IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri MBONIMPA yatahukanye agashimwe kagira kabiri mu mwaka (...)

Petero Karaveri MBONIMPA yatahukanye agashimwe kagira kabiri mu mwaka umwe

jeudi 1er Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH yatahukanye agashimwe kitiriwe "Alison Des Forges 2016" gatangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch.

Ako gashimwe ko muri uwu mwaka w’2016 ka Human Right Watch gahabwa abantu bahevye ubuzima bwabo, bakihebera abandi mu kurondera iyubahirizwa ry’ubuntu hamwe n’agateka k’abandi.

Iryo shirahamwe mpuzamakungu rivuga ko Petero Karaveri Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe APRODH ryatanguye mu mwaka w’2001, yakoranye umwete ukomeye mu kurwanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, akaba n’umwe mu baharanira ako gateka bakomeye mu Burundi.

Ishirahamwe Human Right Watch rimenyesha ko kenshi Petero Karaveri MBONIMPA yatewe ubwoba, arapfungwa, mbere mu mwaka w’2015 ahakwa kugandagurwa, aho yaraswa, n’umuhungu hamwe n’umukwe wiwe baricwa.

JPEG - 60.8 ko
Petero Karaveri MBONIMPA atahukanye agashimwe kagira kabiri mu mwaka umwe

Ako gashimwe kahawe umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association pour la protection des droits humains et des personnes détenues) kagize kabiri aronse mu kiringo c’umwaka umwe, bwose akaba yaburonkeye mu buhungiro aho ariko aravurirwa mu gihugu c’Ububirigi, kubera amasasu yarashwe kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 2015. Ako kandi gashimwe ko muri uwu mwaka nyene kitiriwe intwaro rusangi (Démocratie) hamwe n’agateka ka zina muntu, akaba yagahawe n’inama nshingamateka ya Wallonie-Bruxelles, abagize iyo nama nshingamateka bose hamwe bakaba bahurije kuri Petero Karaveri MBONIMPA ko ariwe yohabwa ako gashimwe kubera ibikorwa arangura mu bijanye n’uguharanira agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • Yakarose Bikweyekubentakweriaritangabidasanzwe

  • Yo Nagatahukane iyontwari ikora iciza itaravye ubwoko canke umugambwe,nibamwongere nubundi bushimwe vyabinwamaraso vya nkurumbi ribe rirabiniga ubonako izomburamutima zizopfana ishavu nk’ishuri

  • Yakarose Bikweyekubentakweriaritangabidasanzwe

  • ESE AKOGASHINWE MUMUHA NAMWE NTIMUKIGIRA UBWENGE AHOMWOGAHAYE PETERO NKURUNZIZA WEYAYZANYE UMUTEKANO MUBURUND MUKAGAHAI UWATAYE IGIHUHU MUZO PFAGUC6

  • ESE AKOGASHINWE MUMUHA NAMWE NTIMUKIGIRA UBWENGE AHOMWOGAHAYE PETERO NKURUNZIZA WEYAYZANYE UMUTEKANO MUBURUND MUKAGAHAI UWATAYE IGIHUHU MUZO PFAGUC6

  • Félicitation mon vieu, Imana ikuzugame

  • Nintwari Ntibihenze Nagato

  • Nagateranye Na Kamwe Baha Magy Basubire Baze Batobe Uumtekano ,carundi Turi Maso Ntimwihende!!

  • niyirambire nyakugiri imana ivyi mana izomuha birenze kure yivyo nakomere zaho

  • Komera mutama wacu Mbonimpa,congratulation vya binywamaraso vya nkurumbi bipfe biyerera nka gahini.

  • NDABIVUGE KANDI NIMANA IRABIZI NUKURI AYOMASHIRAHAMWE NIYOYATAYE MURUDUBI UWOMURUNDI PIERRE CLAVER MBONIMPA MAZE EREMERA KUYAKORERA IVYASHAKA ARIKO AHEBA IGIHUGU CIWE KUGEZA AHOYASHATSE KO COZIKWA MAZE WEWE AKISIGARIRA ARIHIHANGANGE KW’ISI UBURUNDI BUMAZE GUFUTWA, ARIKO VYARASE ARIKO KUBERA YERETSE AYOMASHIRAHAMWE KO ATAKWO ATARIYAGIZE BARAHEZA BAKAZA BARAMUKUBITIRAKO BAMUREMESHA NINAYOMPAMVU MUZAMURUMVA NGUMURUNDI MBONIMPA YAHAWE AGASHIMWE BURYA UWOKURIKIRANA MUBIHUGU VYOSE ABITANGA KUGIRA ABANTU BABEHONEZA WOSANGA ARUWO MBONIMPA YEGERANIJE AMAFOTO YABA M23 BAPFIRIYE MIBIRWANO YABERA KONGO AKAYITA KWARABARUNDI BICIWEYO MUNTUMBERO YOKUGUMA ARINDERA IBINYOMA AGEREKA KURI RETA YU BURUNDI MUNYUMA MUNYUMA BAGASANGA NUMUBESHI YABESHE UWINIWE MUVUGA KWARIWEWAMBERE KW’ISI YAKOZE NEZA?
    ARIKO NDIBAZA KO KW’ISI NZIMA NIWEYABAYE UWAMBERE YEMERA AGAKORANA NABASHAKA KUZIKA IGIHUGUCIWE!!!

