IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pacifique Nininahazwe: "Kuva kuwa 20 Myandagaro 2015 Uburundi nta mukuru (...)

Pacifique Nininahazwe: "Kuva kuwa 20 Myandagaro 2015 Uburundi nta mukuru w’igihugu bufise"

jeudi 20 Myandagaro 2015

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politike FOCODE amenyesha ko Uburundi budafise uwuburamutswa kuva mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015,umukuru w’igihugu ahejeje kurahira.

Pacifique Nininahazwe avuga ko umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo kugabanya ikiringo ciwe ca kabiri.Kubwiwe,umukuru w’igihugu abaye umukuru w’umurwi w’abarwanyi,ari naco gituma abanyagihugu bategerezwa kwirwanira.

Umukuru wa FOCODE avuga ko kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2015,abarundi bazohimbaza imyaka 15 iheze hatewe umukono ku masezerano ya Arusha,yatumye abarundi bava mu ndyane zo gukumira bamwe mu ntwaro.

Pacifique Nininahazwe amenyesha ko amasezerano ya Arusha,Protocole II,Ingingo ya gatatu,ku murongo wa 3 havuga ko ata atanumwe arekuriwe gutwara igihugu ibiringo birenga bibiri.

Kubw’ivyo,Pacifique Nininahazwe amenyesha ko ibwirizwa nshingiro riha ububasha umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma,gutwara igihugu mu kiringo nfatakibanza.

Umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko bakwiye kwitegurira gutwara ikiringo nfatakibanza gushika ku matora yisunze intwaro rusangi yosubiriza umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Urasesta wowe shyinga abacengezi ugende mwishyamba uziko abarundi sanze mukunda agapfa ra

  • T’es où pie!!pour commencer ton travail!!!le peuple t’attend.tout le monde s’est donné la parole pauvre burundi!!!

  • Mbega umuntu w"ikigwari!! Yarahiye rero iyahire Pacifique wa ntagongwa. Nkwifurije imyaka 30 mubuhunzi ukumva uko buryana naho ibindi uvuga ni ibigambo bitameshe wa muteramwakuwe

  • ayo niyamaraso yababanyeshure bo murutana ariko arakubiragiramwo amaraso yabarya banyeshure bomurikaminuza azoguhumira ahufyura amaso nkumunywi wurumogi abo banyagihugu ubwira Kurwanya l’ETA uzotujimbere wa muswa de KO tutigeze tukubona mumyiyerekano

  • ayo niyamaraso yababanyeshure bo murutana ariko arakubiragiramwo amaraso yabarya banyeshure bomurikaminuza azoguhumira ahufyura amaso nkumunywi wurumogi abo banyagihugu ubwira Kurwanya l’ETA uzotujimbere wa muswa de KO tutigeze tukubona mumyiyerekano

  • We know President Pierre Nkurunziza as the only legitimated President of Burundi, you just want to bring problems to our country go away. We need peace and we have voted for Nkurunziza which is final.

  • wewe warasaze kabisa,ivyo urimo nivy’abataye umutwe, ninka manstribation politique. wewe ntamukuru w’igihugu ufise ariko twe turamufise,ejo kuwa5 tuzobona uvuga ukuri uwariwe.

  • Komeza usare sha. Ngo bahaguruke birwanire bande? Abo watumye bagumuka ubu baracabikora. Ndabona ugira upfe nka karegeya shahu. Ese ko wahunze igihugu iyo uhaguma ukabaja imbere. Ntabwo abatutsi turi ibijuju vyo gukomeza kwicwa kubera abifuza ivyicaro vyo kwigwizaho itunga. Intambara izaherera iwawe.

