Accueil > Amakuru > u Burundi > "Reta ikwiye kuganira n’imirwi ifise ijunja mu gihugu’’
"Reta ikwiye kuganira n’imirwi ifise ijunja mu gihugu’’
jeudi 13 Ruhuhuma 2014
Mu gihe igihugu c’Uburundi kimaze iminsi kitagira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hakaba hari n’igihengeri muri Reta kuko abashikiranganji bava muri UPRONA batanze imihoho, umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi, avuga ko ivyashitse mu Burundi atari irya mbere bibaye, kandi no mu bindi bihugu vyama vyashitse bamwe bagatanga imihoho muri Reta. Ariko kubwiwe, igikuru n’uko hoca haba ukuganira kugira ibibazo vyoba bihari bitorerwe inyishu
Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya amenyesha ko no ku ntwaro yiwe vyigeze gushika, aho hari bamwe mu bashikiranganji basabwe kuva muri Reta, iyo ngendo rero akaba ari iyishika mu bihugu biri mu ntwaro rusangi, bamwe bakava mu nzego bivanye n’uko ivyo bashaka atarivyo biba biriko birashirwa imbere. Ivyo rero ku bwiwe, ni ingorane cane, kuko bituma inzego zama ziriko zirahungabana, narirya usanga hari bumwe mu buzi buca bukorwa nabi.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yamenyesheje ko igikomeye kuri Reta, ari uko bamenyera kuyaga n’imirwi ikomeye, imirwi y’ijunja. Avuga ko no ku ntwaro ya Petero Buyoya ivyo vyashitse, aho yayaga n’uturwi tudakomeye, bigatuma barindira umugambi w’amahoro amaso agahera mu nzira. Ariko igihe batanguriye kugiriranira ibiganiro n’imirwi ikomeye yarwana, amahoro yarasasagaye, ndetse bituma hashirwako n’imikono ku masezerano yo guhagarika intambara i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, amasezerano yatumye hagaruka umwizero mu gihugu.
Ikindi uwo yahoze aramutswa igihugu asaba, akaba ari ukuronsa ubwigenge imigambwe igakorera ku mugaragaro. Nayo ivy’uko imigambwe myinshi yidogera Edouard Nduwimana ko ariwe aja kwisonga mu kuyisambura bigatuma atacizere agirirwa, ndetse bigatera amakenga ko UPRONA naho igira isubire mu nzego ishobora kwivumbura kandi kuko batashimye ibikorwa vy’uyo mushikiranganji mu bijanye n’imigambwe, Sylvestre Ntibantunganya asaba abantu na cane cane abanyeporitike kutipfuza iminsi yose ko ibintu bigenda uko babishatse, na rirya intwaro rusangi, ari intwaro y’ivyiyumviro bitandukanye, ko bokwama bashira ibiganiro imbere.
Aristide Nizigire
Messages
17 Ruhuhuma 2014, 16:19, par Mudagi
Mwagerageza kubabwira ni uko riwe na rimwe babirenzako uruho rw’amazi.