Accueil > Amakuru > u Burundi > Petero Nkurunziza yashaka kuzokwitoza ubugira gatatu
Petero Nkurunziza yashaka kuzokwitoza ubugira gatatu
jeudi 5 Ruheshi 2014
Mu kiganiro n’imboneshakure FRANCE 24, umukuru w’igihugu Petero ntahakana ko atazokwitoza ubugira gatatu, akamenyesha ko arindiriye ijambo rya nyuma rizotangwa n’umugambwe wiwe CNDD FDD.
Imboneshakure FRANCE 24 yo mu gihugu c’Ubufaransa yarahaye kuri uwu wa gatatu ikiganiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asanzwe ari mu rugendo muri ico gihugu. Uko abatari bake mubakurikiye ico kiganiro bari bavyiteze, siko vyagenze, kuko ikibazo c’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH ntiryavuzwe. Mu ntango z’ikiganiro, hagarutse ibibazo vy’ukurungika abasirikare b’abarundi mu makungu mu bikorwa vyo kugarukana amahoro, umutekano mu karere k’ibiyaga binini na Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ibiganiro bihuza abanyeporitike b’abarundi mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.
Mu mpera z’ikiganiro, umumenyeshamakuru yabajije Petero Nkurunziza namba azokwitoza mu kiringo ca gatatu, kandi ibiringo yari arekuriwe bibiri vyaraheze. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yishuye ko ibijanye n’ibiringo arekuriwe bizodadanurwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Umumenyeshamakuru yaratomoreye Petero Nkurunziza kuri ico kibazo amubaza ati : "Ariko wabishaka?" Nawe amwishura ko naho yoba abishaka atariko bigenda, kuko ategerezwa kurindira ijambo rya nyuma ry’umugambwe wiwe CNDD FDD, ari nawo uzovuga namba womutanga kugira awuserukire, ariko wisunze ibwirizwa shingiro n’ibwirizwa rigenga amatora.
Umviriza aha munsi ikiganiro Petero Nkurunziza yagiranye n’imboneshakure FRANCE 24
Egide Nduwimana
Messages
5 Ruheshi 2014, 13:47, par philbert
None hari uyundi muntu yoshobora gutwara Uburundi atari Nkurunziza?? Abandi ko bavyiyemeza bagaca bihungira bagakwepa Abarundi agaca yisanga mu matora wenyene kuko ntawohangana nawe!! Hama Claver simbona igituma bomuvugako cane kuko ni umunyagihugu asanzwe nkanje
5 Ruheshi 2014, 13:49, par HITIMANA Alphonse
Uwiteka Imana iri kumwe nawe.
5 Ruheshi 2014, 14:53, par MVUZO
Sezera ugende Nkurunziza kuko ivyo wasahuye vyarakwiye nukwemeze canke uguhakane ntantsinzi uriko uraronka nibashake bakugene ubu twara kanuye uryamukenyuro mwagize muyaheze ubu nwooooooooooooooooo bye bye Mpimba irabarindiriye nabawe
5 Ruheshi 2014, 17:50, par mukobwajana
ABAHUTU BIWE BA DD BAZOMUTORA KUKO BATAGIRA UMUTIMA KUKO NDABIBONA NKORERA MU GIHUGU HAGATI...KUBERA BABA MU BUKENE BUKENGEREZA NTIBABONA!!!!!!!
6 Ruheshi 2014, 08:37, par Lithosphère
NKURUNZIZA WE,Nuhe abandi bumve kw’ico cubahiro ufise,nakare iminwe iryoha inyuranye
6 Ruheshi 2014, 10:43, par mukobwajana
PRESIDA YARIGIZE AGATINYASHENGERO MU GIHUGU IWIWE !!!! KUKI AVUGIRA HANZE ARIKO AHA AKARUCA AKARUMIRA!!!!URAZI IGIHE TWAKAMUSABIYE NGO AVUGE AHO AHAGAZE NGO TUBIMENYE ??? KU BIBAZO VY IMBONERAKURE,NI IKIRINGO ZIWE!!!!ARIKO ASHIMA KUVUGIRA KURE MURI ZA BULAYA NO MU BARABU ..ARIKO TWARATWAWE NGO TUBONE!!!!!!
6 Ruheshi 2014, 13:16, par mutabazi
Turamushyigikiye kubera ubwitonzi n’ubushobozi ayoborana!!!Ntabwo ahwanye na shitani yigize umuntu alias Kagame Paul!!
6 Ruheshi 2014, 19:55, par J.PAUL
OYANUKURI.TWARAMBIWE.IYORETA.YABENEWACU.IRIMWIMIKOSHIGUSA.NIBATUBABABARIRE.DUPIMIRAHANDI..IBISANGANYARUTURA.NKABIRY?
8 Ruheshi 2014, 21:58, par P.claver Manirakiza
Nukuri IMANA ibandanye imufasha ku yobora UBU RUNDI RAMBA
9 Ruheshi 2014, 12:38, par Kasta
Mukama Wenyene Miwe Utanga Ubuyobozi Nivyoshika Ni Kubwayo Tuzavyakira. Nihotorwa Itegeko Shingiro Umugambwe Ukamwemeza Azoshira Ayobore. Ariko Igikwiye Nuko Ushaka Amahoro Wese Yirinde Amacakubiri Cane Cane Aturuka Muminwe Yacu. Twirinde Ivyodusubiza Mumirwano Kuko Itwara Abenegihugu Naho Abanyepolitike Mbi Bibereye Iyo Za Buraya Mumakungu. Barundi, Amahoro