IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza na Paul Kagame bahuriye i Butare mu mubonano

Petero Nkurunziza na Paul Kagame bahuriye i Butare mu mubonano

lundi 13 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu mubonano kuva mu gatondo ko kuri wa mbere na mugenzi we Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda. Bitegekanijwe ko bompi baganira ibijanye n’ugukomeza amahoro mu karere ibihugu barongoye bihurikiyemwo.

Amakuru dukura mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu atumenyesha ko Petero Nkurunziza arongoye igihugu c’Uburundi yagiye kuri uwu wa mbere kubonana na Paul Kagame w’igihugu c’Urwanda, kugira baganire. Muvyo baganira muri uwo mubonano ubera i Butare mu karere ka Huye, hafi y’urubibe Uburundi buhana n’urwanda, harimwo ikibazo c’ugukomeza amahoro muri ivyo bihugu bisanzwe bihana imbibe, bikavugwa ko n’ikibazo c’impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda baza kugivuganako. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

JPEG - 35.2 ko
Petero Nkurunziza na Paul Kagame

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza agiye kubonana na Paul Kagame mu gihe igihugu c’Urwanda kibandanya kwakira abanyagihugu b’abarundi bavuga ko bahunga umutekano muke utumwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe wa Petero Nkurunziza, abo banyagihugu bakavuga ko izo mbonerakure zahawe ibirwanisho. Amakuru ava mu gihugu c’Urwanda avuga ko abanyagihugu bamaze guhungira muri ico gihugu baharurwa mu bihumbi bitatu, ico gihugu naco kikaba caramaze kwugurura amakambi abiri abandanya kwakira izo mpunzi z’abarundi, iya mbere ikaba iri ahitwa mu Biryogo, mu Murenge wa Gashora, akarere ka Bugesera, ikambi ya kabiri nayo ikaba iri i Nyanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • @Ewe Peter!je mbona ko mukunda abarundi,ariko hari bamwe batabibona.Mwe na kagame ni mukiganireko nkuko mwipfuriz’amahoro ibihugu mu dirigeant izo mpunzi zigaruke vuba mugihugu c’amavukiro bazo kwitabe amatora ya 2015@

  • Ewe Didace,Wewe ubabaye amatora nabo babaye ubuzima bwabo , ni mubareke rero umwe wese akore ico umutima wiwe umurongoye, ko abakunda naze abahetse. ego mama!! raba ingene amaramara honyene.

  • Ikibanza Nkurunziza yakiriwemwo n’intebe bamwicaritseko bivuga kurusha ururimi. Je ne dis pas plus. I do not say more.
    Kagame s’est déjàrangé, Nkurunziza devrait y penser.

  • Ewe Mutama sha!iyo ntebe ubonye arimbi ? none wagira amusasire indava?mbega intebe monsieur "Nvako Reka kungorera ubwenge bwanje" yarakeneye isumbaho niyihe?agasongabugari ? urujo ? huuuuuwe sigaho sigaho kuri we iyo ntebe ni super luxe.

  • Ese wewe ugira coment kuntebe,ubona kagame we yicaye ku divant.erega bahuriye ruguru.aho ngaho niho heza habonetse.hama Nkurunziza kumaramara ntavyo yobura.President utagira ijambo iwe

  • MWe mwamenyereye ivyicaro vyiza vyiza nimwe mupfukamye igihugu munda ngo mugomba kugisubirako vyanka vyakunda none mugeze naho mubwira abantu ngohunga pita agasubira kwitoza amaraso araseseka nyakubahwa urazi nawe koyibera mubanyagihugu izontebe nazo urazi kwataziriyo muveko cira birarura ryumwungu ureke ibamba

  • MWe mwamenyereye ivyicaro vyiza vyiza nimwe mupfukamye igihugu munda ngo mugomba kugisubirako vyanka vyakunda none mugeze naho mubwira abantu ngohunga pita agasubira kwitoza amaraso araseseka nyakubahwa urazi nawe koyibera mubanyagihugu izontebe nazo urazi kwataziriyo muveko cira birarura ryumwungu ureke ibamba

