Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PAM : Imwe mu nyishu zashitsweko mu kurwanya gufungura nabi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM : Imwe mu nyishu zashitsweko mu kurwanya gufungura nabi mu (...)

PAM : Imwe mu nyishu zashitsweko mu kurwanya gufungura nabi mu Burundi

lundi 22 Kigarama 2014

Uruhumyi, kubura amaraso, kugira ingorane zo mu mutwe, gukurana amagara mabi, kuvukana indwara z’ubumuga nka Spina-bifida, ni zimwe mu ndwara ziterwa no gufungura imfungurwa zidakwije ivyunyunyu.

Mu ntumbero yo kurwanya ingaruka zivuye ku gufungura nabi, ishirahamwe PAM ryitaho ivy’ibifungura rifadikanije na Reta y’Uburundi baragiye hamwe kugira bashobore kwemeza umugambi ujanye no kwongerereza ivyunyunyu mu bifungurwa.
Inyuma y’ibikorwa bitari bike vyari bimaze igihe bikorwa mu mugambi w’igihugu wo kwongerereza ivyunyunyu mu bifungurwa, ishirahamwe PAM mu Burundi ryatunganije uruganda rw’iminsi ibiri, kuva kuri uno wa mbere wa 22 Nzero 2014, mu ntumbero yo gusozerera hamwe ivyo bikorwa.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’urwo ruganda, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, muganga Sabina Ntakarutimana, yamenyesheje ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afrika bibangamiwe n’ikibazo co gufungura nabi. Intara za Ngozi, Kirundo, Muyinga, Muramvya, Karusi na Makamba zikaba arizo ziri ku rugezo rugera ku bice 71 kw’ijana mu gufungura nabi, Bujumbura Mairie nayo, ku bice 28 kw’ijana.
Umushikiranganji Ntakarutimana akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi imaze no gushira mu migambi nyamukuru yayo ico kibazo mu ntumbero yo kugabanya ugufungura nabi mu Burundi.

Bienvenu Djossa, umuyobozi akaba n’uwuserukira ishirahamwe PAM mu Burundi, yamenyesheje ko umugambi w’igihugu ujanye no kwongereza ivyunyunyu mu mfungurwa, ari umugambi udasanzwe uje nk’inyishu y’ikibazo co gufungura nabi kiraje ishinga Uburundi.
Ku bijanye no kwongerereza ivyunyunyu mu mfungurwa, Evelyne Ngomirakiza arongoye umugambi wa Reta witaho amagara meza biciye mu gufungura neza, PRONIANUT, yamenyesheje ko baravye imfungurwa zifungurwa cane, izo nazo akaba ari ifu y’ibigori, ifu y’ingano hamwe n’amavuta bizokwongererezamwo vitamine A n’icunyunyu Fer.

JPEG - 1.1 Mo
Evelyne Ngomirakiza arongoye umugambi wa Reta PRONIANUT witaho amagara meza biciye mu gufungura neza

Ku bibaza ko igiciro kizohava gica kiduga kuri ivyo bifungurwa, abanyagihugu bato bato bigahava bibagora kubironka, Evelyne Ngomirakiza, yemenyesheje ko atakizohinduka kinini, kuko Reta y’Uburundi yiyemeje kugira ibishoboka kugira umunyagihugu wese azoshobore kugura izo mfungurwa bitagoranye.

Tubibutse ko umugambi wo kwongerereza ivyunyunyu mu mfungurwa ari umugambi wigiwe hamwe n’ibisata bitandukanye vyo mu mihingo yose y’igihugu, Uburundi bukaba bwifadikanije n’ibindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko vyari bimaze gushika kuri uwo mugambi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe nibaza ko abarundi bahaze gose kuko iyo boba bashonje bogiye mwibarabara??ncanke bakiyamiriza ba musitanteri ,chef de zone, etc ahokuguma nkuruziza atibwira,democratie ??intwaro zitorewe,nabAnyagihu ??reka rero tuwote kuko acanye neza turasusurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.