Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
REGIDESO iragirizwa kuduza ibiciro mu mpisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO iragirizwa kuduza ibiciro mu mpisho

REGIDESO iragirizwa kuduza ibiciro mu mpisho

jeudi 6 Ruheshi 2013

Abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO baridogera iryo shirahamwe ko ama facture y’amatara n’amazi yadugijwe cane muri iyi minsi.

Abanywanyi biryo shirahamwe twashoboye kwibonera kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013 ku biro vy’iryo shirahamwe, bari batangajwe rwose n’amafacture bariko barariha. Abo banyagihugu bavuga ko batumva ukwo bashobora kuriha amafacture mu gihe ubu bayarwije na kane ugereranije no mukwezi guheze.

Abo banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basaba ko ishirahamwe REGIDESO ryosubiramwo ibiharuro mu maguru masha kandi bagasaba ko ivyo bitosubira na rirya abo banyagihugu bitakambira ko ubukene bubarembeje, bwokora inzara bugata.

IGIHE yagerageje kurondera abarongozi biryo shirahamwe ariko ntitwabaronse, tukabamenyesha ko tuzoguma tubarondera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.