  • JEMBONA YAMWAKIRANYE ITEKA. KIRETSE UWTTABIZI.NAWENE AHORA YAKIRIRIA ABAKURU MEME MU BILKORWA RUSANGI ,MUR RUFURI, SUKUVUGA KO ABA ABAGAYE, BIVANA NA CONTEXTE DE LA VISITE

  • Abihenda ko Petero yagiye kugarukana impunzi muramaramara. Ibintu 3 Petero yagiye kurondera ni ibi bikwirikira:

    1) Gusaba ubuhungiro bwa famille yiwe

    2) gusaba inama z’ukungene abanyagihugu bosubira kumwizigira (presque impossible)

    3) ku negocier gutanga interahamwe zo mu mbonerakure hama kagame nawe akirukana impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda

  • aba baraziranye ni mubareke ibyo bakora barabizi. mwe muri abana batocyane muri urworukino.

  • Nipfuza kumenya iyo deux dictateurs bahuye ico bayaga.

  • jewe niyumvirako nkurunziza ariko akora ibishoboka vyose kugira arabekobogaruka muntumbero y,ukumugambwe wiwe ucusubira guhimiriza imbonerakure zigire iterabwoba kubarundi batari muri cndd ffd ngobashigikire peter kukiringo cagatatatu nyimba ashaka amahoro mugihugu nafute imbonerakure acanavuga ko atazokwitoza urabeko haruwusubira guhunga yongere areke abanyapolitike barihanze batahuke ataraho muburundi turashoborakugira ibibazo bikomeye cane ingandazigatikira

  • NAHO HARIHO ABAPFA KWANDIKA IVYO MWISHAKIYE NAGOMBA KUBAMENYESHA KANDI NA MWEBWE MURABIBONA KO NOTRE CHER PRESIDENT YITAYEHO AMAHORO NITERAMBERE GUSUMBA IBINDI VYOSE!!!!

    TURAGUKUNDA MUTAMA AHO ABANDI BARIKO BITWAZA IBIRINGO NIBINDI BITAGIRA UMUTWE N’AMAGURU MUTAMA WEWE YISHIKIRA KUKIVI.

    NKABONERAHO GUKEBURA ABO BAVUGA AMAJAMBO ATAGIRA UMUTWE N’AMAGURU KO BOBIHEBA BAKAGENDERA INDERO RWAGASORE YATURAZE.
    UMUKURU WIGIHUGU UMWANKA CANKE UMUKUNDA UHAMAGARIWE KUMWUBAHA MUGIHE AGITWARA KUKO NGIRA MWE MUPFA KWANDIKA IVYO MUTAZI.....MUZORABE IGIHUGU KITAGIRA UWUGITWARA AMARIRA N’AMAGANYA BIHABERA...NI HATARI.

    KANDI WEWE WANDIKA IVYO UMENYE KO UBANANIJE UZOHANWA.

  • ibintu bibiri gusa nivyo usabwe gusa kugira abarundi BOSE baronke amahoro na wewe urimwo kiretse ka karwi kakuboheye amaboko i mugongo ( plus ou moins 10 personnes) ni waba ukunda réellement uburundi n’’abarundi nkuko wirirwa urubirirmba.HEBA ICO KIRINGO GIHONYANGA AMATEGEKO n"AMASEZERANO BIGENGA IGIHUGU CACU.HAGARIKA IVYO BIKORWA VY"IMBONERAKURE bituma umutekano w’abenegihugu uhunabana.Nayo ivyo bindi urimwo urapfundikanya nta nakimwo vyungura abarundi.