  • Komera mutama wacu PACIFIQUE,tuzomutuza uwo mwicanyi nkurumbi nizo mbonerakunya ziwe,"L’UNION FAIT LA FORCE"

  • Nkurunziza yagomvye gutwara ibiringo bireze ivyabandi batwaye, ikiringo ciwe cakabiri coheze 26, akaba akigabanije kugirango iyi minsi yarasigaje ayite ikindi kiringo cagatatu kuko azoba arahiye 3. Iyo bayita igwara!!! Ariko ntawundi izosubira gufata kuko ndaziko abarundi bazomuvugutira umuti ujanye n’urugero rwiyo gwara kugezaho nabo yanduje bazowusomako. Dusenge imana ntibinyegeze kuko bategerezwa kuwunywa kugira ntibanduze abandi. Ndabasabe ntimubabwire kurura kuko tugomba kuburundi bukira !!!

  • ewe pacifique urateye ikigongwe ivyo bavyita akabonge ncuti...ingo ugifate wewe ko wiyemera.
    baraguhenze.mbega nka wewe woza gutwarira nde.!!!

  • Haaaa rindira tukwambike ipine ngo yarahiye iyaja kurahira kwanyina nayo ico nigihugu si ncana sukurota umuntu ngwaca igitwara haaazzzaaa

  • IVYO PACIFIQUE YAVUZ NIVYO CAN.UWOMUGABO ARUMVIKANAKO ARUWIJAMBO.

  • Bamurazibukiriye, Ntibabamare Kuko Murazi Ko Bazirana N’ Incabwenge Kugira Hagume Hatwara Ibigugu, Ariko Bizohera Mumisi Iza Incabwenge Nkamwe Zizokenerwa.

  • Uyu mugabo Pacifique numusazi? canke numukeha bwenge? Ahonti yoja kwa Rujanti Jewe ICO ntazi araha muburundi cake se yarahunze? Uyo nizinaryiwe rizimangane inyuma yindwi zibiri ahazob’ari hosi naho mwakagame si mwijuru basha.

  • REKA GUTA UMUNWA FUJI.KUVUGA MENSHI SIKO KUYAMARA.IYO NI INZARA GUSA?AHO UZOHAVA USHIKIRWA WEWE NZI?BURAKORA MISSION YOKWICA ABANTU.

  • this is the question ko avuga ko Pio ntavyohanyuma yokwitegura kurongora igihugu mbega we ibiringo vyiwe ntibihera aho wihenze cane

  • Mbega mbega!!! Umvandakubwire Prezida wuBurundi ni Nkurunziza 100% Mberekugerubu kuva utiyamirije Ko izinaryawe ntibashire mwaryamazina yinjavyi yumurwi urongowe numukuru winjavyi Leonard Nyangoma, ndasavye ugende ukomeze aryanabanga baguhaye muyerere Isiyose , wewe ntaburenganzira ugifize bwoguserukira ishirahamwe rizwinamategeko ndagusetse iyombandabishoboye nokukuvuma narikukuvuma ariko nurwakuvumye sirworuto.

  • WAMA WAMUKUYE Ibuka.comNininahazwe Pacifique
    May 13 ·
    ‪#‎Burundi‬ Hésitant, gêné, il semblait déjàmalheureux en arrivant ce matin àDar-Es-Salaam. Il n’a pas vu ses homologues. Juste avant la plénière, il a été informé de la déclaration du Général Godefroid Niyombare. Il a décidé de rentrer avant d’être informé que l’aéroport de Bujumbura est fermé. Il aurait tenté en vain d’atterrir àKampala puis Nairobi, enfin il serait retourné àDar - Es - Salaam selon certaines sources. Voilàl’homme que nous avons bien conseillé depuis deux ans, mais qui a choisi la voie de son humiliation.
    Pour nous, l’homme qui tire sur les manifestants n’est plus notre président. Nous restons mobilisés jusqu’au bout. Demain matin, nous débuterons la manifestation par la RTNB