  • Akogashimwe Mwamuhaye Nikokazoza kutumara Bagura Ibigwanisho Abakamuhaye NiNyanka Burundi

  • Abantu bakoze neza nkawe nivyiza gushimirwa.Komera mutama waratsinze satani nkurumbi ningabo ziwe.

  • misago micheri mbe oyo mahoro nkurunziza yazanye yaya zanye hehe? niba yaya zanye munzu iwanyu mbe warabonye uwutanga ico adafise

  • Abasi Bakiremwa Muntu Ntibabura Mbe Bamwankiriki Ki mana Yamaz Guhezagir Atawuri Buvume Nibamwo Ngeze Kuko Ntako, Atitanga Kuvyakorer ,abarundi Nuburundi Murirusangi Komera Mtama Ramba

  • mbega munyumvira urwaruka yaroshe none bariko basamira isazi kumunwa mumakambi yimpunzi bazoronkako aho mumushimira?basha ibijuju ntibiri hake!

  • Ibigabomwenivyo abobazungu ntiboreka kubishimira mugihe bibafasha kugumiza ibihugu vyavyo kugumabikontororwa nabobazungu .

  • Ese Mwebwe Ko Muvugango Musuzuma Ivyiyumviro Dutaoga Ariko Wasoma Hepfo Ivyo Batanze Ukumva Isoni Nagahinda? None Birashika Hakabaho Ibibacika Mutabisuzumye? Niba Mubisuzumase Ibibitutsi No Gutyozanya Bamwe Nabandi Kandi Mu Mafuti Kuki Mureka Bigatambuka Ku kinyamakuru Canyu (cacu)? Twisubireko Mu Kuvuga No Kwandika.Harya Kunyara Ingenda Siko Gushika Amahoro.Mbaye Nsaba Ikigongwe Kuwokwumva Iyomvugo Yanje Imukomeretsa Umutima.Murakoze

  • Ese Mwebwe Ko Muvugango Musuzuma Ivyiyumviro Dutanga Ariko Wasoma Hepfo Ivyo Batanze Ukumva Isoni Nagahinda? None Birashika Hakabaho Ibibacika Mutabisuzumye? Niba Mubisuzumase Ibibitutsi No Gutyozanya Bamwe Nabandi Kandi Mu Mafuti Kuki Mureka Bigatambuka Ku kinyamakuru Canyu (cacu)? Twisubireko Mu Kuvuga No Kwandika.Harya Kunyara Ingenda Siko Gushika Amahoro.Mbaye Nsaba Ikigongwe Kuwokwumva Iyomvugo Yanje Imukomeretsa Umutima.Uburundi Burabuzemwo Urukundo, Uwutica Akoresheje Intwaro Akoresha Akanwa Kiwe Ntamahoro Tubuze Ikibazo Nuko Abari Kuyagira Batayashaka.N’akanwa Kacu Karemeza Ibiri Mumitima Yacu. Ese Mwebwe Ko Muvugango Musuzuma Ivyiyumviro Dutanga Ariko Wasoma Hepfo Ivyo Batanze Ukumva Isoni Nagahinda? None Birashika Hakabaho Ibibacika Mutabisuzumye? Niba Mubisuzumase Ibibitutsi No Gutyozanya Bamwe Nabandi Kandi Mu Mafuti Kuki Mureka Bigatambuka Ku kinyamakuru Canyu (cacu)? Twisubireko Mu Kuvuga No Kwandika.Harya Kunyara Ingenda Siko Gushika Amahoro.Mbaye Nsaba Ikigongwe Kuwokwumva Iyomvugo Yanje Imukomeretsa Umutima.Uburundi Burabuzemwo Urukundo, Uwutica Akoresheje Intwaro Akoresha Akanwa Kiwe Ntamahoro Tubuze Ikibazo Nuko Abari Kuyagira Batayashaka.N’akanwa Kacu Karemeza Ibiri Mumitima Yacu. Murakoze!

  • Muzotubwire niyapfa tumucekumazi gusa, guhemukira uburundi nabarundi yarabirangije!

  • Burundi : L’échec de la transformation mouvement rebelle àparti politique du CNDD-FDD au Burundi. Une question d’équilibre entre le changement et la continuité - Par l’Hon. Gervais Rufyikiri
    http://www.africania-news.com/burundi-lechec-de-la-transformation-mouvement-rebelle-a-parti-politique-du-cndd-fdd-au-burundi-une-question-dequilibre-entre-le-changement-et-la-continuite/

  • Nukuri Birahimbaye.
    Mugabo Araba Atarimwo Mubahay Basabira Ibihano Abarundi

  • Well said @vicent ndashima cyane ibitekerezo byawe byiza utugejejeho team yikikinyamakuru I kwiye kwicyebura ikajya isuzuma ibitekerezo bitambuka kko harimo ibitukana, harimo abantu wibaza niba bararezwe bikakuyobera les paroles s’envollent mais les ecris restent harimo ibitekerezo biroga bya giterahamwe kabsa

  • vyaribirkwiy na cumi mumwaka ham nababwy

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.