  • Nyakubahwa notre Prèsident ntitumukunda akidutwara gusa naho azobayararangije ibiringo vyiwe tuguma tumukunda ntanarimwe duhamagariwe kwankana shiti turaba Rusiferi . nimube muvuga mwiyumviriye niyo démokalasi ubundi kandi Nyakubahwa Umurongozi w’Urwanda ntarenga amategeko mpuzamakungu mugutangimpunzi z’Abarundi mbega interahamwe yazishaka ntazisanga ahoziri zife kumutera uzobubibona

  • Uwobashaka kwihamahoro wenyenubwiwe yohagarika kwiyumvirako Imbonerakure ziteze kuzofirwa, uwobashaka kwazobaho imyakayiweyose yokubaho ahangayitse kumutima wiwe nabatabandanye avugango nt’Amahoro ashoboka hakiriho Imbonerakure. Ndabibasubiriyemwo umuntu ategereje Ko Imbonerakure zizoshoza intambara, ararengeje mukuba umuntu abonahafi! Kw’ Isi nzima harihaho mwigeze mwemva urwaruka rurimumugambwe urikubutegetsi rushoza intambara canke ubwicanyi ubwaribwobwose? Jewe iconzi ahorwagiye rukoribara habaho abarushotora nuneho narworukivuna, icorerontobabesha nuko mugihe hobaho uwishotora Imbonerakure zomukosora, ariko kuzisotora ukoresheje kuzituka uzambika amabara zitagira ivyontakibazo, mugabo wihenze ugakoresha kubanganira umutekano wikiremwamuntu uwariwewese ukoresheje ikirwanisho icaricocose muzokwambikana kandindaziko mubizi. Nicogituma bamwe babonye hariho abantu bavugako bashaka kuzovyorogota Imbonerakure bakaca bikuriramwo akarenge bagahunga. Mbemuraziko Imbonerakure zibonakure? Canke ntavyomuzi.

  • 3 choix pour NKURUNZIZA

    1) kwitoza hakameneka amaraso
    2) guheba kwitoza agakurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu
    3) kwiyahura agapfa nka mugenzi we ADOLPHE HITHLER

  • Asha hama aze asubire peter kuduhenda nkakera ngo bamutore kubera arumuhutu arahumbasha twamaze kumenya neza yukwingorane aduteye arubwicanxi bwoyo wese atari muri cndd fdd kandi aguma asahura uburundi pe! Ko babesha ngo yaburiye kikwete wa tanzaniya ngo ko kagame yagomba kwica kikwete yari guhonyoza ikirenge ciwe murwanda? Ni inda gusa gusa twaramuhinyuye Asha tuzotora rwasa agathon kuko peter twaramuhaze nubusuma bwiwe nubwicanyi!

  • Nkurunziza yasuzuguye mzee Kijana KAGAME none asubiye inyuma gusaba uwo yimye hahahahha??? yishinze KIKWETE MRISHO nawe ntiyazuzaje ati ivya mandat ya 3 teshwa ute. yoooo ewe dd ewe Nkuru, ewe Burundi. murateye ikigongwe basiiii

  • Aho hantu yamwakiriye ntihanyaye izontebe kumenga ntiziri confortable? Ibisusu vyahababariye pe!

  • @nuwera, aho urwaruka rwo mumugambwe uri ku butegetsi rwakoze ubwicanyi ni mu rwanda mu gihugu gituranyi kandi amaherezo yarwo ngirango urayazi rero tekana kandi baramutse bakoze akaguma bazobibazwa nkuko abo mu rwanda babihaniwe , ubu ibintu vyarahindutse ntawugikora icaha ngo vyijane sasa rero va I buzimu uje I buntu kuko zizohindura imirisho kandi ntaco uzobikorako.

  • Ewe kubwayo uri igipfu c’umuntu! Ntambonerakure dukeneze kandi ejo aho bukera peter amaze gutsindwa nazo nyambonerakure zizoja imbere y’intahe na Adolphe na bunyoni bazosigura ukugene bishe abarundi nawe namburiyo umenye neza urukurorereye kuko turazi yuko mwahawe inkoho na peter zugutoteza abo mutavugarumwe eka no kubica ahantu mwitwara nkibikoko nigi polisi kirorera kubera peter muga ntaco ni muhenure tuzoce tubaterera mwese mumpimba peter nawe asange laurent gbagbo mugashu nyuma yurumukwiriye azocibwa muri ICC.

