Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Menya ibintu Barack Obama akora mu gihe ari wenyene
Menya ibintu Barack Obama akora mu gihe ari wenyene
vendredi 13 Ruhuhuma 2015
Abantu benshi bafise utuntu dutandukanye bakora canke bagira mu gihe baba ari bonyene. Ivyo vyarashitse no kuri Barack Obama, aho amashusho yiwe yasohotse yerekana utuntu dutandukanye yagiye aragira mu gihe yari wenyene.

Urubuga rwa Buzzfeed rwakoze amashusho yerekana ivyo umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika akora mu gihe ari wenyene, azi ko ata muntu ariko aramuraba. Urwo rubuga rwakoze ayo mashusho mu ntumbero yo kwamamaza urubuga rwa serevisi ishinzwe ivy’ubuzima bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Ayo mashusho arerekana utuntu dutandukanye Barack Obama akora yiherereye, umuntu atokwiyumvira ko yogira nk’umukuru w’igihugu gikomeye kw’isi yose aba afise amabanga menshi.
Muri ayo mashusho barerekana umunyagihugu asanzwe nawe nyene ari wenyene, ibintu yariko aragira, bakabigereranya n’ivyo Barack Obama yariko arakora, bompi biherereye.
Abantu benshi batangaye babonye ayo mashusho mbere barashima Barack Obama aho bavuze ko ivyo vyerekana ko Obama yicisha bugufi.

Lorene Nubwabo
Messages
14 Ruhuhuma 2015, 00:05, par melida
Njanye nawe
14 Ruhuhuma 2015, 14:31, par H j chr
murabanye umukiza kundiwanyu
16 Ruhuhuma 2015, 13:29, par NOEL NDAGIJIMANA
NONE UTWO YAKOZA NITWO TWOBA DUSIGURAKO YICISHA BUGUFI?