IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Radio Burundi Bwiza, itangazamakuru ku buhinga ngurukana bumenyi

Radio Burundi Bwiza, itangazamakuru ku buhinga ngurukana bumenyi

samedi 8 Ruheshi 2013

Umuririmvyi w’umurundi Minani Félicien batazira Maréchal Femi De J’Abat aba mu gihugu ca Norvege yaratanguje insamirizi nshasha « Radio Burundi Bwiza » izohora itangaza amakuru y’i Burundi mu ndimi zine.

Iyo nsamirizi nshasha mw’itangazamakuru izokorera ku rubuga ngurukanabumenyi gusa ku muhora radioburundibwiza.com, amasaha mirongo ibiri n’ane kuri mirongo ibiri n’ane, mu ndimi zitandukanye : ikirundi, igiswahili, igifaransa, icongereza eka mbere n’igishinwa.

Abakunzi bayo bazohora bumvishwa indirimbo n’amakuru vyo mu Burundi, n’abakeneye kugira ico bashikirije bakazohabwa ijambo.

JPEG - 21 ko
Minani Félicien batazira Maréchal Femi De J’Abat aba mu gihugu ca Norvege ari nawe yatanguje insamirizi Radio Burundi Bwiza

Nk’uko vyamenyeshejwe na "Maréchal Femi de J’abat" yatanguje iyo nsamirizi akaba n’uwuyiserukira imbere y’amategeko, ubu bakorera ku rubuga ngurukana bumenyi gusa kubera bakiri mu ntango. Amenyesha ko mu bihe biri imbere, insamirizi "Radio Burundi Bwiza" izoshobora gukora nk’izindi zose atari ku buhinga ngurukana bumenyi gusa, kugira n’abanyagihugu bato bato b’abarundi batagira inyabwonko bashobore kuyumviriza muhira iwabo, ku mitumba aho baba ibasangeyo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.