IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta irashima utwigoro tw’amakungu mu gutora inyishu z’ibibazo vya (...)

Reta irashima utwigoro tw’amakungu mu gutora inyishu z’ibibazo vya politike

jeudi 16 Mukakaro 2015

Reta y’Uburundi irashima utwigoro tw’amakungu n’akarere mu kurwiza inama zifasha gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Mw’itangazo ryo kuwa 16 Mukakaro ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba,amenyesha ko ata gihugu na kimwe kw’isi cigeze kivuguruza ugushaka kw’abanyagihugu.

Filipo Nzobonariba amenyesha ko umuhuza mu bibazo vy’Uburundi,umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni,yasavye abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose kubandanya ibiganiro,kandi vyashimwe na bose.

Kubwiwe,Reta y’Uburundi yamye ishira imbere ibiganiro,imbere y’amatora,mu matora n’inyuma y’amatora.

Umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi arangiza amenyesha Uburundi n’amakungu amenyesha ko amatora yatanguye adashobora guhagarara kandi ko umutekano uzoba wakomejwe.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.