  • EWE RURIHOSE URI IKIJUJU ASHA URI UWANIRYO KWELI! URI MPEMA ITABUTSE AHO RERO UHAYE UGIRA FANATISME WUWO MUSUMA PETER WUMWICANYI KUBERA UTWODUHERA AGUHENDESHA MUKWAMA WiCA ABARUNDI NUGUTURIRA ISOKO RYA BUJUMBURA KUGIRA MUGURISHE IKIBANZA CARI GITUNZE ISINZI RYABARUNDI MUBESHA NGO MWARITURIYE NGO KUBERA RYADANDARIZAMWO NGWABATUTSI GUSA KANDI HARIMWO NABAHUTU! ASHA NTAMUTIMA MUFISE ABA DD NA PETER WANYU ICO MUZI NUKWIBA NO KWICINZIRAKARENGANE! IkIVI AJAKO NICAHEHE ATARUKWAMA ARASESAGURA ITUNGA RY’UBURUNDI NGO ARI MUBIKORANE KURI COTEBU ASHA NTAYANDI AZOSUBIRA KWIBA UBU BUCA ARENGUTSWA MU BUTUNGANE KUVYAHA VYUBWICANYI YAGIRIZWA !ABA MA SOEURS YISHE NABANTU YISHE I MUYINGA COLONELVITAL BANGIRINANA ASHA MURAGOWE MWABA DD MWE NA PETER WANYU ASHA BUCA ISI IBAGIRA!

  • EWE PETER URAGOWE NAKARWIKAWE! AHO OYE UHAYE UKIMAZA AMAGURU KUBERA UBWOBA BWIVYO MWAKOZE? ASHA NIVYUKURI GUSEMARASO NI UMUVUMO ASHA MUZOPFA MWANGARA ABA E NKAGAHINI KUBERA ABA MA SOEURS B’IMANA MWISHE !ASHA ASHA UBU VYAMUBURIYE ASUBIYE KWA NYAKUBAHWA PAUL KAGAME NUKUGENE WARI WIGIZE AKAGARAMA RUGANDA! KIKWETE SIMBUNUZA NUMUSHINGANTAHE NTAGAHENGWE YOGUHA KO GUHONYANGA AMASEZERANO YA ARUSHA WANSE KUHAVA KUNEZA UZOHAVA NKA KADAFFI, canke Blaisé compaoré canke laurent gbagbo uzojanwa nkimbwa peter we! Uragowe!

  • Abihenda ko Petero yagiye kugarukana impunzi muramaramara. Ibintu 3 Petero yagiye kurondera ni ibi bikwirikira :

    1) Gusaba ubuhungiro bwa famille yiwe

    2) gusaba inama z’ukungene abanyagihugu bosubira kumwizigira (presque impossible)

    3) ku negocier gutanga interahamwe zo mu mbonerakure hama kagame nawe akirukana impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda

  • sha na rwasa ni sase riva kucuma it’s means it is the same

  • Hanoharabantu bamaze kubonako DD ivyokuva kubutegetsi atarivyejo noneho basaze mugutuka umukuruw’igihugu cu Burundi Nkurunziza! Ngoyemama buraca araja Lahey, yemama ngwimbonerakure zizosgora, yemama ngonigisuma, emama ngonumwicanyi, emama ngonikijuju, emama ngoyarabeshe kwarumuhutu ngokandi arumututsi, emama ngobazomwuca, emama ngwariko araronderera ubuhungiro umuryango wiwe etc. Nonegayemwe nkabantu bavugankivyo wumva bataparanganye!?.

  • Ni ibara kumva abantu bahunga ubutetsi bitoreye,nareke piter abandi batware areke guteranya abarundi

  • Ni ibara kumva abantu bahunga ubutetsi bitoreye,nareke piter abandi batware areke guteranya abarundi

  • twamenyeko yahindukiye nta nyishu azanye ku bibazo biremereye vyari vyamujanye. Mbega hoho yaciyehe ko twumva ngo yugaye imipaka????

