IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza asaba urwaruka kwirinda ingendo yose yodurumbanya (...)

Petero Nkurunziza asaba urwaruka kwirinda ingendo yose yodurumbanya amatora

mardi 26 Myandagaro 2014

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, kuri uwu wa kabiri yahimbaje imyaka ine asubiriye gutorwa mu kiringo ca kabiri c’ukurongora Uburundi. Ku myaka ine amaze arashima intambwe Uburundi bugezeko, agahamagarira abarundi kwijukira ibikorwa n’ukwitegurira amatora yimirije mu mwaka w’2015.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira abarundi bose gukora, bisunge umugambi w’igihugu werekana uko igihugu c’Uburundi kizoba kimeze mu mwaka w’2015, bongere bafatire kuri wa mugambi wo kurwanya ubukene. Kugira abarundi bashike kw’iterambere bipfuza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko Reta yakoze ibishoboka vyose ikorohereza abanyamitahe mu bitari bike, na cane mu kugabanya umwanya n’ibisabwa kugira umuntu ashinge ishirahamwe, aronke impusha zo kwubaka canke urupapuro ndangatongo.

JPEG - 1.2 Mo
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Petero Nkurunziza avuga ko iterambere nyamukuru riva ku ndongozi nziza ziba zitorewe n’abanyagihugu, ari naco gituma yahamagariye abanyagihugu bose kwitegurira amatora, ariko amenyesha ko intambamyi nyamukuru zishobora gutoba amatora ari umutekano muke mu gihugu, ubumenyi buke n’ishaka rike vy’abanyeporitike, hamwe n’uburyo buke bwo kuyategura no kuyakurikirana gushika arangire. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwizeza ko amatora yo mu mwaka w’2015 azogenda neza kurusha ayandi yose Uburundi bumaze gutunganya muri kahise. Kubwa Petero Nkurunziza, umwizero w’uko ayo matora azogenda neza uri mu mahoro n’umutekano birangwa mu gihugu, imibonano hagati y’abanyeporitike imaze kuba kenshi, itorwa ry’amategeko agenga amatora, hamwe n’uburyo bwo kuyategura Reta iriko iratororokanya ibifashijwemwo n’abasanzwe bafasha Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije ry’uguhimbaza imyaka ine amaze ku butegetsi ku kiringo ca kabiri, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umurwi ujejwe amatora, ko bokora ku buryo kwiyandikisha kw’abazokwitoza kwogera abakwije ibisabwa n’amategeko bose baronse amakarata karangamuntu. Petero Nkurunziza ati : " Ariko n’abo bategura amatora baze barakira n’ivyiyumviro bifasha gutunganya neza amatora, kandi bitanzwe mu rupfasoni. Tukaba dusavye abanyamigambwe, cane cane urwaruka, kwirinda ingendo yose yodurumbanya amatora. "


Egide Nduwimana

Messages

  • NONE PRESIDA KO ATAVUGA KO AZITOZA NGO TUBE TURABIMENYA HAKIRI KARE?

  • NONE PRESIDA KO ATAVUGA KO AZITOZA NGO TUBE TURABIMENYA HAKIRI KARE?

  • Kugiravyorohe ningoga canke muribimwe kerabita urufasoni umutwewamajamwo ntieikwandika ngo’ Petero Nkurunziza’ ahubwowarikwandikango Umukuru wigihugu cu Burundi Peterson Nkurunziza. Murwandahoho bazillion icobisigura bavugango: Nyakwubahwa umukuru wigihugu cacu.................

  • Reka tuvyize kuko ntawotanga Imana guheba muga Nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu ahanune imbonerakure zireke kuza ziradurumbanya amanama y’imigambwe itavuga rumwe nuwuri kubutegetsi.

  • @Mama gugu??imbere yuko ukosora igihe?bazawikosore
    wewe ??jewe nibaza ko atamugore ufise ?ncanke so?kuko buva ingene wita uwundi mugabo nyakubahwa!!?????hanyuma umugore wawe aka kwemera ??jewe numva ataho atadukaniye numuja koko urumuja

  • MUZOKWAMA MUMUBONA MUBABARA, KOMERA NYAKUBAHWA MUKURU WIGIHUGU CACU !!!!!!!!!!!!!!!!!! UWUZOTEGA IMITEGO LETA IZOMUHITANA!!!!!!!!!!!! UWUZOWATSA BAZOWUMUZIMIRIZAKO!!!!!!!!!!! AYO MAJAMBO ARATOMOYE?!!!!!!!! NANJE NOKWONGERAKO NGO IGIHE COKUBIHANGANIRA CARARENGANYE, UBU NIGIHE CO GUHANA.

