Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Umugambi wo gukundisha igihugu wohera mubo hejuru kuko niho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Umugambi wo gukundisha igihugu wohera mubo hejuru kuko niho (...)

PARCEM : Umugambi wo gukundisha igihugu wohera mubo hejuru kuko niho hagwaye

lundi 7 Mukakaro 2014

Umugambi wo gukunda igihugu wategerezwa guhera mu bategetsi bakuru bakuru, mu kwiraba no mu kwititimura, kanatsinda umwera uva i bukuru ugakwira hose. Mw’ishirahamwe PARCEM basaba ko abategetsi bobanza kwerekana ubutunzi bafise kandi bakagira ingeso zerekana vy’ukuri ko bakunda igihugu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Mukakaro, Faustin Ndikumana umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) yamenyesheje ko muri PARECM bashima uwo mugambi wo gukundisha abarundi igihugu, ariko bakagira amakenga ko ushobora kugarukira gusa mu mvyino no kwiyereka abategetsi ku minsi mikuru. Faustin Ndikumana agira ati : "Ugukunda igihugu bitegerezwa kugaragazwa n’ingeso nziza kandi zibanza guhera hejuru mu batwara. Ariko rero, hari ingeso ziri mubo hejuru zitaranduranywe n’imizi zigaragaza ko atagukunda igihugu bishoboka. Izo nazo ni igiturire cimonogoje, abatunga basahura batosigura ivyo bafise, ukudahana ivyaha, kutihanganirana muvya poritike, ibibazo vy’ugutanga ubuzi aho uwutari muri "système" ataronka akazi, aho uwutari muri Reta umenga ni umwansi, n’abanyeshure bahejeje ntibaronke ubuzi, kutagira umuco mw’itangwa ry’akazi, kenshi na kenshi kagatangwa ata guhiganwa kuhabaye (compétition)."

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana, umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités)

Kubwa Faustin Ndikumana, ivyo biguma biboneka gutyo bituma n’umwana akiri muto akura abona ko arivyo karorero (reference) yokwama afatirako, nk’uko muri PARCEM babandanya babishikiriza.
Mw’ishirahamwe PARCEM basaba umukuru w’igihugu gukoresha inama abakozi bakuru bakuru ba Reta, babanze birabe, bititimure kuko niho hagwaye, hanyuma umwera uve hejuru ukwire hose. N’ubwo hari inama zama ziba ariko ugasanga ivyavuyemwo bihereye mu mpapuro, mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ko bizera ko umunsi umwe bishobora guhinduka hakaja abantu bafise ugushaka kwo gushira mu ngiro ivyoba vyasabwe muri ayo manama.

Faustin Ndikumana arangiza asaba ko hoba isekeza mu bategetsi, ryo kwerekana ubutunzi bafise kuva bagenwa mu mabanga, uhereye ku mukuru w’igihugu. Nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abisigura, niho abarundi bazoshobora kuvuga ko hari ibitanguye gukorwa mu vyerekeye ugukunda igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • abouvuga kohazoteba hakaboneka abohinduraibintu nibande twebweabarundi tubonako mutama nyakubahwa Nkurunziza kwazayarabihinduye ahobahora batwara ahohambere kuntwaroyagahotoro nihoubonako vyarivyiza kuko ndabonako aribo ugombako botwara nahobitagishoboka.niharambe MUTAMA niharambe CNDD FDD

  • Nawewe nyene reka kwishira inyuma kuko mubategetsi urimwo!,hera ngaho nawe mwishirahamwe ryawe urongoye imyaka n’imwaniko,mbega nkubaze weho iryoshirahamwe nicibare ciwawe??,ntagusimburana nabandi vyobamwo kugira ureke kuryigungirako?,ivyu uvuga ndemeranya nawe ko kenshi ari ukuri,ariko tangurira nawe ngaho mwishirahamwe urongoye,turazi ko nawe ufise itunga ryumurengera,gusa ico wokwirinda nukwigereranya n’umukuru w’igihugu.kuko ntaho inkoko izonganya inyama n’inka.

  • Nyakwubahwa mukuru wa PARCEM ivyuvuga birumvikana ariko ntakurinda kubabuka cane kukonawewe nambawiyuvamwo ubugororotsi ndibaza kutotubwira uwaguhimirije kugira ubumugororotsi ngerageje kwiyumvira numugisha wiherewe n’Imana niyabarero atashirahamwe ryarinze kuza kuguhimiriza ngo wakire iyongabire yokwumvako abategetsi bose bakwiye gukundigihgu muburyobwose bushoboka, nabandi twitezeko bazogenda barabonekerwa nkawe, ariko sukumvuga ko abobategetsi badakunda igihgu harinaho abeshiboba bagusumvya gukunda igihgu iryo nibanga ry’Imana, kandikindi wewe urikurahanura abandi abandi wosanga bafise ivyobakubonako ukwiye guhanurwa kugira ubemubakunda igihugu nkuko urikurabivuga,akarorero kaboneka wabonyeko harihuwanditse ko wewe wagize ishirahamwe nkitongo wahawe na so kandinivyo wosanga atakiringo kihari cerekanako giheze ucusubirirwa nuyundi! ivyorero mwinomyaka kumuntu akundigihugu sivyiza uraheza ukareka nabandi bagakora ivyowakora kugira musabikanye ivyiza vyomugihugu nivyonavyo biri mugukundigihugu vyukuri kuko bitabayivyo womengo ukunda igihugu kubera ugikamishamwo kurongora ishirahamwe nkubu hogirumuntu ajamwicokibaza urimwo harigihe ivyinyegeje mumutima wawe vyohava bicabija ahabona ivyurimwo urahanurabandi vyogukunda igihugu ugasanga habonekanye ko wewe bitakurimwo. Ndagije ndagushimirako wiyumviriye neza ikibi nukubwirabantu ngo nibajemwibarabara, kandi uyumusi mu Burundi nomubindibihugu abantu birirwa barakira mpemumweranda kandi abavugabutumwa mb’Imana ntibarigera babwira abakiriye mpemumweranda ngo bajemwibarabara kugira abantubose bakirire icarimwe Mpemumweranda, Nubwobirukwo ivyowavuze birumvika urasumba bamwe ba OLUKOME bashaka kwitiranya ivyubu nivyabaye 72 kokobaracari abana bato ntavyobabonye uyumusi babisoma mubitabogusa kukoyobaba barabibonye ntibaba bubahuka kuvugango barikobarandika amazina yabubatse amazumezameza i Burundi!!! Imana ikomeze kukwongera ubwenge murakoze. Ndi’Mama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.