IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rallye ngozi : Yaba abarundi n’abanyamahanga bose biteze intsinzi

Rallye ngozi : Yaba abarundi n’abanyamahanga bose biteze intsinzi

samedi 15 Munyonyo 2014

Abadereva b’imiduga ihava ija mu mahiganwa bita Rallye bazindutse bisuganya baraba n’imiduga yabo ko yifashe neza.

Nko kuva igihe c’isaha icumi na zibiri gushika isaha zibiri zo mu gatondo ko kuri uyu wa 15 Munyonyo mu gisagara ca Ngozi aho bose bari bahuriye, uhereye kubajejwe kuraba umwanya iyo miduga iza kugira mu ngendo, yaba abateguye ayo mahiganwa, umwe wese ukabona ko atari yicaye mu vyo ajejwe. Bamwe mu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesheje ko banezerewe kubona bashoboye kwitaba ayo mahiganwa. Boldou ni umwe mu badereva baje mu mahiganwa, akaba yaje ava mu gihugu c’Ububirigi. Avuga ko asanzwe akunda rwose ayo mahiganwa y’imiduga bita Rallye, ndetse akavuga ko atari irya mbere aje muri Afrika, kuko yigeze n’ukwitabira amahiganwa yo mu gihgu c’Urwanda, akavuga ndetse ko yanezerejwe n’ingene yakiriwe mu gihugu c’Uburundi. Amenyesha ko yaje yiteguye neza be na mugenzi we Bouquia basanzwe baza gufashanya kunyonga umuduga.

Eka na bamwe mu badereva ba barundi, baremeza ko atabwoba bafise naho muri bo bavuga ko hari abagiye muri ayo mahiganwa irya mbere. Christian Remezo akaba ari umurundi, nawe nyene ariteguye gutsinda. Avuga ko yiteguye neza, kuva ejo, atakindi yakoze atari uguca hose mu hateguwe kubera amahiganwa. Ayo mahiganwa kaba yajemwo abarundi, abanyarwanda n’abairigi.

Tukabamenyesha ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Munyonyo hari habereye ikiganiro ku banditsi n’abamenyesha mu gisagara ca Ngozi, aho abateguye amahiganwa bashimiye rwose ababafashe mu mugongo, co kimwe n’abiteguriye bose kuja mu mahiganwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.