IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero BUYOYA yakiriwe n’umuhuza Benjamin William MKAPA

Petero BUYOYA yakiriwe n’umuhuza Benjamin William MKAPA

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Imibonano y’iminsi ibiri hagati y’umuhuza Benjamin William Mkapa hamwe n’abagize urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura yasozerewe kuri uwu wa gatandatu, mu gisagara ca Bruxelles, mu gihugu c’Ububirigi. Muri urwo rugendo yagize mu Bubirigi, umuhuza Benjamin William Mkapa yarabonanye kandi na Petero BUYOYA yahoze arongoye Uburundi.

Inyuma y’uwo mubonano n’umuhuza, Petero BUYOYA yarashimye ko Benjamin William Mkapa yarondeye n’abatari bitavye imibonano iheruka kubera i Arusha, ariko amenyesha ko bizofata akanya kugira umuti w’ibibazo biri mu Burundi uboneke kuko ku bwiwe, hari abantu basa n’abatihutira kwitaba ibiganiro.

Uwo yahoze arongoye Uburundi avuga ko intsinzi ari uko Abarundi bose bohurira ku meza y’ibiganiro, yaba abo muri CNARED canke abandi bose bafise ivyo bashikiriza, yaba abo mu migambwe, imirwi yitwaje ibirwanisho, canke abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, babandanya kumenyesha ko batazokwigera bicarana n’abagize urunani CNARED, kuko bagirizwa ubugizi bwa nabi bubera mu Burundi, hamwe n’ugushaka gutembagaza ubutegetsi.

Reta y’Uburundi ivuga ko atariyo yanse kwicarana mu biganiro n’abagize urunani CNARED, ahubwo ko ari ingingo y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ibiganiro bizohuza abanyeporitike batafashe inzira y’intambara n’ubugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

  • NIBATE UMWANYA WABO NZOBA NDORA
    IMANA NTIHEBUWAYO
    IGISABISHO NICO KIRWANISHO GIKURU
    UWONMA NAGENDE HABA KU NABI CANKE KU NEZA

  • Mbega nubwo buyoya ajaguhura numuhuza ngwavugiki? uwo mw icanyi urazi abanabacu baba hut u 12 biga kuri Lyice Gatara yishe hanyuma ngwarafisivyavuga?

  • Aragifis man kuko niwe yatumye amasezerano yi arusha asinywa,kuvuga ngo n’umwicanyi naho kabisa ntawosumvya nkurumbi yica abahutu n’abatutsi atitayeho ngo n’abana canke abakuze,ahubwo ndakeka ari ikizingo c’umwojo satani yatwohereje ngo kitumare,ariko kirebesha vyose bitebe bitebuk bizokiban amazi yokukimesesha kugire tugihambe hanyuma kizukire kumaramara

  • Aragifis man kuko niwe yatumye amasezerano yi arusha asinywa,kuvuga ngo n’umwicanyi naho kabisa ntawosumvya nkurumbi yica abahutu n’abatutsi atitayeho ngo n’abana canke abakuze,ahubwo ndakeka ari ikizingo c’umwojo satani yatwohereje ngo kitumare,ariko kirebesha vyose bitebe bitebuk bizokiban amazi yokukimesesha kugire tugihambe hanyuma kizukire kumaramara

  • sengimana ntamahoro atangwa numuhuza amahoro nyakuri atangwa nimana yomwijuru

  • abarundi nitwemere tube turatwagwa dufashwekumatwi nkinkwavu-gushik’aho IMana izokora ivyayo.

  • UMWICANYI BUYONGA URIBUKA 68=72=73=88=93 AHOHOSE MWICA ABANA BABAHUTU WIBAZA IKI ???.BARAGUHENZE INKONA NTIYARUZWA HARUZWA INKOKO NDAKWIHANIJE NTUZOSUBIRE KWIYUMVIRA CNDD FDD IRAKURENZE HORA KWIVORA SEBARUNDI NKURUNZIZA WACU =KIRUNDO=BUSONI

  • UMWICANYI BUYONGA URIBUKA 68=72=73=88=93 AHOHOSE MWICA ABANA BABAHUTU WIBAZA IKI ???.BARAGUHENZE INKONA NTIYARUZWA HARUZWA INKOKO NDAKWIHANIJE NTUZOSUBIRE KWIYUMVIRA CNDD FDD IRAKURENZE HORA KWIVORA SEBARUNDI NKURUNZIZA WACU =KIRUNDO=BUSONI

  • Mbega Buyoya aracafise ivyo avuga mu Burundi. Emwe iyigeze kure ntakitayigera ihemba. Aho coup d’Etat imunaniriye n’akarwi kiwe, ubu naho ariko ategura iki? Cest dommage hagenda intore. Urabona Bagaza akaba ariwe yagiye imbere ga ntu!