  • Kagame nintwari I mana I muhezagire arambire kubutegetsi kuko ara bikwiye yazanye iteramberemurwanda ahagarukanumutekano azana technology mugihugu curwanda ntaho bisana peter peter amaze kugira am a uturn asumba ayumuntu aciga kuba umushoferi agira muvyukuri ntawuzi ICO ashaka kubutegetsi ntanubwo akwiye kwicarahamwe nintwari nkakagame peter hamwe avugako kagame arumwansi none ashaka iki now ?ubumuburundi hakekwa ko harinterahamwe zamazabatutsi murwanda none peter arazitanga ? Zihanwe ?

  • RWASA MUVYANKE CANKE MUREKE 2016 UBURUNDI ARABURAMUTSWA ,HAMA 1) NTA KAGAME YOHANURA PETER KUKO POLITIQUE YURWANDA NTANAHAMWE IHURIYE NIYUBUBURNDI 2) UYO AVUGA YUKO PETER YAGIYE KUYAGA UKUGENE BOHANA INTERAHAMWE NGO KAGAME NAWE AGATANGA IMPUNZI URAHUMBA WEWE TWAMAZE KUKUMENYA NAHO UHENGAMIYE MBERE WEWE NTURI NUMURUNDI! KukO IYUZA KUBURI UMURUNDI WARIKUMENYA KAHISE KIMBONERAKURE NIYO YAVUYE! INTERAHAMWE ZIBA MURI CONGO KWA KABILA WUMVISE MUBURUNDI TUBUZE IGISODA KIZI KUGWANA NKO KWA KABILA AHO TWITABAZA INTERAHAMWE? AZIKENEYE AZOZISANGA I CONGO TWE MUBURUNDI NTIRWITAHA KUKO ZINA MURUNDI WESE NI UMUSODA ARAZI KURASA KUKO TWAKURIYE MUNGWAÖ KUVA 94 GUSHIKA 2005 WE RERO TESHWA UTE URAHUMC! TWE IWACU DUFISE INKOHO NAMASASU NIGISODA BIKOMEYE!

  • abantu mwandika murakwiye kwisubirako. mu dero y’ikirundi twahawe, no mumabwirizwa y’Imana, nugusonera abaturuta, abadutwara yaba mubi canke mwiza, discipline hose no mumvugo no mu ngiro.sukugumura abantu ngo bahunge amahoro kugira bacivutu abantu ngwibintu mu burundi biracika. igihe.bi jamuraba ivyo mupublia mukurikize amategeko agenga iyandikwa ry’ivyiyumviro.

  • Ahubwo mwese ntavyo mubuga iyo mubabandi mwohamukuye none vyarabananiye ni mucereze yongere abatware

  • Amakuru twahawe n’umuntu yari yinyegeje inyuma y’idirisha mu gihe abo batama bompi bagirana umubonano, yatubwiyeko

    1) KAGAME yumvirije isaha yose irenga NKURUNZIZA amusaba ikigongwe kukuba yarizigiye KIKWETE agasa nk’aho ahevye Kagame kandi ariwe yamufashije kumenyekana mu makungu.

    2) Petero yabajije kagame ico yokora ngo abarundi basubire bamushigikire, Kagame ati irukana Adolphe na bunyoni ukure INTERAHAMWE zivanze n’IMBONERAKURE. Aha peter yaciye AJUGUMIRA kuko ataraziko mugenzi wiwe azi ayo makuru

    3) Petero yaciye ashoka amubaza i banki mpuzamakungu yokwimuriramwo ivyo yasahuye u burundi ariko KAGAME ngo yanka kumuha inyushu itomoye kubugirankana kuko peter yasa nkuwataye umutwe kubera ibibazo bimurindiriye imbere

    4) icanyuma nuko PETER ngo yerekanye KUBURA UBUKEREBUTSI muvya diplomatie aho ngo yacishamwo akarya inzara zo ku ntoki canke ngo akikora mu zuru uko umutima uteye

  • Hari abantu mukuvuga wogira ngo si abarundi tuzi uko bameze.Jewe ndazi ko nta mu DD wukuri aterwa ubwoba n’abantu hamwe n’ibijambo bitagira aho bishikana abarundi.None nkiyo wanditse ibintu bibi NKURUNZIZA ,Adolphe,Bunyoni n’abandi ntiwumva ko wewe ubwawe ubagira IBIHANGANGE.

