IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya

Reta y’Uburundi yemeye ibiganiro n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya

jeudi 26 Munyonyo 2015, par egide

Reta y’Uburundi yaremeye ko izokwitaba ubutumire bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, mu biganiro vy’amasezerano y’i Cotonou, ingingo 96.

Mu kiganiro yagiranye n’abameyeshamakuru, Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, yavuze ko Reta y’Uburundi yiteguriye kuzokwitaba ibiganiro ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryatumyeko kw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Cotonou, ku ngingo ya 96.

JPEG - 42.5 ko
Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru

Ivyo biganiro bigiye gutangura inyuma y’ingingo igihugu c’Ububurigi giheruka gufata y’uguhagarika imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ziharurwa mu miriyoni 60 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Inyuma y’ivyo biganiro, impande zompi (ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi) zizoba zifise ameze ane kugira bumvikane ivyokorwa mu bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, kugira imfashanyo zisubire gutangwa ku Burundi.


IGIHE

Messages

  • basha muvyanka mubikunda mutegerezwa kwicara hamwe haaaaaa

  • Mwabonye Yukon mukigega habavye none murarimbutse akanyarigabo kariko karagabanuka ntimube mwasubira mukanka tukaraba ko mwiyita bandabizi

  • Nimuze mwemera ko ububirigi bukomeye . Baribabahaye gasopo iyo mwarezako numunsi umwe mukibonerako. Icicaro gikuru cubumwe bwa burayi kiri mububirigi .
    Gusa abomwataye murudubi ngo ntimuzokwicarana na opposition ubu nivyo bigiye kuba maze babagaye murikumwe kubera ubujuju bwanyu umengo mutaciye kuntebe yishure .

  • nivyiza kwi taba ibiganiro basokuru barayamaze ngo kananira bagabo ntiyimye. kandi ukina nuwo mutangana akagusenya umbavu

  • Nimwanke n’ubu turabe! Ikigega cabaye vide? Yooo ivyo mwanka ni vyo bizoba, intwaro mfatakibanza mwanka mwa ba CNDD-FDD irahaye iramota! None muracarondera iki? NKURUNZIZA yanse guheza neza none agira aheze nabi ata n’uwumuririra!! Ba Fidélité gusa!

  • kubari wito ukatae maneno. muzogende nibabasaba amananiza muvyanke mwigarukire amahoro, ntibaze babakangishe ifashanyo. tuzokora twitezimbere munguvu zacu, abarundi turabakozi..! akaryoshe kariwacu......

  • Baravyemye nkamburamama.

  • NAHORA MBABWIRA KO MWIYEMERA NTANICYO MULICYO. MWIHA GUSUZUGURA ABABILIGI . UBUNDI BAVUGA KO ICYO IBWA YANZE ISHYIRA AHO IREBA. NGAHO RARO MUZAGIRE URUGENDO RWIZA. HAHAHAHAHAHAHAHAHAH

  • ingingo leta ifashe turayikengurutse ahubwo turabateye intege mujane n’Imana muvyo muzovuga no mungingo zizohafatirwa novuga nti courage

  • One day we will be free .at least nkurunziza is trying his best to continue rwagasore fight.
    ECONOMIC FREEDOM IS THE ONLY SOLUTION FOR THE WHOLE AFRICA

  • Willy Kananirabagabo Ntiyimye UGiye Kwicarana Nanyangoma Wankawakunda Iyongoma Nkuru Yivye Izosubizwa Beneyo Ndakurahiye Umwanawanje Mutumvise Ob Ninyishi Na Loquett

  • emera erega abarundi turibatocane nayo abiz mwahoramwigira icabwenge haaaa. ndabatwenze! uwutigabantiyigaburira

  • Ubulaya bwabonyeko uburundi arigihugu nigihangange bucaburatakambi abarundi nuburundi buti turabasavye tuganire ntimuduhebe dushaka kugumadukorana namwe kuko murashoboye.

