IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yateye ivyatsi abishe abamenyeshamakuru b’Ubufaransa

Reta y’Uburundi yateye ivyatsi abishe abamenyeshamakuru b’Ubufaransa

jeudi 8 Nzero 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiranye umubabro ntangere igandagurwa ry’abantu 12 batewe mu nyubakwa ikoreramwo abamenyeshamakuru ba Charlie Hebdo.

Nk’uko tubikura mw’itangazo Reta y’Uburundi yashize ahabona, umuvugizi wayo Firipo Nzobonariba amenyesha ko Reta y’Uburund ihojeje igihugu c’Ubufaransa, imiryango yabuze hamwe n’abamenyeshamakuru bose bo kw’isi yose, ndetse Uburundi bukaba bwiyemeje kuzobandanya buterera mu gutuza imirwi yose yitwaza iterabwoaba.

Mukamenya ko n’ikinyamakuru IGIHE cifatanije n’abamenyeshamakuru b’Uburundi bose mu kumara umwanya w’iminota itatu yo kwibuka bagenzi bacu bagandaguwe barashwe mu Bufaransa.

Mukamenya ko abo bateye Charlie Hebdo, umwe yafashwe, babiri nabo bakaba bamaze kwikekwa aho bageze bariko barahunga, bikavugwa ko bageze mu Buraruko bw’igihugu c’Ubufaransa. Abanyagihugu bo muri ico gihugu bakaba bameze magabo, bamwe bagasaba ko abo bicanyi batatu bamaze gufatwa bose boheza bagaturirwa babona, abandi bakaba basaba ko ubutungane bwobacira urubanza rukwiranye n’ivyo bakoze.


ristide Nizigire

Messages

  • Hanyuma reta y’uburundi izotera ryari ivyatsi ryari abaciye amazosi imbohwe zo kurugamba mu Cibitoke.!!?

  • Uwo mutama Nzobonariba yama yarandaguye ivyatsi abitera abitera abantu erega azobimara hatere inkukura mu Burundi.
    Kubwanje birababaje canje ivyashikiye abamenyeshamakuru ba Fransa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.