Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwahora aserukira igihugu ca RD Kongo yagenywe mu yandi mabanga
Uwahora aserukira igihugu ca RD Kongo yagenywe mu yandi mabanga
mercredi 28 Nzero 2015
Uwahora aserukira igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ariko arasezera bamwe mu banyacubahiro b’Uburundi.

Salomon Banamuhere yari amaze imyaka itanu ariko araserukira igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu Burundi, akaba yagenywe kuba umushikiranganji w’imico mu gihugu ciwe, ari naco gituma ariko arasezera. Mu mubonano yahawe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza eka mbere n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu, Salomon Banamuhere akaba yashikirije ko imigenderanire y’Uburundi n’ico gihugu yifashe neza, ko mbere agiye kuzobandanya avugira Uburundi aho azoba ari.
Amenyesha ko mu myaka itanu yari amaze ariko araserukira igihugu ciwe, yungutse ibitari bike yaba abagenzi mu Burundi, eka mbere n’ugukomeza imigenderanire myiza muri ibi bihugu. Avuga ko abarundi ari abantu beza, bashikirana, ndetse bafise urukundo. Salomon Banamuhere akamenyesha ko yipfuza ko abarundi bojana imitahe yabo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Uwo yahoze aserukira Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu Burundi, akaba yakejwe muri ayo mabanga mashasha yagenywemwo n’umukru w’ico gihugu Joseph Kabila.

IGIHE
Messages
28 Nzero 2015, 19:43, par Nuwera
Oyantabubeshiburimwo uburundi na Congo nisangwaningoyi barafitaniye imigenderanire myiza cane namakungu arabizi. Ariko sinogendantamukeje uwoyarisanzwe aserukira Conga ahaburundi kukuba ashizwe muntera yokugirwa umushikiranganji.
28 Nzero 2015, 21:23, par ABDOULBAKAME@GMAIL
Umurundi nibarya tuyaga aragusekera ariko ntareka kukwica.ntavuge ngo abarundi nibeza,arakugaburira mugitondo nasasita ariko kumugoroba akwica.
29 Nzero 2015, 12:08, par Makenga
Mon Dieu, le tambour est sacre!
29 Nzero 2015, 17:45, par Ntiwihebure
ABDOULBAKAME nawe, uraheba ukarenza; none nawe niko umeze? Uzohava usanga ufata ivyo wibonako canke ubona muhira ugaca uvyitirira abarundi bose. Mbega igihugu wumvise atanarimwe abantu bigera bacanamwo ni ikihe? Wibaza ngo muri Congo ntabantu bapfa? Uwo munyakongo wewe yabivuze azi igituma, kandi siwe wenyene, ni waba usoma ivyandikwa kuburundi uzosanga hose babuvuga gutyo kiretse wewe. Ni waba uko ubivuze ariko uvyiyumvira atakindi wari ugamije ubona hafi cane. Ivyo ntiwobivuga aho uri hose na cane cane mumigenderanire y’Uburundi n’amakungu.