IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatohoza ya MONUSCO ntiyemeza ivyashikirijwe na Petero Karaveri (...)

Amatohoza ya MONUSCO ntiyemeza ivyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa

jeudi 7 Myandagaro 2014

Mu cegeranyo gisohoka mu mezi atatu c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku kuntu vyifashe mu Burundi, bamenyesha ko intwaro rusangi yasubiriye inyuma, ikaba yunyuwe n’icuka kitari ciza hagati ya CNDD FDD na UPRONA, imigambwe yompi yahora isangiye ubutegetsi. Muri ico cegeranyo bavuga ko abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi batoroherezwa mu bikorwa vya poritike. Muri ico cegeranyo ca ONU, bamenyeshesha ko amatohoza ya MONUSCO yerekana ko ata myimenyerezo ya gisirikare iriko ikorerwa i Kiliba Ondes.

Ukutumvikana hagati CNDD FDD na UPRONA kwabaye imbarutso

Kuva mu ntango z’umwaka w’2014, poritike y’uburundi yarasubiriye inyuma mu bijanye n’intwaro rusangi n’ugushikiriza ivyiyumviro, bikaba vyagiye kuboneka cane kuva aho habereye ukutumvikana hagati ya CNDD FDD na UPRONA, imigambwe ibiri yari kumwe muri Reta. Ukwo kutumvikana hagati ya CNDD FDD na UPRONA kwigaragaje neza na neza kuva aho umugambwe UPRONA uhakanye gutora integuro y’itegeko ryasubiramwo ingene amoko asangira ubutegetsi, bikavugwa ko iyo nteguro iyo itorwa ariyo yari gufasha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwemererwa gusubira kwitoza mu kiringo ca gatatu. Bidatevye, kw’igenekerezo rya 29 Nzero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yaciye akura umushingamateka Karori Nditije mu burongozi bwa UPRONA, indyane n’ukutavuga rumwe biba biratanguye, nk’uko tubikura muri ico cegeranyo, bikurikirwa n’ikomborwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Major Bernard BUSOKOZA, hakurikira ugutanga imihoho kw’abashikiranganji bose ba UPRONA muri Reta.

BNUB inegura urubanza rw’abanywanyi ba MSD

Muri ico cegeranyo ca BNUB, baranegura urubanza rwaciriwe abanywanyi b’umugambwe MSD, bakavuga ko rugitangura kwumvirizwa bagumye bashikiriza utunenge turimwo n’amategeko atariko arubahirizwa. Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, abaporisi bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi, bongera barasa n’amasasu y’ukuri, mu gushwiragiza abanyawanyi b’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement (MSD), bari mu ngoro yabo mu Kinindo. Cumi na batatu muri abo banywanyi barakomeretse, abagera kuri 80 nabo batabwa muri yompi. Kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante, ubutungane bw’Uburundi bwaciriye umunyororo wo guherayo abanywanyi 21 muri abo bari bafashwe, 27 muribo harimwo batatu batarakwiza imyaka 18, bacirirwa umunyororo wo kuva ku myaka itatu gushika kuri cumi, abagera kuri 22 nabo bambikwa izera.

Muri BNUB, ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bamenyesha ko batahengeshanije gushira ahabona utunenge twariko turibonekeza muri urwo rubanza, bagatanga uturorero tw’ingene bamwe muri abo bagirizwa batigeze baronka ababafasha kuburana, n’uko batahawe umwanya ukwiye wo gusoma ivyagiriji. Inyuma y’isomwa y’urwo rubanza rw’abanywanyi ba MSD, kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante, Alexis SINDUHIJE, umukuru w’uwo mugambwe yaciye arungikirwa umutahe wo kumuhagarika, bamwagiriza imigumuko hamwe n’ikiroberi, ubu akaba yahungiye mu gihugu c’Ububirigi.

Reta y’Uburundi ntiyemera ko ibirwanisho vyatanzwe

Mu cegeranyo ca BNUB bamenyesha ko ubutegetsi bwa CNDD FDD butigeze bwemera ivyariko biravurwa ko urwaruka rw’imbonerakure z’uwo mugambwe zahawe ibirwanisho, zikongera zigakoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare. Uwo mugambwe CNDD FDD, Reta y’Uburundi, inama nshingamateka, nkenguzamateka, ibiro vy’umuhuza w’abarundi, hamwe n’imigambwe yegereye CNDD FDD, bose ntibahengeshanije kwiyamiriza ivyo vyavugwa, bakamenyesha ko ari ibihuha bitagira ishingiro. Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu yagumye asaba ko hokorwa amatohoza mpuzakungu ataho yegamiye, ariko biba ivy’ubusa. Muri BNUB ari nabo batanguye kuvuga ayo makuru, bamenyesha ko ivyo vyatumye icuka gitangura gutosekara hagati ya Reta y’Uburundi n’urwo rwego BNUB. Kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014, Reta y’Uburundi yaciye ifata ingingo yo kwirukana (persona non grata) Paul Delbbie, umuhanuzi muri BNUB ajejwe umutekano, bamwagirije ko ashaka guhungabanya umutekano w’igihugu c’Uburundi.

