Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Reta iratevya umugambi wo gushira amashirahamwe mu minwe (...)
PARCEM : Reta iratevya umugambi wo gushira amashirahamwe mu minwe y’abikorera ivyabo
jeudi 28 Munyonyo 2013
Ugushira amashirahamwe ya Reta mu minwe y’abikorera utwabo bituma ubutunzi bw’igihugu bwisununura. Ariko rero Reta y’Uburundi irakwiye gukuraho inzitizi zose zituma Uburundi buguma bukwega amaguru muri uwo mugambi, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Reveil des Consciences et l’Evolution des Mentalites).
Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Munyonyo, ishirahamwe ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo ryahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro, Faustin Ndikumana yamenyesheje ko ugereranije n’ibindi ibihugu vyo mu karere, Uburundi buriko burakwega amaguru mu gushira mu ngiro umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Reta. Avuga ko inzitizi zihari ari uko habuze umugambi utomoye (stratégie Claire de privatisation), ukudakorera mu muco no kudakwirikiza amategeko, aho mbere usanga urwego rushinzwe gushira mu minwe y’abigenga amashirahamwe ya Reta "SCEP" rutagishwa inama.
- Faustin Ndikumana arongoye PARCEM
Ikindi gituma Uburundi buguma buja inyuma ni ukudakurikirana amashirahamwe aba yashizwe mu minwe y’abikorera utwabo (manque de suivi évaluation). Faustin Ndikumana amenyesha ko akenshi ata na kimwe usanga ciyongeyeko kuri ayo mashirahamwe vyari vyitwa ko hagiye kuba akarusho. Aratanga uturorero,nk’ikivuko ca Bujumbura. Hari ugucerwa cane mu kurekura imitahe (retard dans la libération des capitaux), ishirahamwe COTEBU gushika n’aya mango ata bitenge rirasohora bizimbutse, hamwe n’igisata c’ikawa aho umwimbu utigeze wongerekana.
Ishirahamwe PARCEM risaba Reta y’Uburundi gukorera mu muco, gukurikiza amategeko, ubutungane nabwo bwigenge, kuko mu gihe butigenga abanyamitahe ntibizera igihugu ku buryo batinya kuzana imitahe yabo.
Mwomenya rero ko gushika ku genekerezo rya 31 Kigarama 2012, Uburundi bwari bumaze gushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe 16 kuri 32.
Floxella Karire
Messages
29 Munyonyo 2013, 17:18, par ndabakunda
ni ukuri ndashima- turashima- amakuru mudushikiriza. ni mubandanye mutera imbere natwe turi abanywanyi banyu.