  • nagende kweri turab ko twova mubuja

  • Uwo ni Nyamutwe avyemeye hahahahaha,yari yavuze ngo uburundi burikwije yoooooohhhhh!Mwari muneye aho mutema!Murumvise ko hababa!

  • Je ndashima cane iyo ngingo nyakubahwa afashe yo kwemera ivyo biganiro. Kuko ni se barundi ni ngombga yubahirize inyugu za Bose. Tumusabira ngo Imana izomuje imbere. Twiteze vyinshi vyiza Muri ivyo biganiro.

  • NUBWO NUKO MWIGIRA AGAHAMBAYA ATACO MWIFASHIJE UBUBIRIGI NTIBWODUHEVYE

  • Mbebsha kumeng mubabajw nuk bemey ibignir?mwar mukwiy kunezerw nuk bagye kugnir tukronk agahengw ese iman yoduh bakayag bahuz kk muzi yuko aho impfiz zirwaniy ivayats arivyo bihaherer

  • MURAGENDA BITABAGUYENEZA MUVYIHOZE KAZIMA KURUSORO TWIYEMERA ABOBATUTSI BAVUGAYAMUHE NGOBARIZE IZONYENZI TUZORABANENAZO?!?

  • ariko mana waremye inzara uri igitangaza yewe buriya ushonje no muri wese arahakora kugira afungure iyo ni leta yemeye oyaa mwayibesheye dufise leta y ijunja n ijambo itisubirako yemanga ivyo iba yavuze oya nukuri sivyo izo n injavyi ziriko zitubeshera oyya

  • ariko mana waremye inzara uri igitangaza yewe buriya ushonje no muri wese arahakora kugira afungure iyo ni leta yemeye oyaa mwayibesheye dufise leta y ijunja n ijambo itisubirako yemanga ivyo iba yavuze oya nukuri sivyo izo n injavyi ziriko zitubeshera oyya

  • dukeneye kumenya amakuru ya agatho RWASA. KO TWUMVA KO YABULIWE IRENGERO.

  • Biyumvira ko uburundi bwobaho ata union européenne na Belgique bibufashije. C’était une illusion

  • Wewe wiyita Ukuri igihugu c’ aibubirigi ucitiranya na opposition yabasindumuja canke na opposition iyihe? Ko mwamaze gutumutwe bavuganye nubumwe bwuburayi bazoba bavuganye namwe micaye ngaho musabiriza icomworara mufunguye!!! Baranashobora kuhashika ntimuzemubakubite nijisho canke sinziko iyo opposition uvuga ko isigaye iri mubihugu vyuburaya? Bazoza bababwire ko uwutumvya in IRA yamatora itakibanza afise mu burundi bwikukiye bukugurura nimiryankk yimigabwe myinshi. Bamwe ho nuwudafise amabanywanyi 1000 yitirigwa umugambwe muzopfa muribazabasha .

  • IBIGANIRO NIVYO NYAMUKURU GERAGEZA!!!!!!!IMAN INIFASHE INDONGOZI ZUBURUNDI ARIKO KIMWE GUSA IVYO BIGANIRO VYONYARUKA KUKO ABANTU BARINGERA GUPFA.

  • Gusa bararaba iyo union europeenne ntidutege imitego kuko turazi ko basara.

  • ibiganiro niryosoko ryiteranbere ibibazoturimwo bizohera igihekigeze imana ntabwoyemereyeko dawidi yubakinzu yuhoraho kubwamaraso yari yasheshe amaraso arahuma fin de fin muzobamunbwira abazoba bagikanura mwihangane abamaze kubura mwihane kugra mugre iherezoryiza tuzetwikangurire ubugingo!!!

  • Ariko dd irasetsa ye! nimube mwemerako mwakubiswe hanyuma mugir amanyama make kuko ngo arasara ntasaba.abo banyamitwe baraja aho bakababesha ngo nincabweng naho za kadigi zabatanz imbere!muvyitondere kuko uwutigaburira ntiyigaba.