Mbonimpa mu bazize amakuru y’itangwa ry’ibirwanisho

Mu bavuze amakuru ajanye n’itangwa ry’ibirwanisho n’imyimenyerezo ya gisikare yoba yariko ihabwa Imbonerakure za CNDD FDD, mu cegeranyo ca BNUB bagaruka kuri Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH (Association burundaise
pour la Protection des Droits Humains et des personnes détenues), yashize ahabona ko hari urwaruka rukoreshwa imyimenyerezo ya gisikare mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, i Kiliba Ondes. Reta y’Uburundi yariyamirije n’ivyo vyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH. Petero Karaveri Mbonimpa yaciye ahagarikwa, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ubu akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Muri ico cegeranyo ca BNUB bamenyesha ko amatohoza yakozwa na MONUSCO, igisata ca ONU gikorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, basanze ata kintu na kimwe cerekana ko Imbonerakure za CNDD FDD zijanwa i Kiliba ondes. Ayo matohoza MONUSCO avuga kandi ko atacerekana ko hari imyimenyerezo ya gisirikare y’abarundi ikorerwa muri ako karere kari mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.


Egide Nduwimana

Messages

  • KARE TWAHORA DUSABA NGO MBONIMPA NGO NASABE IKIGONGWE UBUTUNGANE, UBU NTAKIGONGWE AGIHAWE KUKO NA ONU YAHAKANYE KO ATA MBONERAKURE ZIRIGERA ZIHONYOZA IKIRENGE I CONGO!!!!!!!!! PACIFIC,VITAL, LEONCE NA CAKIRWANISHO CABO RPA, UBUTUNGANE NIBUGIRE ICO BUKOZE KUGIRA TUMENYE ABO MVUZE ARIBO BASASIRA KO IHONYABWOKO RIRIKO RITEGURWA!!!!!!!!!!!!!!! CLAVER NAWE UBUTUNGANE NIBUMUCIRE IGIFUNGO KUKO URUBANZA RUHEJEJE GUSOMWA NA ONU!!!!!!!

  • Ubu rero nibaza ko urubanza rwa Mbonimpa numwana akivuka yoruca bamwe nabo bavuza induru ngo ararenganwa twumve ico bashikiriza nosaba rero abacamanza ko bomucira urumukwiriye kuko yashatse gusubiza abarundi mwihumbi yogutanga ivyemezo bihungabanya umutekano wabarundi

  • Ahahahaaa,,, Obama uvuze ukuri!

  • Mana we!!! Ubwo wamumenyesha makuru yitwa Domitile Kiramvu yaguma yisarangura kwiradio ngo imbonerakure kuri Ondes ubwo ntamaramaye?shame on you kiramvu,you are a disgrace in Burundi journalism,shame and shame Mana we!!! Ubwo wamumenyesha makuru yitwa Domitile Kiramvu yaguma yisarangura kwiradio ngo imbonerakure kuri Ondes ubwo ntamaramaye?shame on you kiramvu,you are a disgrace in Burundi journalism,shame and shame Mana we!!! Ubwo wamumenyesha makuru yitwa Domitile Kiramvu yaguma yisarangura kwiradio ngo imbonerakure kuri Ondes ubwo ntamaramaye?shame on you kiramvu,you are a disgrace in Burundi journalism,shame and shame Mana we!!! Ubwo wamumenyesha makuru yitwa Domitile Kiramvu yaguma yisarangura kwiradio ngo imbonerakure kuri Ondes ubwo ntamaramaye?shame on you kiramvu,you are a disgrace in Burundi journalism,shame and shame on you

  • NDASAVYE NSHIMITSE NGO UMUVUGIZI WA LETA AGIRE ICO AVUZE KUBISHIKIRIJWE NA ONU KWIFUNGWA RYA MBONIMPA!!!!!!!!!!!! FILIPO GIRA ICO USHIKIRIJE UBWIRA RPA,VITAL,PACIFIC NA MBONIMPA!!!!!!!!!!! wongere ugire ico ubwiye abanyagihugu bose bahahamuwe, NUGUKUGA KWIZOMUJERI URAKOZE

