Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Buyoya arafise icizere kungabo arongoye muri Mali
Petero Buyoya arafise icizere kungabo arongoye muri Mali
mercredi 17 Ndamukiza 2013
Pierre Buyoya arongoye ku buryo budasanzwe Umuryango w’Ubumwe bwa Afirika muri Mali, amenyesha ko naho badafise ibikoresho nk’ivy’Abafaransa, igikorwa co kugarukana umutekano muri Mali bazogitunganya nk’uko babisabwe.
Buyoya aremeza ko igikenewe atari ukwigeraranya n’igisoda c’abafaransa basubiriye muri Mali, ahubwo ari ugukora neza icabajanye
Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Le Figaro candikirwa mu Bufaransa, igisoda c’Ubufaransa catanguye kuva muri Mali.Abasoda b’Ubafaransa bakaba bariko basubirirwa n’abasoda bava mu bihugu vy’Uburaruko bw’Afirika bazofasha aba Mali kugarukana no gucungera umutekano ahantu hose Abafaransa batse intagondwa, zishingiye k’umategeko y’idini rya Isilamu zari zarigaruriye Uburarukobwa Mali.
Haheze amezi menshi abantu bakomeye kw’isi, binubira ukudakorana umwuga, kubura ibikoresho n’ingeso mibi z’izo ngabo ziva muri Afurika y’Uburengerazuba
Michael Sheeham umujanama mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi muri Leta zunze Ubumwe z’Amerika, yavuze k’uwo mutwe w’ingabo zo mubihugu vy’Afurika y’Uburengerazuba atakintu nakimwe bashoboye.
Buyoya we, avugako aribo bagize iciyumviro co kubohoza Uburaruko bwa Mali, imbere y’Abafaransa, ati ariko ko Abafaransa babarushije uburyo, ko ariko nabo biteguye kubasubirira neza kuko bagenda biyunga.
Uretsekuba ahagarariye Umuryango w’Ubumwe bw’ Afurika aho muri Mali, Buyoya yigeze kuba umukuru w’ igihugu c’ Uburundi ni nawe arongoye ibikorwa mpuzamakungu vyo gufasha Mali bita MISMA (Mission internationale de soutien pour le Mali).
Aristide Nizigire