Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Iterambere ntirivugwa hacibonekeza ubukene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Iterambere ntirivugwa hacibonekeza ubukene

PARCEM : Iterambere ntirivugwa hacibonekeza ubukene

jeudi 23 Nzero 2014

Inyuma y’aho ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta butangarije ko ubukene n’iduzwa ry’ibiciro vyagabanutse biboneka mu mwaka w’2013, ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo (PARCEM) ryashirije ivyiyumviro vyaryo kuri ivyo vyashikirijwe.
Mu gihe umushikiranganji bw’ikigega ca Reta, Tabu Abdallah mu cegeranyo yatanze avuga ko ibiharuro vyerekana ubukene vyagabanutse bishimishije, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM we avuga ko hatari bwagere ko bamenyesha ko Uburundi bwashitse kw’ihangiro ryo kurwanya ubukene.

Mu kiganiro co kuri uyu wa kane wa 23 Nzero ku bamenyeshamakuru, Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko Uburundi bugifise intambwe nini mu kurwanya ubukene na rirya ibice bigera kuri 67 kw’ijana vy’abarundi bakicugarijwe n’ubukene. Ati : "Uburundi ntibwoshobora kuvuga ko bwateye imbere mu kurwanya ubukene mu gihe hakicibonekeza ibimenyetso bitari bike vyerekana ko igihugu ataho kirigeza".

JPEG - 14.7 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Bimwe mu bimenyetso vyerekana ko Uburundi bukiri inyuma y’iterambere, akaba ari ibice bigera kuri 58 kw’ijana vy’abana bagifungura nabi, irwirirana ry’abantu riguma riduga rigeze ku bice 3 kw’ijana hamwe n’amafaranga mvamakungu (devise) akenye mu Burundi. Ikindi naco cigaragaje nk’uko vyashikirijwe n’uwo arongoye ishirahamwe PARCEM, n’uko Uburundi buharurwa mu bihugu bitanu vya mbere kw’isi bidashobora kwiteza imbere vyonyene bitaronse imfashanyo mvamakungu.
Faustin Ndikumana akavuga ko icegeranyo co gusozera umwaka w’2013 casohowe mu bushiskiranganji bw’ikigega ca Reta kitumvika, mu gihe vyagaragaye ko ariwo mwaka imfashanyo zagabanutse, n’amadeni Rata ifitiye ibisata bitari bike.

Ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo rikaba ryahamagariye Reta y’Uburundi guhindura ingendo, gukorera mu muco no kurwanya igiturire kugira igisata c’ubutunzi bw’Uburundi kigere ku ntambwe ishimishije nk’ibindi bihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.