  • BABANTU 19000 BASINYA KWITOHOZA RYIBIRWANISHO, BAKONGERA BAKABA ABANWANYI BAZOTORA ADC NA SOSIYETE SIVILE MURI 2015, BAHEJEJE KWISHURWA NA ONU!!!!!!!!!!!! NSAVYE DOKIMANTASIYO, PARAKE, UMUSHIKIRANGANJI WINTWARO YO HAGATI MUGIHUGU, UBUSHIKIRANGANJI BWUMUTEKANO BWOSE BUBIRI, BAJE HAMWE BIYIBUTSE IVYAVUZWE NA MBONIMPA, RPA, VITAL, PACIFIC BARABE NINYISHU BIHEJEJE GUHABWA NABO BAGIRE ICO BAKOZE, NICOBOVUGA KUGIRA ABARUNDI TWESE DUTEKANE!!!!!!!!! IVYO BATABIKOZE NZOVYIKORERA

  • Ndamuciriye prisony life(igifungo c’ubuzima bwose) kuko nakarorero kabi kubesha ushaje!!

  • Umutama Nawe Arabesha Rekura Izontama Ubu Arimumwiheburo Wicocegeranyo Ca Munesco Ko Yarazi.Ndababajwe Nabatama Bateranya Kugira Turyane Kandi Wosanga Atamwana Wiwe Arino Canke Ugasanga Bafise Za Pastoro Zukwigira Iburaya Natwe Bikomeye Duhungira Mumasoko.Batama Nimuhanure Mutange Akarorero Keza.Murakoze.

  • Ngizo ntama za RPA zirigaragaje,ndasavye abatwara bafunge Kiramvu kuko niwe yaturira kuri Radio RPA kandi bayifunge kuko nikirwanisho kirimbura abarundi bose gikoresha ubumara bwica ubwonko bwabarundi bose,ndabasavye iyo radio ifungwe.

  • Nari narabivuze bantera ivyatsi. PCM niyemere asabe ikigongwe baramusutse pe. Ni abanze yemere ko yakoze ikosa akabesha abarundi n’amakungu akuze, hanyuma ace asaba bamurekure. Aho tuzoshigikira ko arekurwa. Ariko ko baguma bakomantaza imitima, ni bemere rero ibikurikira. Ariko amatwi ansumira ngo bari bamuhaye amahera ngo ate mu manga igihugu, twicane na Congo kurya kwa Israeli na Gaza. Ewe Burundi simba Imanga wavuye kure, kandi uwakuremye aracagukunda. Abazi gushima, guma ku mavi kugira ibitero vyose vya satani bitsindwe

  • Nosaba abarundi benewacu bose bakunda UBURUNDI NABARUndi basoma iyinkuru bakunda igihugu guhagurukira rimwe mugutaga ivyiyumviro vyishi binegura ingeso mbi ya MBonimpa baba abari mumigambwe itandukanye kugirango twereke nabandi babisha bafise agatima nkako ko kuduta mumanga bahindure twongere twerekane ko twese dusenyera kumugozi umwe wokuronderera kazoza igihugu cacu rero tuve hasi twese tugwanye abo bose bagifise ako gatima kabi nka Mbonimpa ko kwambika inkono ishushe igihugu cacu murakoze

  • KUVA NA KERA NARINDI MU MATEKA Y’UBUTUNGANE UWUVUZE IVY’ IKINYOMA MU RUBANZA CANKE UWASUYE(ISURA) IBINYOMA CANKE GUSHIGIKIRA IBINYOMA HARIHO AKANTU(AGASEKE)MINISTERE PUBLIQUE ATEGEKANYA KU BWOKO BWABO BANTU.AHO IBINTU BIGEZE NIBAZAKO HAGEZEKO AKO GASEKE KO KWUGURUGWA

  • Hahahahahahaaa. Abashingwamanza karuhariwe baramukikije PCM. Nibamukure mu binyoma yafondafonze kuko ndabona yabatoye abizeye. Nimubarabe kuri irya foto. Ahubwo ni bamwe nye bamuta mu rudubi.