  • @none haaaaaaaaaaa hiiiiiiiuuii uranvye uwavumitse hamwe na pacifique ubona ari pacifique haaaaaaaa ahubwo wewe imana yashizeko iki dodo kisumba ico yasize kurigahini urimwo amaraso meshi haaaaaaaaaaaa

  • Yemw yemw iyonkuru ntacondayivuzeko ntanz impanuro kubantu batanga komantere nibiyubar bareke kuza baratukana batangiciyumviro rushingantahe murakoz

  • emma

    pasific wasaze canke? hewe niwiyahure sha president wacu yahejeje kurahira ivyo navyo udawa niwuzi iyubikura kandi umenyeko atamurundi wumutima arinyuma yawe abo murikumwe turabazi nibabagumutsi mwahenda, hewe humura umukuru wuburundi ninkurunziza.

  • Arikubundi uyumugabo ntarwara igivuri niba atakirwa itabi ryaramwishe mwunvisi ibijambo yavuze? Harabantu bapfa bazize ubujuju bwabo ntinkaba rero mwo mutabarije aba ganga koko canke bakamujana aho bajanye kraveri mububirigi

  • Umuti wa Nkurunziza uri mugikoni uriko uratogota narindire abarundi twanka akarenganyo nagacinyizo kumugambwe CNDD ntashobora kudutwa kandi nakure mumutwe

  • reka turabe iyo bihinda bija?

  • Mwanka mwemera tuzobatwara mbemwemwe mwatway imyak ingah?nimwitonde ubundibwo muzokwibonerak nyakubahw Iman imujimbere ntangoran yifitiy nisebarundi

  • Mbe, pacifique, uho ubazungu mubahende ngo murafise abanywanyi mudafise namba. Abarundi twaraciye ubwenge ntitugihendwa nabagana. Henda nyangoma yabaye umuja wabagana. Kandi namwe ntimworuhira ubusa saba ubazunga babahe uho muba murabaye kugira mandat yanyu igire

  • yemwe ibi bintu birimwo amahinyu twese twari tuziko azorahira 26.none yikanziki? jewe ntabintu vyimigambwe ndimwo ariko ivyo bagize ntamibare babikoranye kandi bizodukwegera ubu vyerekanako uburundi atakihanura ikindi! none mwnyumvira rwasa ahengamiye mukibanza ikihe ko ntamwumva?

  • Ewee Pasike Zuranwaurumogirukerugosoye!Uzeukumwintete,nayahandi ugwishinzeruzogucisha mubakuru bagubitebakugireiyondoyondooooo!!!Ndakwitegerejeamasoyawe Mbonausanuwunwaubugoro.

  • REKA KUTUGUMURA NGO TWIGWANNIRE WIBEREYE MWIHOTERI NZIZA MWARAFUSOMOYE UBU TURIKO TURARYAGASHO NAWURIKURARYIMIRETE IMANA NIKUBABARIRE

  • Ivyo mutama wa focode yavuze nivyo ndabishigikiye mbega aba dd batey’isoni pe

  • Pacifique geza aho.Uzi uhenda abantu ngo jogororera mwibarabara ngo Peter Nkurunziza ntsubire gutwara uburundi.Wumviwe n abantu musangiye ubusambo 0.00001 sur 100 personnes.Igihugu ni icatwese reka kwiganza mka kakana kirwaye kwashi kiganzira kuri Nyina nabene Nyina.Peter ari ngaho aratwara gushika 2020
    nawe ba uraraba iyo uhungira.nko muri 2030 uragaruka abantu bapfuye bazira ubugumutsi bwawe bene bo bazoba baturiye baribagiye ivyo wabashize mwo.Peter nkuruniza ramba ramba ngora Uburundi n imana n abagabo babigutegetse

  • pacifique mwana w,i makamba uracari muto ntiwigereke uwomukuru w,ingozi aragusumba cane!numusubirire turabe aho ubicisha

  • bant b’Imana muze dusenge uhoraho niwe wenyene azi ibibereye uburundi n’ababubamwo.

  • uwo nininahazwe nateshwate naborucuditse hamwe muvyiyumviro.

  • Intwaro Rusangi yarane muri 93 ,murayibamba kumusaraba.muba mwikwegeye umuvumo.mufata icitwa igisanira ciyo ntwaro mwambika amapine muraturira.umwotsi uraduga ushikira Imana yari yatanguje uwo mugambi.rero mutihanye ayo maraso,igihe cose uburundi buzoba bugiye mumatora mutegerrzwa guhunga atawubirukanye.

  • Intwaro Rusangi yarane muri 93 ,murayibamba kumusaraba.muba mwikwegeye umuvumo.mufata icitwa igisanira ciyo ntwaro mwambika amapine muraturira.umwotsi uraduga ushikira Imana yari yatanguje uwo mugambi.rero mutihanye ayo maraso,igihe cose uburundi buzoba bugiye mumatora mutegerrzwa guhunga atawubirukanye.

  • Intwaro Rusangi yarane muri 93 ,murayibamba kumusaraba.muba mwikwegeye umuvumo.mufata icitwa igisanira ciyo ntwaro mwambika amapine muraturira.umwotsi uraduga ushikira Imana yari yatanguje uwo mugambi.rero mutihanye ayo maraso,igihe cose uburundi buzoba bugiye mumatora mutegerrzwa guhunga atawubirukanye.

  • ewe pacifique ntako utagira mukuvuga ariko mwadukwekey mu myiyerekano bamwe barapfa nne ngo twigwanire je sindimwo abarwan bararwana bafita ikibatuma ubu mwibey hanz turabira icuya namwe mukamererw nez

  • PACIFIQUE N’UMUGABO W’IJUNJA N’IJAMBO ABO BAMUVUGANABI NI BABACANGERO BASHAKA UTWO BARYA BAKORERA UTWOKURYA TWUMUSI UMWE MUKWIYEGEREZA NKURUMBI

  • Pacifique Ndaguhaye Pore Womenyakwamaseyakera Atagihoma Urutaro Si96ubu 2015ngwino umuyoboke uwushakasiwedushaka inyifatoyawe irababaje muvyukuri kuko iyosi demukarasi

  • Pacifique,ivyiyunviro Vyaw Bisubiza Inyuma Igihugu Kuk Ntushobora Kubwira Abantu Ngo Bigwanir Naw Wiberey Hanz Uzi N’ingoran Wadusigiy Mu Gisara Ca Bujumbura.Gerageza Wemere Aho Intah Yashize Kuko Natwe Twaravyemey

  • Pacifique,urumugabo canke nturiwe?Kibure ugitwara uhari?Genda ugicakire ugitware,witoreye weho ingoma mugiteme ugukoma unwivune.Mbegaho kotanyungu za politique uharanira ubivuze ushaka iki?Bawitonda mwa birafasha,mwananiwe na politike muzana ubuhumvyi NGO mudurumbanye igihugu cacu mwitonde!Murye mwigekurya agafi mwirobeye buraca bugacana ayandi,land ikidahinduka n’Imana gusa.Ntabwo ivyomwipfuza bizoba uko muvyiyimvira,ariko nkiko Imana ibishatse Niko bizogenda,mwihangane mubifate uko biri.Naho ubundi ntabwo abatemera President Nyakwubahwa Kurunziza peter barusha ubwinshi abamwemera,nibure ninka 80% yabamwemera kuri 15% yabatamwemera na 5% yaba njaho batsinze.Bigaragarako mushaka ibidashoboka, none muzoca mubagenza gute abamukunda mwebwe mumwiyamiriza?Twisunze democratie,mwebwe nibamutamwemera nimwihangane kuko namwe abanyagihugu ntitubashaka ,ntimuzodutwarakunguvu nkakera za 2972 gushika2005.Ayoma USA mwitwaza mugende babahe aho mushira izo leta zanyu,muronke ivyo murya.

  • Pacifique usigaye uri isake igeze ahari amatara ibika umwanya utariwo kubera idashobora gutandukanya ijoro n’umurango. Ikangure reka kurazinara ku murango. Gangahukira hiyo uri we rusake.

  • turiya intwaro nfata kibanza twarazisezereye mbe mukimwaka nimwe mwakimuhaye ivyanyu vyarahinyutse.

  • Mbega uyo mugabonumusazi arakwiye kuja kwipimisha akamenya neza ko ari muzima akwije mubwenge canke hari ikibura muriwe
    Nyameshi gusa yokwihutira kuja kwa muganga vyoba vyiza kurusha
    Ibisigaye navyo imigumuko yaramutaye kuwamazi tekereza sha nta majambo yawe ngaho
    Ikindi womenya uburongozi bwawe mwishirahamwe iryo shirahamwe wibuke ko rigiye kwugagwa mumisi mike cane.k

  • PACIFIQUE ARAGOYE KANDI ARAGOWE LETA YA NYANGOMA NTIYAMUHIMBAYE LETA YA YA SE.PETERO NKURUNZIZA NGO NTAYEREKWA MBEGA UMUNUHO!!

  • UMUTU AKURAVYE NTUTANDUKANYE NABAGIZIMS/...TWARAMUTOYE KAAABARYE MUSHAKAGUKORERINYAGA ZANYU GUSA.

  • nutwo nkuru yitorew mugishakashaka natwo mutumukur mukanwa?

  • Mu burundi umwe wese arakwiye gukora icajejwe peter narongore abarundi ariko amenyeko atazoba umutware mw’ijuru.ariko yifatira ingingo ariko yibuke nawe ko azozifatirwa

  • Mu burundi umwe wese arakwiye gukora icajejwe peter narongore abarundi ariko amenyeko atazoba umutware mw’ijuru.ariko yifatira ingingo ariko yibuke nawe ko azozifatirwa

  • abo bansi b’igihugu bashakako NKURUNZIZA yigumiza k’ubutegetsi bakiyibagizako intwaro zahitiye atamahoro abanyagihugu bazigiranye bivuy knubutegetsi bw’igikenye, bukumira aba nabariya ivyo bituma busenyuka kuko ukuri kwategerezwa gutsinda.

    none muriko mwandika muherekeza NKURUNZIZA mumanga!!!!

    ndababaze kok muzonamuherekeza mumakuba azocamwo?
    uwuzoramba azobona.

    ndangije ndemesha abarundi mwese dusangiy urugamba rwo kwirukana Ubu butegetsi bw’icaduka KO vuba Imana ya israël idakinishwa irya yama avuga acokora igra imwankira kuba kungoma

  • P#ssyf#ck n abawe nimusubize amero mw isaho yarabaciyemwo nka mbere!!!

  • Pacifique a une maladie mental. Hier NKURUNZIZA a fait une surprise, Abameze nka Pacifique baratangaye kandi bazokwama batangara, ubu baguma bavuga ayamuhe!Nkurunziza azogitwara musigarire mu majambo, Son Excelence NKURUNZIZA n’est pas seul.

  • Mbega ko nasomye ko ushigikiye homosexualité, umugabo yakurungoye canke wewe warongoye ni nde ngo tumumenye? Mbega umugore wawe wewe wamurondereye uwundi mugore nka we? Wewe rekana na politique kuko mbona ata maturité uzokwigera uronka muri ico gisata. Bandanya ucengetera uhenda abazungu baguha amahera wirira gusa kuko nivyo ushoboye. Mu Burundi hari abahutu n’abatutsi kandi abo nibo batanga ubutehetsi, mu gihe uciyumvirako hari ahandi uzobukura twarinjiye muri democratie, uzosangukira ku nzira upfe utanaburonse. Nturamenya ububasha abanyagihugu bahabwa n’ibwirizwa nshingiro uko bungana. Urabaza NKURUNZIZA akubwire iyo ubutegetsi buva kuko wewe yarabitahuye.

  • AHUBWO NIBAZ ABO BADAHARANIR IVYICARO VYAPOLIQUE DUSABE IMANA IGIHUGU CAC NTIGISUBIRE MUNDYAN

  • Abakanuriye amaso peter ko mbona barenze uwobahigihugu mbe bose bogitwara ?ndabatwenze hatsinda umugabo umwe abasigaye rindira imyaka itanu mwabagabo mwe atari ukwo muragowe.!!

  • Misuhuko pasi ndagusuhuje kuko ndumva wahahamutse. k atamukuru w igihug ariho gisimbirek ukibogore! nyaruka ntibagutang iyo wanerukiye ugiy ukironka. ntasoni gukenger abarundi nkah umeng ur i kuzimu. fata korogate wiborose uwomwand uguciye mukanwa.pu

  • Abo mwariye barakwiye carashikiye beneco. ntiwigez ukund ukubaho kwabo, ntan inyungu bafise mukubemera kwawe. mbe har ijwi ryawe ribavuga neza bagusavye? imbwambi ipfanir amer inyama shebuja yabaze. pole sana.

  • Cher Pacifique, ntuze urumvira ces extremistes biyumvira ubwoko gusa batabona inyungu zigihugu. Bandanya , kuko uvuga ukuri, kandi kuzitsinda ..rindira gato. Hama kurabo bashigikiye Nkurunziza, les autres pays avancent , kuko leur leadership barabona iyo Baja. Ariko Petero mumuraba , il est ridicule . De toute façon iyo agiye hanze agahura avec d’autres journalistes ndagira ubwoba iyo agire yishure ikibazo. hahahah umunsi umwe arikumwe na Kagame , Kagame yaravuze ahejeje umu journaliste aca abaza Nkurunziza , nca ndafunga amatwi , mbonye ahejeje ndabaza abo twarikumwe babanyamahanga bose nti : Yavuziki notre President ? Bati yavuze ngo : A ce que le President Rwandais a dit , je n’ajoute rien. Aratumaramaza gusa. Tuzomugwanya gushika ahave. Mwe muvugira ubwoko bwabahutu, ntabandi bahutu boteza imbere igihugu Atari cet illuminé de Président qui ne comprend rien àla Macro économie, géopolitique, developpement ... Ngo Imana irabibona ... Imana ifasha iwifashije . Tuzomurwanya gushika ahave, kuneza canke kunabi .. ivyo mubona ce n’est que le début .. kandi ndazi ivyo mvuga

  • Igihugu cacu Imana yo mw’ ijuru ni gihangaze hanyuma abo bavuga ngo tugiye kurwana ni abamenyereye kuduta mu nkumbi akaba aribo badushikije ino turi badushwiragira abandi bakabahendereza indya zitetse mu kubasunurira mu gahinga ngo bugare amabarabara no gusambura ingo zubatse ikijuju c’ umurundi niwe yobatega amatwi. Ndi muri Etas-Unies d’ Amerique kandi ndamenya icatumye nshika ino. Mba nkwiye kuba mu gihugu canje c’ amavukiro. Komera Nyakubahwa Pres. Nkurunziza abo bashaka ubutegetsi nibemere kuja mu matora yo mu mwaka wa 2020 ibirenze ivyo ni abagumutsi Kandi ni abicanyi bakwiye gutorerwa ibihano. Nta gihugu cacu twokwemera ko gisubira gutwarwa n’ abanyamahanga baganza kuducanishamwo ngo MWICE MUREKE! Uwuvuga ngo turwane si umwene gihugu ariko uwuvuga ngo twubake ni umwenegihugu. Amatora yarabaye ntayandi akenewe ubunyene mudashaka n’ abasigayemwo kubashwiragiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.