Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Reta y’Uburundi yakuye icizere kuwuserukira Ububirigi mu Burundi
Yanditswe taliki ya 10-10-2015 - isaha 11:19' na IGIHE

Amakuru ava muri Reta y’Uburundi amenyesha ko ubutegetsi bw’i Bujmbura bwakuye icizere kuweserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi. Ayo makuru akamenyesha ko vyoba vyavuye kw’itituka ry’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi.

Iyo ngingo Reta yafashe y’ukumenyesha ko itagifitiye icizere uwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi ibaye inyuma y’indwi imwe gusa igihugu c’Ububirigi kimenyesheje ko cahagaritse imfashanyo cahora gitanga ku migambi itandukanye yarangurirwa mu Burundi, mu kurindira itanguzwa ry’ibiganiro, hamwe n’ukwihweza ico ivyo biganiro bizoshikako hagati y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya n’Uburundi, ibiganiro bizoshimikira ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou.

PNG - 1.1 Mo
Marc Gedopt, aserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi

Ukwo gukura icizere kuwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi bikaba vyoba vyavuye ku mugenderanire igenda itituka hagati y’Uburundi n’Ububirigi. Ababikurikiranira hafi bakaba bamenyesha ko igikurikira ari uko uwo aserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi yoca yibwiriza agataha, Ububirigi bukarungika uwundi, canke naho Reta y’Uburundi igafata ingingo y’ukumwirukana ku butaka bw’Uburundi (Personna non gratta).

Ivyiyumviro vyanyu

nibaveho tuzobaho namwe mwabigugu vyabarundi gume mwisamburirako muzokabona ibice nimwe muyikwega mwibuke izonzoka zababirigi zagandaguye abacu

15.10.2015 à 14:13
nyangoma

nibagende izombwa zabanyina barabe ko tutazoguma duhembwa aho dukura amahera twarahabonye kandi batatubwira ngo kora ibi

13.10.2015 à 13:54
manirakiza

Ndasaba nshimitse Twitonde imbere y’abo twama Dusega kuko Ntaho uburyo buzova handi.Iyo usega Uba ukwiye guca bugufi

13.10.2015 à 09:37
Admune

ABATWARA UBURUNDI BAFASHE NABI UWUSERUKIRA UBUBIRIGI BAKIBAGIRA KO ICO GIHUCU ARICO IMFASHANYO ZOSE ZIZA ARICO KIBANZA KUVYEMEZA, NONE TURIKO TUVA HE TUJA HE ? ABARUNDI DUKWIYE GUHAGURUKA TUKIYAMIRIZA IYI NTWARO MBI IRIKO IRADUKWEGERA AMAHANO Y’UBUKENE BUTAGIRA IZINA ( MU KUBURA AHO DUSEGA) !

12.10.2015 à 21:27
Majaliwa Petero

Mbega yemwe tujahe tuvahe ?mbona bigiye kugorana !

12.10.2015 à 09:52
Dieudonne sindayikengera

Twopfumadupfatwese hakwongera kudufata nkukobafashe basogokurubacu uburundi butatikukira ikiboko caboga Mana yanje ! Rekanikuye umwaku nafunguye, ntanikigongwe bigezebadusaba nugukomezagusa badukinakumuvyimba wamabibadukoreye.

12.10.2015 à 06:47
None ?

Ubu Burundi Bwacu Ababutabagura Nibenebwo Nibareke Kumaramarira Kubavuz Ukuri.Burya Nne Ko Bashigikir Inkozi Z Ikibi Bashaka Bizogend Gte ?Banse Guhanurwa,nibemere Guhanwa Ntakundi.Ahubwo Bari Babatebeje !

11.10.2015 à 20:46
Cleaner Nivyimana

Reta nireke kwidadira kuko turacari bato mubutunzi kandi ntibikure kububirigi kuko badufasha vyinshi.twe abanyaghugu nitwe tuhagwa kuko abari muri reta bo baguma barya mumakori yacu twe dushonje bobo rero ntaco bibabwiye.

11.10.2015 à 18:06
Bonaventire

Abo Babirigi Bibaza Ko Bazosubira Gukoroniza Uburundi ?Ese Iyo Dukoronizwa Nubufasa Tuba Dutuze

11.10.2015 à 11:50
Ntibakorako

Natange Imihoho Haze Abashoboye Kuvugira Neza Uburundi

11.10.2015 à 09:53
Havyarimana Reonc

Natange Imihoho Haze Abashoboye Kuvugira Neza Uburundi

11.10.2015 à 09:51
Havyarimana Reonc

HAHA !!NTAW MUKIGERA UMUTWE !AKO MANA !UMUYANG NTUCUBAHA UMUYAGA

11.10.2015 à 07:32
DEMOCRATE SAFI

None ubu naho ko ata mfashanyo bakiduha bahakora iki mu burundi ?Ubu on ne leur doit rien du tout ces abruptis

11.10.2015 à 01:55
fidelite

MURWNDA UBUJURA BWATANGIYE NITIMUGIRE ABANDI MUKEKA NABARUNDI BAHUNGA INZARA NUBUKENE BLIWABO BYABARENZE……NTIBAHINGA NTIBACURUZA NTAKAZI NIBIBAZO GUSA. ABANDI BIYITA IMPUNZI KANDI ALI IMBERAKURE ZA LETA. ...

11.10.2015 à 00:56
doudou

NI Banyare hariya reta ndd vyayiburiy bananiw kwihanura nako yananiw kwihanura agahb 3èm m@nd@£ ngo bakura icizr kubataco babavuz !Mbga twoho amambassadfe yos dufs hanz boyugara mwokwifata mut ?Ark ngira ntaco vyobatwara kuko ayo mwivye mwobaha ayo nyene !Ndambe mbone si DIEU le voudra mais pas....qui le voudra !

10.10.2015 à 21:47
NDAMBEMBONE

Bashaka Kugaruka Kudukoroniza Yamagi Barya Kugi Koloni Yabahezemwo.Ubu Ho Twarikukiye.Sha Umuntu Yiswe Louis Michel w’umubirigi Niwe Nkeka Atuma Twankana Nababirigi.Nagende Nakare Nibo Bazanye Amacakubiri Muburundi.

10.10.2015 à 21:24
Vya.

nateshw at ntajambo ryiw ni njati

10.10.2015 à 19:33
ndabarambanye jean claude

Hahaha Mwanka, Mwemera, muzoriha ivyo mwononye, n’ubwicanyi muri gukora tu. Turabahutu, ariko izo nkino zanyu muronderera inda zanyu ntazo dushigikiye. Iyo muba mudukunda, mwari kubicisha mumatora meza. Ntimugire ngo tuzopfa twibagiye Intandaro ya vyose. Abahutu Ntituri ibiraro vyanyu !!

10.10.2015 à 17:30
OKAY

nagende.turazikaribobatwicira.abaprezida.nibagendeninyabovyose.abobocamyi

10.10.2015 à 16:33
junja

nipowa

10.10.2015 à 14:39
wawawa

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.