  • nditegereza abo bagabo babiri,nkabura uko nbifata pe kubona umwe ashaka kubaka undi ashaka gusambura none aho mureba baravugana iki kweri (umwe nje ndashaka kunga abanyagihugu igihugu canje gitere imbere kabisa kimere nki burayi nahadi heza) uwundi nje ndashaka gusambura ahubwo nkeneye impanga namahiri abanyagihugu bose mbacanishemo kabisa none barahuriza he kabisa, petero araruhanya gusa hakenewe igisubizo ca vuba vuba.

  • jewe nibaza ko atari guhera murwanda ahubwo yari kubanza kuvugana naba banurwa nurwa ko bafise ibirwanisho canke batera ubwoba abanyagihugu bagatuma bahunga.

  • Twizere ko kagame ari intumwa y’IMANA KU BURUNDI

  • Abo,bategetsi,bacu,boreka Gucengana,bakavuganukuri.Kanda,bavuga Bovuga,make.Mbona,gutwara Kubu.Arugutwarana Bose Bashaka Kurya,izompunzi,nizireke.Guha,matwi.Abobagabo Bizamashure,meshi Zitahe Mugihugu ,ubuharageze Kwabanye,poritike Babona Ingorane,zabanyagihugu Nimucubwengeeee

  • Nagira ngire inama Peter Nkurunziza yuko yova ku butegetsi kuko abene gihugu babimusaba natwe abana twavukiye mu Burundi 84_ 85 dufise ububasha bwo kutamutora

  • Ndasaba Petero Nkurunziza yigarure yumve amarira y’ abanyagihugu baterwa n’ ibonerakure. None karaciye ingani uwo twita Sebarundi abajejwe bose bahebe bate bomoke, igihugu kibe ica aba CNDD-FDD gusa.

  • JEWE MBONA NYAKUBAHWA UMUKURUWIGIHUGU PETERO NKURUNZINZA JEW MBONA KOYUGUMAKUBUTEGETSI KUKONTAKABIKIW IVYOTWABONYETWARABONYE NTANTAMBARA DUSHAKA MURIKIGIHUGUCUBURUNDI.

  • basha uwanka nywudafita amaso kandi uwutumva nuwutumva nka nimbare wanyu sha aha suko muri beshi bo kugarukana intambara muburundi ico mwomrnya ubu siko biri ubu turakwiye bokurwanya mwe nkaba nimbare kuko ibijuju vyamyeho ikimbabaza nuko mwanezewe muriko mutegura amarira yoooooo... asha ndabatwenze muzopfuko!!! nimwemere imbere niheza vyishi muzobona namwe mugaca mushima. umva rero akire iyo mpanuro ntamyigaragamvyo muyitangiye kandi nta coup d’etat muteguye mukananirwa mutaranayikora;!!!

  • Nta mbonerakkure ifise ikigwanisho abobahunga amahooro abahungiye tanzaniya bo benshi bariko bahunguka ntakibazo

  • AZABANZE AKURE IMPUNZI MUBUHUNGIRO NIBWO IBINTU BIZOROHA AFUNGURE NIMIPAKA KANDI NTAZONGERE KWIYAMAMAZA

  • BIRATANGAJ CAN KUBÔNA ABO BAGABO BARAGANIR MUGABO UBU BAKABA BATAGICANA NUWAKA BARI BAKWIY GUSUBIZA HAMW ABARUNDI NABANYARWANDA DUGASUBIRA KUGIRA IMIGENDERANIR.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.