Accueil > Amakuru > u Burundi > REGIDESO iragirizwa kuduza ibiciro mu mpisho
REGIDESO iragirizwa kuduza ibiciro mu mpisho
jeudi 6 Ruheshi 2013
Abanywanyi b’ishirahamwe REGIDESO baridogera iryo shirahamwe ko ama facture y’amatara n’amazi yadugijwe cane muri iyi minsi.
Abanywanyi biryo shirahamwe twashoboye kwibonera kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013 ku biro vy’iryo shirahamwe, bari batangajwe rwose n’amafacture bariko barariha. Abo banyagihugu bavuga ko batumva ukwo bashobora kuriha amafacture mu gihe ubu bayarwije na kane ugereranije no mukwezi guheze.
Abo banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basaba ko ishirahamwe REGIDESO ryosubiramwo ibiharuro mu maguru masha kandi bagasaba ko ivyo bitosubira na rirya abo banyagihugu bitakambira ko ubukene bubarembeje, bwokora inzara bugata.
IGIHE yagerageje kurondera abarongozi biryo shirahamwe ariko ntitwabaronse, tukabamenyesha ko tuzoguma tubarondera.
Aristide Nizigire