Reta y’Uburundi isigura ko atariyo yanse kwicarana na CNARED

Yanditswe na IGIHE
Kuya 10 Ruheshi 2016 saa 11:53
Yasomwe : 106101
0 0

Reta y’Uburundi ivuga ko atariyo yanse kwicarana mu biganiro n’abagize urunani CNARED, ahubwo ko ari ingingo y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ibiganiro bizohuza abanyeporitike batafashe inzira y’intambara n’ubugizi bwa nabi.
Mu mibonano iheruka kubera i Arusha hagati y’abegwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi, urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi ntibitavye iryo sango, bakaba basavye ko botumirwa nk’urwo runani, badahawe ubutumire (...)

Reta y’Uburundi ivuga ko atariyo yanse kwicarana mu biganiro n’abagize urunani CNARED, ahubwo ko ari ingingo y’inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ibiganiro bizohuza abanyeporitike batafashe inzira y’intambara n’ubugizi bwa nabi.

Mu mibonano iheruka kubera i Arusha hagati y’abegwa n’ibibazo vya poritike mu Burundi, urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi ntibitavye iryo sango, bakaba basavye ko botumirwa nk’urwo runani, badahawe ubutumire umugambwe wose wo muri urwo runani ukwawo.

Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko itazokwitaba ibiganiro bizoba birimwo urwo runani CNARED.
Mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Rumonge kuri uwu wa gatanu, Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yasiguye ko Reta atariyo yanka kwicarana nabo bagize urwo runani, akavuga ko ari ingingo yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribicishije mu nama nkuru y’umutekano y’iryo shirahamwe, mu ngingo za 2248 na 2279 zivuga ko abazoja mu biganiro ari abatafashe inzira y’intambara.

Reta y’Uburundi ahubwo isaba umuhuza Benjamin William Mkapa kutazovuguruza inama nkuru y’umutekano ya ONU yamaze gufata iyo ngingo.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo NZOBONARIBA agasaba ibihugu vyahaye indaro abo Reta yagiriza ko bafashe inzira y’intambara, ko vyobarungika bakurikiranwe n’ubutungane, canke imanza zabo ziburanishirizwe iyo bari, Reta ikavuga ko izobasangayo kubaburanya.

Mu gihe intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini iheruka kwakira abaserukira CNARED, mu mubonano wabereye mu gisagara ca Bruxelles kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2016, uwo mubonano ukaba waje ukurikira uwundi wari wabaye hagati y’intumwa za CNARED nyene hamwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, mbere n’umuhuza William Benjamin Mkapa akaba ategekanya kubonana na CNARED kuri uwu wa gatanu, Reta ivuga ko ababonanye n’urwo runani ari uburenganzira bw’akazi kabo kugira baronke ivyo bazoshikiriza.

Kubwa Firipo NZOBONARIBA, ibiganiro bizohuza Abarundi bose, abari mu gihugu n’abari hanze, akavuga kandi ko atazoba ari ibiganiro vy’ukugabura inzego.

Muri ico kiganiro gihuza abavugizi bose b’inzego za Reta, Firipo NZOBONARIBA yamenyesheje ko CNARED ari urunani rutazwi n’amategeko yo mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
KING LOVE 11-07-2016 à 07:59

MUVYUKURI NIMBARETAISHAKAKOIBIGANIROBIBANDANYA NIREGEREIVYABAYE HAMA BATUMIRE CNARD BICARANE YUVE IVYOBAGONA KUKO NTAKUGAYA IVYO UTUVISE NAYO IZOGINGO SIZO ZOTUMA MUTAGANIRA CANKE NGO ZIBATERENYE

2
bicakira 9-07-2016 à 21:22

Nibongere baturize amapine kobarinda?inkubisi yamavyi iyakubita yitarukirizako.

3
Anonyme 29-06-2016 à 17:02

Abatari bazwi kera ubu nibo bazwi! ni question de force....,pole pole ndiyo mwendo.

4
jishoryintare 14-06-2016 à 15:27

Ninde none?
ibintu byose byabaye urudubi, Kikwete yavuyeho, zuma ari munzira Uburusiya na Nato bimeranye nabi,Abasirikare bari somalia bagurisha intwara none bagiye kwirukanwa, nigipolisi kimerewe nabi centrafique kuko udashobora kurinda abantu kandi bavuye kwica benewabo hasigaye ko Donald atorwa natwe tukabarasa

5
Aîné Serges Sinzobatohana 13-06-2016 à 14:40

Kubwanje Ndasaba Leta Ngo ntiyivuguruze mugufata ingingo kuko n’ico gituma banka kwitaba ngo nimpaka bagende ari igikuku ntawuzi ico bigamije nibareke iconzico impera n’imperuka bazizana.

