiko bizi amategeko bihitamwo gushigikira abashatse gukora kudeta kugeranaho biyegeraniriza muciswe CNARED kikanashinga i birindiro mwivyobihugu amezinamezi agahera ntagitsure barabatera nabomugupanga gukoramabi bigatumavyiyongera. Kuberarero vyamaze gusesema abarundi nibindibihugu vyaba ivyomukarere canke ivyokw’Isi yose, ibibera Burundi bizokwira mukarere kmnkuko ubivuze mbere namwebwe bibasgikire nihomyzoca mumenyako twinjiye mukinyenjana ca 21
17 Nyakanga 2015, 15:21, par FESTUS
Mureke wana mutama nkurunziza pita yirire buyoya wewe niw yatwara neza abahutu bishwe kur buyoya banganiki banz mwishure amarira twarize murko mudutwara bufuni na buhoro
17 Nyakanga 2015, 20:03, par ISAIE
Ahubwo nibareke kwitwazango yahonyanze amategeko mugusubira kwitoza!mbeko batinye kuja mumatora sukobabonye atamajwi boronkakubera atamigambi bafise? ahubwo untu akwiyekwitoza jus quant lafin.
17 Nyakanga 2015, 20:03, par ISAIE
Ahubwo nibareke kwitwazango yahonyanze amategeko mugusubira kwitoza!mbeko batinye kuja mumatora sukobabonye atamajwi boronkakubera atamigambi bafise? ahubwo untu akwiyekwitoza jus quant lafin.
17 Nyakanga 2015, 22:37, par liLi
ibyo bibabazo bizagume iyo barabwiwe ntibumva. tuzabikumira nuzashaka kubyambusta tuzamumesa.
20 Nyakanga 2015, 09:11, par Onesmo
Abarundi Mwize Shira Imitima,mur Democras Nyakuri,yubaka,atarugushihana,canke Ivyicaro,mukamishe Uburundi Na Barundi,muvyiyuviro Vyiterambe,mureke,icokeza,wamusoda Ba Itwari,yigihugu,ureke Guhagatira Iyonkota,kubwoko,ukuri Kwawe Uyumusi Imana Irakubona,abarund Tushaka Amaho,