  • Mutama biravugwa ko mwamenye amaraso menshi cyane muburundi. muzihane Imana izobabarira.

  • Buyoya yatwaye igihugu . amabi twabonye , naho yemeye democratie ariko ni indyadya kandi ntashobora kwemera amakosa yakoze Mbega izo ni za reserves yavuga nibacire imanza abagira amakosa niho igihugu cotekana ,

  • NONE UWO BUNYONYO WEWE YAGIYE MUBUBIRIGI NGWARONDERE IKI? GUTWARA? NAREKERE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA YAHEZAGIWE N IMANA ATWARE. NAYO BUNYONYO NAGENDE ATWARE IMIVYIMBA YABANTU YISHE MUMIGUMUKO BAMWE BATURIGWA NGO NIMBONERANONE UWO BUNYONYO WEWE YAGIYE MUBUBIRIGI NGWARONDERE IKI? GUTWARA? NAREKERE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA YAHEZAGIWE N IMANA ATWARE. NAYO BUNYONYO NAGENDE ATWARE IMIVYIMBA YABANTU YISHE MUMIGUMUKO BAMWE BATURIGWA NGO NIMBONERAKURE.

  • NONE UWO BUNYONYO WEWE YAGIYE MUBUBIRIGI NGWARONDERE IKI? GUTWARA? NAREKERE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA YAHEZAGIWE N IMANA ATWARE. NAYO BUNYONYO NAGENDE ATWARE IMIVYIMBA YABANTU YISHE MUMIGUMUKO BAMWE BATURIGWA NGO NIMBONERANONE UWO BUNYONYO WEWE YAGIYE MUBUBIRIGI NGWARONDERE IKI? GUTWARA? NAREKERE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA YAHEZAGIWE N IMANA ATWARE. NAYO BUNYONYO NAGENDE ATWARE IMIVYIMBA YABANTU YISHE MUMIGUMUKO BAMWE BATURIGWA NGO NIMBONERAKURE.

  • EW BUYOYA NAW UZOPFURUSH!

  • Mbega yemwe nyenicubahiro buyoya wagiyehe kowama utabara uburundi buri mukajagari turagutakambiye ngo ufate ibintu muminwe nkuko wabigize 96 ibintu vyayangaye ugasubiza ibintu muburyo ariho twahavuye turonkera agahengwe twaritumazemwo imisi kavuye kuma sezerano yarusha kuko reta mwarimurongoye yagurutse ikaja mubiganiro nabo bitavuga rumwe erega subira urabe uko wobigenza hanyuma abariwewe uca urongora nivyubu koko bisa nivyananiranye turakwizeye kuri umugabo wintwari

  • YEMWE NUBU TURACAPFA!! KUBONA BAMWE BAGUMA BADADAZA NGO NTIBOKWICARANA NA CENARED .YEMWE, IMANA IDUHANGAZE

  • Gustave! Ingona Yariye Abantu Benshi!!! Numa

  • Bakunzi b’Uburundi nimurindire mwihanganye Imana nyenicubahiro irabona Uburundi na Barundi uyo Buyoya arazi ivyoyakoze ahubwo nibamuzane abwire abarundi ivyo yakoze mu 1988-1993 nivyo yakoze muri kaminuza no mugisirikare.Ntituzomwihanganira tukimubona yatumariye abacu.

  • uwomwicanyi buyoya yamaze abantu beshi mumuha umubonano nkande uwo ntajambo afise kuko yaratumariye abacu ntaco afise yodufasha

  • Ndaryohewe Cane Kubona Umuhuza Yarakiriye President Buyoya.Abo Bashingantahe Bompi Bazi Vyishi Kuburundi.Ninabo Bitanze Kugira Amasezerano Yi Arusha Aboneke.

  • Buyoya, ubu turi muri 2016 kandi wewe nta ciza wigeze ukorera abarundi, ico bazokwibukirako n´ubwicanyi ry´ihonyabwoko bw´Abahutu.
    Nta tera Imbere ry´igihugu wakoze none wunva ushaka kugaruka ku butegezi kuberiki? Cette fois ci ico urondera ni wewe ukizi mugabo nta murundi azosubira kubikwemerera d´ailleurs ukenewe kubazwa ivyaha wakoze n´ubwicanyi. Igisigaye Tribunal international itaruguciriye, Abarundi bazorugucira vyanse bikunze kandi urazi ugobazogucira, wewe n´umuryango wawe. Ntuze wihende ngo uratashe kuko Abarundi bose barakurindiriye kugire urungikwe aho warungitse Abandi kuko ba Bikomagu barakurindiye.

