Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO : Ikibazo c’amazi mabi ari muri komine Cibitoke kirara gitorewe (...)
REGIDESO : Ikibazo c’amazi mabi ari muri komine Cibitoke kirara gitorewe inyishu
jeudi 12 Nyakanga 2013
Abanyagihugu bo muri komine ya Cibitoke iri muri mu gisagara ca Bujumbura imyidogo ni myinshi, mu gihe bataronka amazi meza, biturutse ku miringoti izana amazi asa nabi.
Mw’ishirahamwe REGIDESO rero bavuga ko iyo ngorane bayizi, ko vyatanguye kuva ku muhingamo w’ejo, igenekerezo rya 11 Nyakanga uyu mwaka, mu gihe abakozi b’iryo shirahamwe bariko barasanura imiringoti imwe imwe ijana amazi muri iyo komine ya Cibitoke, iyo nayo ikaba yari isanzwe ifise akagorane.
Muri REGIDESO bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko iyo bishitse hakaza amazi arimwo ibishanga, biba bivuye ku miringoti iba iriko irasanurwa. Umuyobozi mfatakibanza mu gisata c’amazi Ntawuheburimana Félicien akaba aremesha abanyagihugu bo muri komine ya Cibitoke, ko naho gushika muri akagatondo ayo mazi y’ibishanga yarakiriko araza, bokwihangana kuko uyu munsi nyene baza kuba bahejeje gusanura iyo miringoti isanzwe ijana ayo mazi, hanyuma basubire kuronka amazi meza nk’uko bahora.
Ivyo bikaba biri ukwo mu gihe abo banyagihugu bo bidoga ko, kuva ku munsi w’ejo atamazi baronka, batinya ko indwara zivuye kw’isuku rike zishobora guca zikika mu kiza, na rirya indwara ya kolera yari imaze iminsi igisibije mu makaratiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ndetse n’ubu hakaba hari aho itari bwatuzwe burundu.

Aristide Nizigire