IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri Ntabona ahanura abanyeporitike kutiruka cane ngo bahave basiga (...)

Patiri Ntabona ahanura abanyeporitike kutiruka cane ngo bahave basiga Imana

jeudi 5 Kigarama 2013

Ikibazo c’ibwirizwa nshingiro, ni ikibazo c’inkora mutima, kiraba ikintu Uburundi buhagazeko, ari naco gituma uwukoze ku mateka amwe amwe arigize, aba asambuye ubuzima bw’Uburundi. Ivyo bivugwa na Patiri Diriyano Ntabona, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE.

Uwo muhanuzi mu rwego rukuru rw’abashingantahe akaba n’umwigisha muri za kaminuza abivuze inyuma y’aho imigambwe itandukanye yaba iyiri muri Reta canke iyitavuga rumwe n’ubutegetsi, imenyeshereje ko ikibazo c’ibwirizwa nshingiro ciziziwe n’umugambwe umwe rudende CNDD FDD. Patiri Ntabona akavuga ko iryo bwirizwa nshingiro ryabonetse abarundi barushe, ribonekera mu masezerano yumvikanyweko n’imirwi itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

JPEG - 54.2 ko
Patiri Diriyano Ntabona

Iyo nararibonye rero ikavuga ko igikorwa c’ibwirizwa nshingiro atari igikorwa c’ugufyinirako, ari iryo kwitondera, na cane cane ko ryabonetse "abarundi baryanye". Avuga ati :’’Abatinya ko inama nshingamateka izohava iryanjanjwako, barasemereye ku nsamirizi no mu binyamakuru, none ubu naho bashaka kuja gusemerera bari mu mabarabara, bati nyabuna ntihagire uwurira igiti kiturirwa, bati ni ukubiganira kuko ico gikorwa kirengeye inama nshingamateka yonyene’’.

Patiri Ntabona akabona ko ukwiha amabarabara usemerera, atari igikorwa coroshe mu Burundi, na cane cane ko mw’ibarabara haca ibintu vyinshi, bibaye gutyo hari abaza bitavye akamo, n’abandi bitumira kugira batere akajagari, na cane cane ko abarundi, basigaye babangukirwa n’ukwica rwose. Ibarabara rero mu Burundi, ni umwana w’uwundi.

Patiri Ntabona asaba abarongoye iki gihugu ko bokinga ibintu vy’inkoramutima bituma abantu bita, bakaja gusemerera mw’ibarabara. Akaba ashima ko inama nshingamateka yiyumviriye ibiganiro. Ati : "Bahamagare abantu bose, babiganire bitonze, barabe ivyihuta amatora akeneye, babinonosore, babihinyanyure nivyaba bikenewe, kandi babigire mu buryo butekanye.

Patiri Diriyano Ntabona akaba ahanura abanyeporitike ko kuvyo Uburundi bushinzeko imizi, bobiraza, baze babiganire imitwe itagishushe ku kubera amatora, kuko hari ibintu bitayagirwa mu ruhagarara, eka kandi iki gihe, atari ciza kugira abarundi baze barakorana mu nkovu. Igihe c’amatora kigeze, imitwe y’abantu irashuha kuko amatora yamaze gutwara imitima abantu, ari naco gituma hokwirwa ayo mategeko yotuma amatora aba meza, maze ibindi bikirwa imitwe y’abantu itekanye, haheze imyaka, kuko wiruka cane, ugasiga Imana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyuvuze nivyo mutama. Ndakwemeye

  • Patiri Ntabona, impanuro zawe ziratsimbataje iryozinaryawe rya Patiri ubwengebwawe ubukoreshejeneza muguhanura urakaramba waracaguwe n’Imana. Amen. Ikindibinyereka nuko abarundi bavugaberekana kobadashaka uwogira icasaba abicishije mumigeri bimaze kuboneka kwaribobeshi mugihugucacu c’Uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.