Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Ubufaransa yatanze imfashanyo y’ibikoresho kubashikiwe n’ikiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Ubufaransa yatanze imfashanyo y’ibikoresho kubashikiwe n’ikiza (...)

Reta y’Ubufaransa yatanze imfashanyo y’ibikoresho kubashikiwe n’ikiza c’imvura

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Ubuserukizi w’igihugu c’Ubufaransa hano mu Burundi bwatanze imfashanyo y’ibikoresho vyo mu nzu, bigizwe n’uburengeti bwo kwifuka, ivyombo vyo gutekesha, ibisakazo, n’ibindi kubahuye n’ikiza c’imvura co kuwa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma 2014.

Mw’itangazo ubuserukizi w’igihugu c’Ubufaransa hano mu Burundi bwasohoye, abategetsi b’ubwo buserukizi bamenyesha ko, babajwe n’ivyashikiye Uburundi, ku mvura y’isegenya yaguye kuwa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma 2014 yononye ibitari bike n’abantu insinzi bahasize ubuzima. Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande akaba yamenyesheje umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza ko yifadikanije hamwe n’umubabaro n’Uburundi ku vyahononekariye vyose, na cane cane kubahasigiye ubuzima.

Francois Hollande akaba yahojeje imiryango y’ababuze ababo, yongera arungika n’imfashanyo mu kugarukira abo bose bahaburiye ivyabo n’ababo, kuri ico kiza c’imvura co kuwa 9 Ruhuhuma. Iyo mfashanyo igizwe n’amatoni atanu y’uburengeti bwo kwifuka, ibikoresho vyo mu gikoni bitandukanye, ibisakazo, amabido y’amazi, n’ibindi Reta y’Ubufaransa yatanze ikaba yayishikirije ishirahamwe Croix Rouge rikorera mu Burundi, kugira ribishikirize abo bahuye n’amakuba bari muma site begeranijwemwo. Bikaba bitegekanijwe ko iyo mfashanyo ishirahamwe Croix Rouge iyishikirizwa uno munsi wa kane wa 27 Ruhuhuma 2014, kubegeranijwe ku kibuga citiriwe Don Bosco kiri ku Buterere. Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa m’Uburundi, Gerrit van Rossum hamwe n’umunyamabanga mukuru wa croix Rouge bakazoba bahishikiye mu gushikiriza izo mfashanyo abashikiwe n’ivyago.

Mwomenya kandi ko Ubuserukizi bw’igihugu c’ubufaransa hano m’Uburundi bugiye no gushigikira ikigo cakira abafise ingorane zo mu mutwe co mu kamenge, CNPK (Centre Neuropsychiatrique de Kamenge). Bukaba bugiye gufasha ico kigo gukurikirana abashikiwe n’ivyago haba mu guhahamuka canke mu guta ubwenge bivuye kuri ico kiza c’imvura.


Mariella Bukuru

Messages

  • bagize neza.ariko kubwubunyonyezi bwactegetsi bamwe bamwe uzagusanga babihayabataribo.abandi barinde kukubazumugambwe urimwo,ivyo sivyiza barikura abashikiwe nivyago,umuntu niwew yihagateka mugihe bobitamga neza.ntawobura gushima

  • Yooo?rwose barakoze.kandi turakengurutse.birambabaje bikongera bikanyibutsa mangene twabaho mu nkambi ya rucole ingara aho twateka mumigereni tukarira kumanshi ayo mapfoto arababaje rwose.muntu wohirahira ukarya izo pfashanyo.woba uhemutse kandi nziko nubu mwamaze kuzigabagabana sigaho reka muzihe ziriya mbabare.rwose ubufaransa asante sana

  • Ubufaransa bwagize neza cane kunfashanyo batanze kubahuye n’ivyago vy’imvura.n’ibindi bihugu bikore nkuko.

  • Amashirahamwe yose yarabonyeko abo bantu bakeneye imfashanyo kandiko bayitanze kuri Leta idashika!Baze baracisha n’ibindi mu mashirahamwe yizewe kuko abandi barabaye Inyamaswa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.