IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irashima urugendo rwagizwe n’intumwa za ONU

Reta y’Uburundi irashima urugendo rwagizwe n’intumwa za ONU

dimanche 24 Nzero 2016

Reta y’Uburundi imenyesha ko yanezerejwe n’urugendo rwagizwe n’intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi kuva kuwa kane igenekerezo rya 21 Nzero 2016 gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 22 Nzero 2016.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umunyamabanga wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Filipo Nzobonariba kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 Nzero 2016,Reta y’Uburundi imenyesha ko ishima kuba izo ntumwa zarishikiye mu Burundi kuraba uko ibintu vyifashe.

Muri iryo tangazo Reta imenyasha ko yashimye kuba kandi izo ntumwa zaremeye gushika mu gihugu hagati,zikaba kanzi zarabonanye n’imirwi itandukanye harimwo abahoze barongoye Uburundi, abanyamigambwe,abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abategetsi mu gihugu.

Reta y’Uburundi ikaboneraho akaryo ko gusaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ngo naryo ryishikire mu gihugu c’Uburundi kugira rireke gukorera ku makuru bahawe n’abandi.

Iryo tangazo risohotse inyuma y’umunsi umwe gusa,intumwa z’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zihejeje urugendo zagize mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Nibyiza. Hari amakuru avuga ko ikibazo cyuko Nkurunziza yemewe n’amakungu , abari muri ako karwi ka ONU bavuze ko nabo bemera Nkurunziza. Abagendera kubihuha ngira bagiye guhinduka. Naho abanga Nkurunziza nimwiyahure.

  • None Uko Babibariwe Niko Babisanze? Ariko Niyobiruko Ubwicanyi Burimuburundi Buraturenbej Nimuhindure Ingendo Kuko Turahonye.

  • Mugabo bosanze amahoro ari yose.

  • Ni mba reta ya shimye urugendo rwizo ntumwa zagiza muburundi, ivyo mwasabwe ni mubishire mungiro ico nico kizokwerekana ko mwashimye urugendo bagize hano muburundi. uwutabazi niwe yo kwemera ngo mwarushimye,nimyi fato mwerekanye mugihe bari bashitse ntiyerekanye urufasoni nagatoyi, rero nimba mwarashimye umuzo wabo, nimuhereho mutangure kwitaba amanama mutumirwamwo, nihotuzomenya ya pepo yu kutumvira komwayitwaye kubakozi bi Mana bakayisengera ikabavamwo. bitaruko naho! nuguhenda abanyagihugu namakungu, ariko ikinyoma kimarumusi ntimarumwaka murivyo mutangaje muzohinyu, turabirindiriye.

  • je ndabonako hamwe n’uburundi babubeshera.none nkivyo vyavugiwe kumbonerhakure yo mu bu france 3. none yuko batavuze ikomine vyakorewemwo?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.