  • igikuru nuko bokwicara bakaganira abo bose bafise ico bashkiriza.

  • BUYOYA NUMUSAZI ,AHO UMUKECURU ATOYE URUHINDU ,AHITA URUGANDA !NTAZOSUBIRA GUTEGEKA.NACIRE BIRARURA .GUHERA 62 -96 ABICWA BARI ABAHUTU GUSA @ AKAZI KA BUYOYA NIKO KA MICOMBERO JEAN GASHIRAHAMWE,SE WIWE MAREGEYA BAFATANIJE NA ANDRE MAREGEYA ,NIBO BISHE BURAMATARI WA MBERE UMUHUTU WO MURUYIGI DAMIEN CONGERA 1964 BUYOYA NTAKWIYE JTJA MUKIGANIRO NA KIMWE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BABITEGUYE NA RAJABU BAFASHWE MUMUGONGO NA KAGAME

  • nosabakoretayubundi,itokwicarana,nabantu.bashatse,kudusubizamwihumbi.kuko,nkuwomushingantaheyari,yatowenande,koyakubise,amakudeta,yisubiriza

  • buyoya? uragowe uribuka 88? wanyiciyd PAPA na MAMA kubugome bwawe waratwaye warahejeje wakinywamaraso we! aho wumva akamoto ka satani kagukwega hamwe na ngoyagoye yagushigikira kirya gihe muragowe!!!.

  • NSABA ABARUNDI N"AMAKUNGU KO BOKWIYAMIRIZA BUYOYA NTAKANDAGIRE MUBIGANIRO;AHUBWO AFATWE AJANWE MURI SENTARE MPUZAMAKUNGU ,KUKO YISHE NDADAYE YICA NTARYAMIRA AFATANIJE NA KAGAME . UMUKURU W"IGIHUGU NKURUNZIZA ABO YARI YAGIRIYE IKIGONGWE "BAKOZE UBWICANYI 1972 BAFATATANIJE NA COLONEL MICOMBERO N"UBU BARACARIHO BAHEREYE KURI CHARLES NDIZEYE MURUMUNA WA RWAGASORE BAFATWE ,KIMWE NA BUYOYA CNARED NIGIKORESHO CA BUYOYA ,SINDUHITE ALEX NA RAJABU HUSEIN

  • Buyoya ntaco twomuvugako kuko ivyo yagire akore twarabibony "imana ishimwe "

  • Turacafise ibigugu vyinshi, none Buyoya ko ari umuhutu yari kwica abahutu gute? Burya bwicanyi bwabaye 1988 bwatewe nabahutu ubwabo bahenzwe na Havyarimana ancier President du Rwanda, hama igisoda c’Uburundi kiratabara kuko carimo abatutsi benshi, hama ivyo muvuga ngo Buyoya iyo ataba we irya democratie na Amasezerano y’Arusha ntivyari kuba. Mureke kudedemba ngaho, yobura ico avuga mu Burundi namwe nyarucari mugifise?

  • Petero Buyoya Yarakoze Ihonyabwoko 1988

  • KUBERIKI URWANDA RWAKWIRIKIRANYE ABICANYI .AKARWI KASHATSE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BAGASANGE IYO KAHUNGIYE

  • Buyoya niyo yoza muburundi arinanzwe na ONU agomba kuzagandagurwa byanse byakunda. Kuko yishe benshi uwo mujeri.

  • Nibaje Mubiganir Bumvikane

  • Nibaje Mubiganir Bumvikane

  • iyo mbwa buyoya. yadukwegeye abahutu.

  • HAAA!!!ngugwogwarunani ruratanguye .ingwe igtwrigtngwa-ikgtangakuraka nibmerentakundi

  • JEWE ICOMBONA ICOMBONA KUBW’ IMANA DATA WATWESE ATARABAGIZE UBWICANYI UBUHIZI KUVAKERA MBONA IMBABAZI ZIRAKWIYE KUKO N’ IMANA YATANZE UMWANA WAYO YESU KRISO KUBWIMBABAZI YAGIRIYE ABOMWISI ARIKO KUMENYAKO UMUNTU ARUMUNTU ATAWUVA AMATA BOSE BAVA AMARASO UMWE WESE AKUBAHA MUGENZIWE. IVYAKERA BIKIBAGIGWA HAVAVUYE NGO NDAZI UBWENGE GUSUMBA ABANDI NAMBA UMUSUMVYA IVYA IYOKUDYA MUHE WEREKANE KOHARICO UMUSUMVYA NAYUBWENGE BUVA KUMANA IGABIRA BOSE ITAROBANUYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.