6
Niyo Benit 13-06-2016 à 09:20

cenard nakagwi kabantu kinkozi zibibi ,emwe je nohanur Leta ntiyemere kuganira nizonkozi zikibibi ahubwo nibafatwe bakubitwe intahe mugahanga.

7
JEAN MARIE 12-06-2016 à 19:46

YEWE JEWE NKUMUNTU ASANZWE MBONA BOGANIRA NABOBATAVUGARUMWE KUKO NTIBAZORUHUKA BATAGEZE KUBYO BIYEMEJE KUGIRA TURONKE AMAHORO NIBAGANIRE NA CNRD,

8
CIMPAYE DOMINIQUE 12-06-2016 à 13:19

LE GOUVERNEMENT ACTUEL DOIT FAIRE ATTENTION AVEC CE DIOLOGUE? CA PEUT ETRE UN PIEGE CONTRE LUI? WE HAVE BEEN IN EXIL FOR ALMOST TEN YEARS WE DONT WANT WAR ANY MORE. THE SAME PEOPLE ARE STILL CAUSING PROBLEMS. AMASE YAKERA NTAKAZI AGIFISE. UBU TWESE TURAHABONA THANKS!!

9
jean 12-06-2016 à 13:11

ntabana babantu bazoduha amahoro tutayahawe nimana yomwijuru dusenge iyomwijuru niyo itangamahoro

10
Ntakirutimana 12-06-2016 à 12:08

Imana Izodufasha Kugwanya Ubwo Bugizi Bwanabi Nkatwebwe Abarundi.

11
NAHIMANA REMY 12-06-2016 à 10:12

MANA TABARA UBURUNDI NABARUNDI. HABUZE IKI KUGIRA BAJE HAMWE NIBUMVIKANE TURI BENE MUGABO UMWE.

12
###### 11-06-2016 à 16:41

KOMERA KWIBANGA MWATUMWE NABABATOYE MUBANDANYE MUDUKINGIRA ABO BASHAKA INTWARO ZIGIKENYE BITWAJE ITERABWOBA NOGUTYOZA RETA TWITOREYE TWEBWE ABANYAGIHU nawe uvuga ko uwoshaka yosanga abandi mubuhungiro,niwaba ushakaka reta yigikenye, bwobasangayo( urunyany ruboz ntigwanduz izikomeye).

13
###### 11-06-2016 à 16:39

KOMERA KWIBANGA MWATUMWE NABABATOYE MUBANDANYE MUDUKINGIRA ABO BASHAKA INTWARO ZIGIKENYE BITWAJE ITERABWOBA NOGUTYOZA RETA TWITOREYE TWEBWE ABANYAGIHU nawe uvuga ko uwoshaka yosanga abandi mubuhungiro,niwaba ushakaka reta yigikenye, bwobasangayo( urunyany ruboz ntigwanduz izikomeye).

14
Musaga 11-06-2016 à 14:20

Uyu (tari) ni igikwangari mumutwe.Atekereza nk’impene.

15
tari 11-06-2016 à 07:33

Njye nitwa tari nibera kwa le gentil. Iyo ntaranywa imiti yacu yabasazi nandika buri gihe ntuka nyirecubahiro NKURUNZIZA.mbasabye ikigongwe

16
tari 11-06-2016 à 02:15

Jewe ico nosaba cnared nuko yohagura ikava muvyo guhendahenda ahubwo igafata umuheto ikarwanya iyo reta yicaduka kuko urumvako ariko gasuzuguro cnared yahisemwo gukoresha inzira yibiganiro ariko urumva ingene akokarwi ka nkurunziza kaguma kayagiriza gukoresha inguvu jewe rero mbonako vyobavyiza cnared iteruye umuheto hama ikarwanya iyo reta kuko niko kagayo kuko cnared siyo yokwinginga akokarwi kabicanyi ahubwo akokarwi niko ko kwinginga cnared naho nzobonariba niyinumire kuko ivyavuga

17
NISHIMWE BONFILS 10-06-2016 à 21:39

Abanyeshure bakwiye kubareka bakiga mu mutekano ntangere

18
Peace 10-06-2016 à 20:31

None bashaka kuganira Nabobavuga rumwe gusa?

19
Aruno 10-06-2016 à 19:33

Nosaba.Reta.Ko.Itokwemera.Kwicarana.Nabagovyegutembagaza.Ubutegetsi.Abanyagihugubitoreye

20
Bizoza Fanuel W’ibuhema 10-06-2016 à 18:48

Ahubwo Nimuvyumvikaneko.Munduhe Amahoro Duhunguke.Nahandi Mugunye Mushimika Muzoguma Ngaho. Nyene

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha