IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Pacifique Nininahazwe yiyamirije abariko bakoresha izina ryiwe mu (...)

Pacifique Nininahazwe yiyamirije abariko bakoresha izina ryiwe mu kwiyamamaza

lundi 13 Ndamukiza 2015

Pacifique Nininahazwe asanzwe arongoye ishirahamwe FOCODE ariyamiriza abantu bafashe isanamu yiwe, bayishirako ibimenyetso vy’umugamwe CNDD FDD, ariko ahamagarira abarundi gutora uwo mugambwe.

Nk’uko amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa Pacifique NININAHAZWE abivuga, iyo ari mu bikorwa vyiwe mu makungu, amenyesha ko yabonye kandi ko hariho abantu batazwi baherutse gutanguza urubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook, ruhamagarira abantu gushigikira ikiringo ca gatatu, hakoreshejwe izina ryiwe, n’amafoto yiwe, Pacifique Nininahazwe akavuga ko yamenyeshejwe kandi ko hariho abantu mu ntara ya Ngozi, bariko bakwiragiza ifoto yiwe bahinduye, ihamagarira gutora CNDD-FDD.

Pacifique Nininahazwe rero arongoye ishirahamwe FOCODE ataho ryegamiye muvya poritike, risanzwe riri no mu runani rw’amashirahamwe yishinze guhagarika ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kidakurikije amategeko, akavuga ko yiyamirije izo nyifato zigayitse, z’abo bantu bamuhindurira amafoto, bakayashirako ivyo bimenyetso vya CNDD FDD.

Tukabamenyeshe ko Pacifique Nininahazwe yamenyesheje kandi ko umutekano wiwe wabangamiwe bimwe bikomeye mu ndwi iheze, igihe yari ashitse ku murwa mukuru wa kimwe mu bihugu bibanyi, atashimye kuvuga izina, ariko akavuga ko yituye inzego zibijejwe kugira hakorwe amatohoza, abagira bamuhungabanirize umutekano bamenyekane.

Imwe mu masanamu Pacifique Nininahazwe yiyamiriza

Aristide Nizigire

Messages

  • BARIHENDA TURAZI KO UTOKORA IKOSA NKIRYO UGABE AHO BABUZE UKO BAKWICA

  • Nyakwubahwa Pasifike, ukomeze kubabwira abobazungu ntibashigikire amatora yomuburundi ntibageze ngobatange uburyo kukwimigambi yacu yocipfa kandi hano mu Burundi hariho abandibantubeshi bakomakomeye barikobaraomeza kudufasha kwenyegeza akariro,kugerubu nuwari resident Ntibantungaye arikwaranegura cnddfddyiuye inyuma.

  • ahubwo pacifique yarakwiye gushengeza vuba bwangu abo bantu biyamamaza bakoresheje ifoto yiwe batabifitiye uburenganzira kuko ako n’akagayo.

  • ahubwo pacifique yarakwiye gushengeza vuba bwangu abo bantu biyamamaza bakoresheje ifoto yiwe batabifitiye uburenganzira kuko ako n’akagayo.

  • NTAJWI RYA PACIFIQUE DUKENEYE KUKO RYOBA RIRIMWO UMUTI.ARAGUMYA HANYUMA DUTSINDWE.huuuuuuuuuuu.

  • Ahoo?
    none ko wama uriko uravuga ko akarere kose kagushigikiye iyo capital wagira ukubitigwemo niyahe ko utayibarira abarundi ngo tuyimenye???
    Uti:’’Restez prudents dans vos déplacements dans la sous-région’’.Mbe uretse wewe wama mu ndege ukeka abarundi bigwa baratembera nkawe ari bangahe?
    Sha ivyanyu birimo amahinyu

  • Mb nduwimana ntaco ugwaye? Ijwi rirabamwo umuti? Nn k mu gutora aziherera uzi gt k atazobatora?

  • @semana
    Ndagusavye umbwire iyo nkuru yoba ari pacifique yahatswe gukubitwa?Yari yatembereye dans la sous région ?vyoba vyiza umuntu abimenye,tohaza disi umpe iyo nkuru!! Iyo image iratwengeje ariko,ubona ingene vyamubabaje,niyumve ico abandi bumva ,médiats zikorana na we bariko barateranya abahutu,nawe yabonye ko natwe tubishatse twobikora nuko ata mwanya tuba turi muri vyinshi!

  • Abahutu benshi bazi ko Pacifique ari umututsi. Jewe ndamuzi neza, ni imvange cokimwe na Peter. Mumenye lero ko muzoba mwihekuye naho mubimenyereye.

  • Ahubwo abarundi ntaco muzi uyonyene yarakwiye gutwagwa mukibira bakamuca uwomutwe hanyuma akareka gutyoza umugambwe wacu.kuba kuba arumututsi akaba ariko yibutsa inguge gutora ibuye ntiyibazako vyogarukana amacakubiri menshi mugihugu iyo yabuze icavuga nabe yicara muhira aganirize umugore banana ubujwe jwe bwiwe apana kudutyoza.Ibisigaye Navy uwo muyekano wise wahatswe guhungabana ntivyagarukiye ngaho niyabandanya inyifato nkiyo bizomugarukako numuryango wiwe .Amako nareke kuyahagararako cane kuko numwana muto ntamenshi azi kurivyo.