  • Rosa uli ikijuju kweli , none abo bansumilinda bakorana na |Nkurumbi , ugirango niyo uburundi bwomara imyaka 5 budafashwa ugirango aamahera bibye niyoba abtunze ???? ahubwo Abanyagihugu batonya nibo borengana ga sha !!! umuntu wese wanga igihugu cye aba atagira ubwenge , umuntu wese wifuliza igihugu ce ibibi aba ali ikijuju , umuntu we wifuliza igihugu ce intambara aba ali ikijuju , kuko imwicira abavandimwe nawe ikamuhitana !!! barundi , mwubake ubumwe bwabarundi nti mwubake ubumwe bwa ba nsumilinda !!!! kandi mufate akarorero kugwanda ga ba sha !!! nta bahutu ntabatutsi bose nabanyagwanda we sha !!!

  • Basha harabantu umenga imitwe yabo ntitomoye none reta yemeye ibiganiro kubera infashanyo? Erega nkurunziza numuvyeyi wabose naho bamwe mutamwemera kandi naho yoja mubiganiro icotuzi nuko izoguma kwivola<<

  • Ahahahahahaha Uwobumva muriko muramena abantu amatwi ngo muriko muravuga, yogira ngo murafise n’agaciro nagatoya hahahahahahaha. Amenyo n’ibiganza vyanyu vyamira mukirere.

  • Ubujju bwanyu no kwihagararako ataco mufise biragaragaye ,komwari mwaravyanse
    Mukaba muvyemeye ,nibimaramare vyinshi mumaso yawe .

  • UKURAHIRA NTIKUBUZA KUGOKA

  • Mbega aho ajebarika amanwa ko nkurumbi asigaj umwanya muto,azovugira nde?kandi herode ntazorungike intumwa aze agend ubwiw bamumaramaze ko yirigwa yica abantu yiyita ngo ni pasteur

  • Pythagore :Nkuru Peter Aze Yigire Atakurungika Intumwa Maze Baze Bamwumvishe.

  • igihe, komatashirirako ivyiyuvyiro nashikirije kuriyinkuru?? aaaaa!! ibi nibiki??. sinatukanye sinanavuze nabi. ivyo sivyiza.....

  • igihe, komatashirirako ivyiyuvyiro nashikirije kuriyinkuru?? aaaaa!! ibi nibiki??. sinatukanye sinanavuze nabi. ivyo sivyiza.....

  • Bagire badukwegere ubukene abo bicanyi bihay’igihugu cacu!

  • Amanyama yabagumyabondo nimbonerakunya za nkurumbi yabaheranye kandi ngo urugutegeye kinda rubarukwishe muragaraga kibikopo atakirimwo mwanke mukunda mwabimwenyi genda baguhatigi ibibazo utazokwishura

  • nge ndi umurundi ark ntago mpaba kumpamvu zo kurondera ubuzima nkunda igihugu cange nkanasaba umurundi wese aho ari kwihangana muribi bihe ariko mbibutsako gushakira ahandi impamvu ntaho bizatuvana mubibazo dufite ngaho ngo u rwanda,ububiligi dusenge can

  • NIVYABA DD BAZITABA NTANGARE.IVYABO VYAMA ARI URUKINAMICO.

  • Prezida ntaje mwiyo nama ararungika abandi ico ni cambo bambice igera kugira ifi igiye kudya bayirobe. ico Barack Obama yitumye ntahusha. abazungu ni bamwe. Nyakubahwa mukuru wigihugu urakora nka mutama Kenyata wa Kenya imyaka yose yatwaye igihugu ya gize ingendo zo hanze zibiri zitarenga vyara muhaye kuramba. Samora Machel wa mozambique yiswe mungendo. Havyarimana na Ntadyamira uko nyene. Turacagukeneye. Gakozi i Pretoria.

  • uburundi bwagondojwe! nib ganiro vyo mubu ganda baznvyitaba bagondojwe kuko kirakoneka ko atagushaka amahoro yabanyagikubakeneye.

  • nu kudezagitiva abatukana kuko baracapfuza votre site sinon vyose nivyiza kuko igihugu nicatwese

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.