IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irahakana ko ata hohoterwa rifatiye ku gitsina (...)

Reta y’Uburundi irahakana ko ata hohoterwa rifatiye ku gitsina ryakozwe

mardi 19 Nzero 2016

Reta y’Uburundi irabeshuza ivyashikirijwe na Komiseri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein ko hari ubwicanyi bufatiye ku moko hamwe n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina ryakozwe n’abajejwe umutekano mu Burundi.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi wa Reta akaba n’umunyamabanga wa Reta Filipo Nzobonariba kuri uno wa mbere igenekerezo rya 18 Nzero 2016,atera ivyatsi amasanamu yashikirijwe n’imboneshakure ikorera mu Bufaransa France 3, Filipo Nzobonariba yamenyesheje ko uretse ko ivyashikirijwe ari ibinyoma,inzego z’umutekano zirimwo amoko yose nkuko bitegekanywa n’amasezerano ya Arusha kandi ko bitoshoboka ko bakora nkivyo canke ngo habe ihonyabwoko.

Muri iryo tangazo, umuvugizi wa Reta amenyesha ko Reta yamye yereka amkungu ko amahoro n’umutekano bisasagaye mu gihugu,naho hari ibice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura birimwo umutekano muke.

Reta y’Uburundi irateye ivyatsi amarementanya afise intumbero yo gushira mu makosa amakungu,gushika ku munyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,inama y’umutekano hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya. Reta ibasaba gusubira gusoma ivyegeranyo atari vyo vyashikirijwe n’abashaka ko igihugu kiguma mu bihe vy’umutekano muke.

Reta y’Uburundi imenyesha abarundi n’amakungu ko yiyemeje kubandanya itsimbataza ubumwe,ukubana neza hamwe n’umutekano mu barundi.

Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya yitaba ibiganiro bihuza abarundi vyatangujwe n’umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni. Reta y’Uburundi isaba Yoweri Museveni kubandanya igikorwa co guhuza abarundi mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’umutekano mu Burundi.

IGIHE

Messages

  • Mutama filipo wow uzavugira ryari abenegihungu mbega wamutinya yup Peter akubogonza mbega umusi ubutegetsi WA peter nibyahera uzokora ibiki ndizeye yuko ta Société prive nimwe ya guha akazi mbega camp Muha. an Nyakabiga bihuyegute kwama uzavugira kumaradio tabenegihungu biciwe mumihana yabo. Sha kwitwa umugabo gito cankers utagira ijambo waba uwambere

  • Uyo mutama arisaziye nibareke kumuremeka amabuye

  • Ubundi se wavugikiii!!!!

  • Ntawemera akabi abobasonda nikiporice sabere bose,murazi kwisamaki imwe iyiboze ituma nizindi zibora, abakorewe ayo mabi bariho, abafatwa kubwishi bagatabwa muvuto abandi bakagandagurwa nabatutsi nabahutu bamwebamwe biyamirijikiringo shagatatu cankurunziza abo barabangamiwe.

  • Abajejwe umutekano bu Burundi bafise indero ivyontibobikora nuwobikora yobaruwataye umurongo nkuko mubona Niyombare yataye umurongo akaja kwicara kuntebe yumukuru wigihugu atabiherewe uruhusha nabarundi biciye mukazi kamatora. Gusa naramenyeko baryabaribateye amakambi yigisirikare ko bamwebirutse bajamumihana barica abanyagihugu bongera barafata kungumvu abagore nabakobwa ariko kubera abanyagihugu bamwe bahano Bujumbura mengo nuwabarogeye kwanka abajejwe umutekano wuburundi, bacije biruka kwandikisha kwarabasirikare bu Burundi baciye babafata kunguvu! Ariko baransetsa abemerako ivyovyakozwe nabasirikare bu Burundi, wewe wokumva abantubaguteye ugasubira kugira agatima kogukora ivyo? Mbega nkabakuze ntimuziko imibonano mpuza bitsina idakunda kumugabo iyoyagize ikintu kimutera ubwoba? Ndababwirako abasirikare bu Burundi uryamusi baribafise ubwoba budasanzwe kuko kw’ I nzima nihake wokwunva abantu batereye icarimwe amakambi yagisirikare atatu icarimwe, haryayoyaba atarabasirikare bamize akabuye kabasoda bwariguca bageze Congo, namwengo bagiye gufata abagore kunguvu!?.

  • NONE IYO FRANCE 3 YOYO AMASANAMU Y’IBINYOMA IYAKURAHE?KARASHIZE INGANI UBURUNDI BAZE BARADUKORAKO AMA MONTAGES RIVA?

  • Mbega muremera ko haba montage ko igihe mwazigirira domitien mutibajije ko bibabaza noneho ubeshera uwapfuye ugapfa nkawe kandi sukubesha gufata kunguvu vyarashikiye abagore babiri(2) kumutakura nuwundi nyakabiga nuwundi musaga abo nabubahutse kubivuga abahoreranye nabo nibo beshi haraho kumutakura hatowe isashe irimwo ibihiba vyirondoka vyabagabo none ivyo nivyo nzobonariba avuga ko muburundi agateka kamuntu kubahirijwe imana imubabarire kuko avugira mubiro ntaja aho bibera niho yomenye ukuri

  • Nikuki Amakungu adafasha reta y’Uburundi mu twigoro ikora mu kugarukana amahoro mu gihugu kandi ariyo nzira ishika? ha kuguma akorera ku vyitwazo. kuko nta reta nimwe kw’Isi yorera amaboko Abajejwe umutekano bicwa, abanyagihugu bicwa, bintu vyononwa. Amakungu na fashe mu bishoboka. Gakozi Emmanuel i Pretoria.

  • Nta Reta nimwe kw`Isi irabonekaaho abajejwe umutekano bicwa,abanyagihugu bicwa,ibintu bikononwa ngo Reta irere amaboko. Amakungu na fashe ahubwa inzego z’ubutungane kukora nezababishace ba korere hamwe ba shinge Sentare nkiyo banshinze mu gwanda. Barabe intandaro zayo ma kuba aba mu Burundi. Uwagigwa ni caha arengucwe. nayahandi ntaco Ama kungu aruko arakora atarukwama mu Ma mission mu Burundi.Amahera ba zokoresha mwizo nteko ni menshi ni ndishi za kababaro ku bahitanwa nivyo bikogwa ni menshi. ni ba himirize ibiganiro ningoga.babishiremwoubwira. gutyo amahoro agaruke azi atararenga urugero.nti barondere inyungu zabo za ma mission adahera.bishoboce bu hereze imiti ni bifungugwa ku bamerewe nabi mu gihugu. Gakozi Emmanuel i Pretoria

  • mbeg yuko bavuga inteko mvamakungu ngo zize muburundi natwe twama tuzifasha ntazo dukeneye twebwe abajejwe umutekano barakwiye kandi noneho muburundi hari amahoro meza kandi mbere ararenze.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.