Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yaganutse ava muri Iran
Petero Nkurunziza yaganutse ava muri Iran
vendredi 12 Ndamukiza 2013
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe, umupfasoni Denise Nkurunziza baganutse kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2013, bava mu rugendo rw’imisi itatu bahoramwo rwo kunagura ubucuti buri hagati y’igihugu ca Iran n’Uburundi kuva mu mwaka w’1985.
Bari baherekejwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Laurent kavakure, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi Victoire Ndikumana hamwe n’umushikiranganji w’indero, amashure mato mato no kwigisha abakuze gusoma n’ukwandika, Rose Gahiro.
Agishika ku kibuga c’indege, yakiriwe n’abanyecubahiro benshi harimwo umushikiranganji wo kwivuna abansi, Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Leonidas Hatungimana yibukije ko Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yari yitavye ubutumire bwa mugenzi we Ahmadinejad, mbere bakaba bompi bakurikiranye iterwako ry’igikumu ku masezerano y’ugufashanya kw’Uburundi na Iran mu bisata bitandukanye harimwo ivy’ubudandaji, amagara y’abantu, n’ibindi.
Mu vyerekeye ivy’indero, Leonidas Hatungimana yamenyesheje ko Iran yemeye imfashanyo y’amafaranga y’amadolari angana imiliyoni zibiri(hafi imiliyaridi zitatu z’amarundi), azokoreshwa mu kwubaka ishure rya kijambere ry’imyuga i Gishubi mu ntara ya Gitega.
Ku kibazo c’ukumenya ko Uburundi bushobora kugira isanamu mbi mu makungu kuko bwagendeye Iran kandi isanzwe iri mu bihano, Leonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yishuye ko ibihano iran irimwo yabifatiwe na Leta zunze ubumwe za Amerika n’ishirahamwe ry’abanyaburaya, kandi bidaca bisigura ko bitosekaza imigegenderanire n’ibindi bihugu. Yibukije ko igihugu ca Iran arico kirongoye urunani rw’ibihugu ijana na cumi ataho vyegamiye muvy’ubutunzi, mbere n’amashirahamwe mpuzamakungu menshi nka FAO, PNUD,.. n’ibindi bihugu bahafise ivyicaro, ivyo bigatuma ico gihugu ca Iran kiguma ari nyabagendwa.
Ku kibazo c’ababonye ku buhinga ngurukanabumenyi hamanitswe muri Iran idarapo y’Uburundi ifise amasonga atanu, Leonidas Hatungimana yamenyesheje ko ata ntumbero yo guhonyanga ibwirizwa shingiro yarimwo kuko kwabaye ukwihenda kw’abateguye iyo darapo bamenyereye ko amadarapo y’ibihugu vyinshi afise amasonga atanu.
Yibukije ko Uburundi na Israel arivyo bihugu vyonyene bifise amasonga atandatu. Yagiriyeko amenyesha ko abakoze ukwo kwihenda basavye ikigongwe Umukuru w’igihugu n’abarundi bose, yongera akengurukira abarundi bo bagaragaje ko bakunda igihugu cabo mu kugikurikiranira hafi.
Ariko aratahuka, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaciye mu gihugu ca Kenya, aho yaciye gukeza mugenzi we Uhuru Kenyatta yaraye atowe.
Egide Nduwimana