  • Aba DD mwandika ngaha/mbona akanyamuneza kabareze pee,baza musome neza ivyanditswe?onu mwarayankiye amAtohoza?abarundi mwarabankiye?reta yanyu yarase??niyo vugo onu yakoresheje ntiyemeza ntihakana???mwabigigu mwe tamba buke kuko imbonerakure zanyu ntabAnga ryabo buca bakoresha biryabigwanisho mwabahaye isango ritarShika hanyuma mwambare ibara kumutemere !?jewe ndabarahiye banyoko buca bibafundurukana

  • @Obama, ndagushigikiye % turakomeza gusenga mumpemu nomukuri, kandi dusengadokora dukora dusenga, bacumuriro Imana iwunazimirizako utarashikira ababanyi.

  • Ndabaramukije mwese abakunzi bikinyamakuru igihe,mwese mwanditse ngaha ndabakunze cane,kandi ndashimye ivyiyunviro mwashikirije bitwubaka twese abarundi muri rusangi,jewe nari nabanje kurindira kwandika kugira ndabe bamwe biyita ba nwari,mukobwajana,nabandi nabandi bahora bacira umuriro mugushigikira izo nkozi zibibi ngo ninzirakarengane,bama batyoza L.Etat nabatuyoboye,imisi yose,ukamenga ntaco bubaha.bamwe ba Pacifique,vital.RUFYIRI,Leonce,banyangoma,bamanas ,nabandi ntiriwe ndadondagura namwe murabazi bose abama biyamamura kuma Radio.MBONIMPA p.c.nahanwe hisunzwe amategeko,atakinya kiroyemwo!!!,atahanywe kwoba arugusasira indava ikibi kinuka,kizohava kidusubiza mukaga nkako twari duhitiyemwo!.

  • Emwe ubu DD bwose buriko bwandika aha ntibwatahuye nivyavuzwe nakare nivyo nkako kiyita mama ntikazi nokwandika.Banza musome mutahure hanyuma mubashe kuvuga ayamuhe.Munanirwe n’ikirundi aco hari akantu iyaba igifaransa canke icongereza.

  • Uwonogirinama akanyemerera yotanga iciyumvirociwe yashaka gukebura uwabonye kobadahujije ivyiyumviro akamukebura ariko tukirinda gurrtyoza uwotugomba gukebura, nkuyumuntu yiyise Claude urazi uwuriko urita ngonkakaka Mama uwariwe? Kugaya ivyiyumvirovyanje ntakibazo ariko kucumfatira murwara Nikindi.

  • @Claude et Nwari

    None mwebwe mwumva ikirundi kurusha abandi mwotub wira ivyo mwatahuye bitandukanye nivyo abandi batahuye?Ubu naho muhava muvuga ngo Onu yariye igiturire c’imbonerakure na Fdd ndazi ko mutagira isoni.Reka ndabibire akabanga bashahu.Mumenye ko uko mugeragezaguta Uburundi mwisanganya niko bituma dukunda leta iriko iratwara ubu kandi uko nukuri kuko nkatwebwe twavuye mu Burundi tukiri abana tukaba tukaba turi hanze yabwo tukaba tutazi ivya Cndd Fdd nkanje navuye mu Burundi bakiri mwishambantabo nigeze nkunda na rimwe mugabo ntanguye kubakunda sana kuva aho tuboneye kuma television yahano i Buraya babesha ngo mu Burundi hariko hategurwa ihonyabwoko ryabatutsi.Ivyo biri mubidutumadukunda ubutegetsi buhari kuko budashaka ko abrundi basubiranamwo bitandukanye nivyo mwebwe mwiphuza mubifashijwemwo n’urwanda.Erega turabizi.Mugerageze reromwikebuke ntimutume dukunda Fdd atavyo twashaka

  • Mbega Claude, wewe ko uvuga ko ata kirundi bazi, wewe iryo ryungane rya nyuma wanditse nta makosa washizemwo? Iyo "aco" muri iryo ryungane isigura iki? Sinzi ko no mu kirundi ijambo "aco" ribaho. Ari ivyo vyo nawe ntuzi kwandika ikirundi. Raba nawe, ntuzi ko inyuma y’akaburungu ubanza gusiga akanya ukabona kwandika irindi jambo; canke ahantu wanditse ngo "...nokwandika": aya ni amajambo abiri ntabwo afatanye; ni "...no kwandika".