  • Nashaka nibarize uwiyise BRI, kwica vyarakwijiye mu maraso birashika no mu musokoro wa magufa. Mbega mu mujanye mu Kibira mu kamuca umutwe mw’ibaza ko atawosubira gutyoza uwo mu gambwe wanyu? Bawutyoza ari beshi cane mbere nabagiye mu kibira kuwugwanira baratyoza, abahoze bawuvugira ubu nibo bawutsoza, RAJABU ntiyawugwaniye, Léonidas ntiwurwaniye, ba Richard nabandi benshi BRI amacakubiri urayafise kandi azokubiramwo, abatutsi naho uzobaja mu kibira ntizobamara mwari mwahereye kera cane ariko turacahangamye. Hari umusazi yavuze ngo : "Mwice abatutsi ariko musigaze uwuzobavura ijambo kuko ntimugira ijambo "ndahaye ndemera ko yavuze ukuri.

  • @amadeus
    Aravanze bisiguriki?Bitwunguraiki?uyo muntu ashaka kudusubiza mu gacinyizo ka batutsi ,wumva dusangiye iki?Noneho ntawuzomwica aba cnddfdd ntibicana,azopfa ugwa mayugi na rochereau

  • Abaciyumvira gihutu canke gitutsi musa n’abantu bapfuye nta nico mumumaze murakwiye kuva i buzimu mukaja i buntu. Ni mugire ivyiyumviro birashe bizotuma abarundi twese dutera tuja imbere. Mbe ndababaze , murazi ubwoko bw’abantu baba mu gihugu ca leta zunze ubumwe bwa Amérika? Ni nk’amajana!
    None murumva bavuga ubwoko? Soyez nationalistes au lieu de rester en arrière dans les propos ethnistes sans valeur.

  • Vuganeza,
    Uti aba cnddfdd ntibicana? Wewe ubahe? None urya Gelase Ndabirabe yabivuze abikuye he? Ariko sinumva igituma abatutsi aribo babateye ubwoba kandi isinzi ry’abahutu aribo bariko barabarwanya kandi aribo bagiye kubomora mumisi mike cane. Reka guhumiriza ubone ko igihugu cacu gikeneye abategetsi bagikunda. Kandi no muri cndd fdd ntibabuze nuko babohewe amaboko imugongo. Wewe uri umwansi w’igihugu canke uri ikijuju. Usanga uri mu Burundi nutekere womoke urukino murimwo rurarangiye.

  • Maze igihe nkurikirana ivyiwacu ndumva abarundi twese turushe intambara. Hari abahunze kuva kera bifuza gutaha u burundi rwabavyaye ariko inzitizi ni kutitaba amahoro n’urukundo Imana yaduhaye.Barundi ,Barundikazi ntakizotuma tudatsinda umusi duciye ubwenge tukamenyako hari abakoresha ku bwinyungu zabo kugira biyubake n’imiryango yabo. Mube maso ari umuhutu canke umututsi bose twarababonye. Kurije noreba ahejo tugana ahasigaye, abiratira ubwicanyi, ubusuma bwatwaye imitima yabo uti humura imisi ni 40. Ndevye ivyo nabonye kuva mvutse umuhutu canke umututsi ntaco bapfa uretse ubutegetsi bubi twagiye tugira kuva turonka independent .Mbe mbabaze Rwagasore yazize iki ko atatwaye ngo tumugaye canke tumushime? Aho da Ndadaye we? Yoba yazize ko atari gutwara? Kuki umuntu yaremwe mwishusho y’Imana mutomuha uburenganzira kubaho nkuko Imana yabimuhaye. Please Hutu Tutsi stop turarushe dushaka amahoro. Nkurunziza n’Adolphe baduhe amahoro kuko intambara y’Ubwoko twayirenze. Ahasigaye ni iterambere n’amahoro kuri mutura b’ Burundi.

  • PACIFIQUE ARABESHA CANE NTA BUJUMBURA ARARENGA UYO NDKURAHIYE....AZI IGITEGA GUSA!!!!

  • ikibazo c,amahoro kiraba buri murundi wese yaba uri mumahanga cank mugihugu nuwutahaba ahafis umuryango nibarek gutyoza iyo ntungane hama banyepolotike baduh amahoro bakore ico amategeko abasaba

  • Ico notererera nuko abantu boreka gutakaza umwanya wabo biyumvira ingene ubwoko bwototeza ubundi kuko Imana yaturemye ntabwoko nabumwe izigera yemerera ko burandura ubundi kuko twese twaremwe nayo kukaba nkako ijambo ry’Imana NTAHO TURABONA RIVUGA KUMUHUTU N’UMUTUTSI ahubwo rivugako mw’i si yose hari ubwoko 2 ubwabagororotsi nubw’abanyavyaha.
    None rero dukwiye guca bugufi mumitima yacu tugasaba Imana igakura amacakubiri mumitima tugahurira kugusabira amahoro igihugu cacu. Imana ihe abarundi twese umutima nkumwe yaha Umwami w’i NINEWE nabanya NINEWE bose bemeye imburi Imana yaritumanye YONA yavugako NINEWE hasigaye imisi40 hagakomvomvorwa kubwivyaha vyakorerwa murico ariko KUKO BEMEYE GUCA BUGUFI BAKAMBARA AMAGUNIRA IMANA YEMEYE KWIGARURA IGIRIRA IMBABAZI ABANYA NEWE BOSE.

  • umuntuwese yiyumviraguja,imbere,atanguyegucafuzauyundi,yohinduragukokirazira,kujamubintu,uciyekubandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.