  • amatora azogenda neza twese turabizi abayatinya bamenyeye gutwara kubera imishikirano bahofore azomeneka namwe igihe mwikosore uko nugusuzugura umukuru w’igihugu urya mutwe wamajambo mwatanguje mwarimwo akagay iyo mwandika"umukuru w’igihugu cacu" vyaca bifuta ikiri ku mutima wanyu?

  • yaba wategeka rwokumvira urworwaruka mugabo tubona kurumukuru wigihugu ingingo zifatirwa ahandi,ntivyumvika kumukuru wigihugu atanga itegeko ntirikurikizwe aho bavugimbonekure hahindutsiki cank numugambi wanyu wokuguma kubutegetsi?ntawuzohagisi muga

  • Ere ga ngira yaravugishijwe!!!!!!!!!!!!!!!! muga ntaze ate umwanya ngo avu ge ngo aziyongera .dukeneye UBURUNDI BUSHASHA,ATABASUMA,ATABICANA?

  • Natwebwe abanyagihugu batobato tusaba imana ituje imbere k tugira amatora agende neza kugira turabe kohoba akarusho .

  • Ivyiwe twabihaze dukeneye umukuru akunda abanyagihugu atari ivyuruheyiheyi Mbega aho avuga kangahe iyo abarundi birigwa bararira bahohoterwa n,ivyirigwabbiraba ntitubironkereko umuco.twamukunda kera atarubu.

  • ewe mukobwajana urikijuju pe!!!! wew urabaza amata ko yera????? nimba utarabimenya reka jerero nabikubwire ko azokwitoza nye.maze nkabo ba frank badashaka ko nyenicubahiro petero nkurunziza abatwara ntangorane nibatekere ubushambara baje iyo bazobatwara neza dawe wanje ko wumva bahimvye intwaro yumukuru wigihugu cacu

  • Umukuruw’igihugu cacu no mu avuga neza ariko imvugo yiwe ntijana ningiro.Aribagiye akajagari, ubwicanyi ubusuma bikorwa n’imbonerakure z’iri mumugambwe arongoye? Avungo ngo intwaro ibereye,ko yanse kuva kubutegetsi kandi amaze ibiringo bibiri. Niwe atumye abarundi isinzi bicwa n’inzara.Ahubwo nabise habe amatora meza atabusuma nkabumwe yagira, haze umu President azitaho abanyagihugu apana Nkurunziza kuko arariye abarundi.

  • EMWE JEWE UBUJUJU NDABWEMEYE ARIKO NASHAKA KUMENYA SI BIBI !!!ARIKO AZOBONA KO ABARUNDI BAGONA BARI MASO .MBEGA NGAHA NTA MATEGEKO AGIKORA?KO BAVUGA NGO AMATEGEKO ,AKAVA MURI MISSION ASUBIZA AMAHERA YAGIRA AHUME AMASO ABAHUTU ???SINZI KO ARIWE MUHUTU WE NYENE YOTWARA ???...NIMBA DUFITE ABAHUTU BAMEZE NKAWE NTACO DUFITE.!!!!.ABARUNDI BARAKENYE ABAHUTU BAKARUSHA KUKO NIBO BENSHI...MBE PETER YAKOZE IKI KUKI ATIGIRIRA BILAN>????GUHENDA ABANTU GUSA ARIKO AMENYE KO MANDAT IHEZE IBINDI ARI IKINAMICO YA KAGWI KIWE !!!!!

  • EMWE JEWE UBUJUJU NDABWEMEYE ARIKO NASHAKA KUMENYA SI BIBI !!!ARIKO AZOBONA KO ABARUNDI BAGONA BARI MASO .MBEGA NGAHA NTA MATEGEKO AGIKORA?KO BAVUGA NGO AMATEGEKO ,AKAVA MURI MISSION ASUBIZA AMAHERA YAGIRA AHUME AMASO ABAHUTU ???SINZI KO ARIWE MUHUTU WE NYENE YOTWARA ???...NIMBA DUFITE ABAHUTU BAMEZE NKAWE NTACO DUFITE.!!!!.ABARUNDI BARAKENYE ABAHUTU BAKARUSHA KUKO NIBO BENSHI...MBE PETER YAKOZE IKI KUKI ATIGIRIRA BILAN>????GUHENDA ABANTU GUSA ARIKO AMENYE KO MANDAT IHEZE IBINDI ARI IKINAMICO YA KAGWI KIWE !!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.