  • kwigenekerezo rya 4 Myandagaro uyumwaka nari hafiyinyubakwa yumukuru wigihugu ca US Washington DC ubworero ahonarindi harihakoraniye abanyarwanda, abarundi, naba congoman, ariko nabandibashaka baregera ahoturi bakanabaza ibibazo maze bakishurwa. Ubikurikiranyeneza abanyarwanda ivyobavuga warumvakovyumvikana, arikotwebwe abarundi ivyotwarimwoturavuga warumvakonyene mengo nuguta umutwe ukabonako ivyotuvuga atangumvu bifise, rekandababwire abarundi twarasemereye tuvuga ngo: turasaba irekurwa rya Petero Claver Mbonimpa, tugasubira tukavugango turasaba prezida Nkurunziza kutazokwitoza ikiringo ca 3 nibindinibindi, ubworero hariho umuzunguyatubajije ngo uwo Petero Claver nikintuki turabwibwira icoyakora, arasubirango hobahariho ikirimwokirakorwa mugihugu? turishurango aracarimbere yubutungane, acaravugango nimurindire. Nibwoyaca akomereza kwivuganira nabanyarwanda yarabumvirijecane kugezanaho yahevye araraba ahoyandika kugezanahoyabajije ukoyoshobora kuzovugana nabokuburebure nibwo umwe mubanyarwanda yaciye amuha information zosezishoboka zokwi radio yitwa Itahuka yabanyarwanda isamiranira murico gisagara ca Washington DC. Harumunyarwanda tubana hafi niweyaraye ambwiye ngo natwemu Rwanda nitwashikira nkahomu Burundi mugeze ngotuzavyishimira.

  • JEWE IYONZA KUBA NDI UMU OPJ NAFASHE MBONIMPA, NKASANGA AGIFISE IMYAKA 40 NARIGUCA NDAMUBOHERA AKABIDO KAMARITIRO ATANU YAMAZI KUMAVYA, AKAKAMARANA AMEZI ATATU AKAGENDANA !!!!!!!!!!! NONE UBU BOKAMUBOHERAKO YOCACIKA, ARIKO NAHO BIRUKO IBIHANO NTIBIBUZE NIBARABE IBIMUKWIYE.

  • Isanganiro nawe yarapararanganye. Uri umurundi uvuye mu mahanga u Burundi bwakugora kubamwo. Nyamba ari ubukene bwadukongataje, nyamba ari intambara ndende, abarundi benshi twarataye imitwe. Jewe nibarize isanganiro. Murashigikiye uyo muntu mu Cibitoke yinjiye muri mobile itari iyiwe akanafuta ifoto ya president? Hanyuma mumwanya muce mugira AMA editorials maremare mwigira abashingantahe. F........ You.

  • UBU HAKENEWE KO PACIFIC,VITAL,RPA NA LEONCE BOJA NABO MURI MPIMBA BASANGEYO SEWABO MBONIMPA. BASHATSE GUTURIRA IGIHUGU IMANA IRAKINGA.

  • Naje nagire nkebure muri rusangi abany,afrika nacane cane abarundi benewacu ntimuryohegwe nuko ONu yavuze ko ntamyiteguro yabarundi irikubera ikongo canke ngo muryohegwe,mwumvise ko bavuze ko ivyo claver yavuze arukuri.kimwegusa jewe vyose ndabishira kuba leaders bab,anyafrika atajunja nijambo bafise imbere yabazungu babakoresha,ivyo bagomba mugukora ibibi hageze ko babakura bakabanka urunuka inganda zitikira baraba zaheza gutikira sentare muzampakungu irashashe,kimwe gusa barazi kwigizayo abagabo bijunja nka Thomas sankala M.Gaddafi na Mugabe eka na Omar Elbashil wa North Sudan,murabe ibibera muri South Sudan mwibaza ko batabibona canke sibo babikora kugira biyibire igitoro tereza amaso aho muri lybia bageze kucobipfuza ubu igihugu ntikiriko gitabagurika baraba,ngira,mwarumvise ko nanyenicubahiro president wa Tanzania il regrette fort kuba bare OTAN kuja gutera Gaddafi.Nabandi ngira bazobibona ubwo abizera abazungu jewe sindimwo ahubwo nitugire ubumwe bw,afrika nyabwo naho babuciye umutwe ngira turacafiise abagabo bake muri afrika mwongere murabire aho hafi y,urwanda Kagame yafashe igihugu aziko,umwasi wiwe ari umuhutu ariko ubu bose baramuhunga nikuberiki nikubera ya UN imuha impigi akica nabo babohoranye,urwanda nkuko avyivugira.Ubwo rero mube maso.

  • MBONIMPA AKWIRIYE GUHANWA KUKO YABESHE

  • MBONIMPA AKWIRIYE GUHANWA KOKO YAVUZE IBIDAHWANYE NAMATOHOZA YA MONUSKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.