IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Karaveri MBONIMPA : "Twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana (...)

Petero Karaveri MBONIMPA : "Twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana ivyaha"

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH, aho ari mu gihugu c’Ububirigi, arashima ko yasubiriye kuvuga neza n’ijwi ryiwe nk’uko yahora imbere y’uko araswa, akavuga ko n’amagara yiwe yifashe neza. MBONIMPA yemeza ko ku ruhande rwiwe yamaze kugirira ikigongwe abashatse kumugandagura, ariko agasaba ko ubutungane nabwo bwokora igikorwa cabwo.

Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko yamaze kubabarira abagira bamugandagure, hamwe n’abagandaguye umuhungu wiwe, umukwe wiwe, hamwe n’abandi barundi isinzi bishwe.

JPEG - 73.6 ko
Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH

"Ndemera Imana, batwigisha kugira ikigongwe. Ku bwanje, naramaze kubagirira ikigongwe ku ruhande rumwe. Ariko ku rundi ruhande hari ubutungane. Ukubera ubutungane ntibugirira ikigongwe, ubutungane burahana, ubutungane burakosora. Ahandi ho tuvuze ko ubutungane buzotanga ikigongwe, twoba tubaye ku ruhande rw’ukudahana ivyaha. Rero ku bwanje vy’ukuri, naragiriye ikigongwe ababikoze n’abo babikoranye."

Petero Karaveri MBONIMPA avuga ko abandanya urugamba rw’uguharanira agateka ka zina muntu, kugira ibibazo vy’Uburundi bitorerwe inyishu bidaciye mu nzira y’ubugizi bwa nabi. MBONIMPA avuga ko atazoguma gusa abandaniriza ibikorwa vyiwe mu gihugu c’Ububiri aho asanzwe ari, akamenyesha ko azotaha mu gihugu ciwe, mbere akizera ko imbere y’impera z’uwu mwaka w’2016 azoba ari mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.