IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yoba izokwishura ku rwandiko igiye kurungikirwa

Reta y’Uburundi yoba izokwishura ku rwandiko igiye kurungikirwa

mardi 6 Gitugutu 2015, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ritegekanya mu minsi ya vuba gutanguza ibiganiro ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou ivuga ibivanye ugufashanya hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’ibihugu vyo mu karere ka ACP (Afrique, Caraïbes et Pacifique). Reta y’Uburundi ikaba igiye kurungikirwa urwandiko ruyitumirira kwitaba ivyo biganiro, nayo ikazoba ifise iminsi mirongo itatu y’ukwishura.

Inyuma y’ingingo y’ibihano biheruka gufatirwa abategetsi bane bo mu rwego rw’umukano w’Uburundi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rigiye guhamagarira Reta y’Uburundi mu biganiro. Ivyo biganiro bigiye gutumwako kandi inyuma y’ingingo y’igihugu c’Ububurigi y’uguhagarika imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ziharurwa mu miriyoni 60 z’amafaranga y’amanyaburaya.
Ntiribaye irya mbere igihugu co mu muryango w’Ubumwe bwa buraya gifatira ingingo nk’iyo igihugu cahora gifasha, ahubwo akaba ari uburyo bwo gutumirira abategetsi b’Uburundi ko bokwubahiriza ivyiyumviro vy’abo batavuga rumwe, hagategurwa ibiganiro vya poritike bidakumira.

Nk’uko amakuru yemezwa na Alexander de Croo, umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ububirigi abimenyesha, mu ntango z’indwi iza, ikete ry’ubutumire bw’ukwitaba ibiganiro rizorungikirwa Reta y’Uburundi, muri iryo kete Reta ikazomenyeshwa ku mugaragaro ko yananiwe gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, bisanzwe biri mu ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou, bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Abategetsi b’Uburundi bazoba bafise iminsi itarenga mirongo itatu y’ukwishura iryo kete, aho mukamenya ko bishitse Reta y’Uburundi ntiyishure iryo kete, amasezerano y’ugufashwa kw’Uburundi azoca ahagarikwa yose. Reta ifashe ingingo naho y’ukwishura iryo kete, ikemera ibiganiro, impande zompi (ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi) zizoba zifise ameze ane kugira bumvikane ivyokorwa kugira imfashanyo zisubire gutangwa ku Burundi. Aho mukibuka ko ibihugu nk’Ububirigi, Ubudagi, Ubuhorande vyamaze guhagarika imfashanyo vyatanga ku Burundi, mu ntumbero yo kugondoza Reta ko yokwubahiriza amasezerano ayihuza n’ivyo bihugu.

Bimeze gutyo mu gihe Reta y’Uburundi isanzwe ikoresha amafaranga avuye hanze y’igihugu ku bice bigera kuri 50 kw’ijana, ikaba ariko ibandanya kumenyesha ko ibiganiro bizohuza abarundi bonyene ata munyamahanga arimwo, iyo Reta mbere ikaba itemera na bamwe mu batavuga rumwe nayo kuko ibagiriza ugushaka guhirika ubutegetsi.
Mw’itangazo umugambwe CNDD FDD uheruka gusohora ukaba ahubwo wamenyesheje ko ugiye gutegeka Umuryango w’Ibihugu vya Buraya gusubiza Reta y’Uburundi amahera yahomvye bifatiye ku guhagarika imfashanyo zari zamaze kwemerwa no gutangwa, ivyo navyo bikaba vyatumye ibikorwa vyari vyatangiwe ayo mahera bihagarara.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mbega leta yu burundi yokangisha iki U.E?Imburakimazi za CNDD FDD ntizikweger akarambaray uburundi n’abarundi.

  • Abatavuga Rumwe Nabo Bahora Babica, None Abobazungu Ko Bacgabisha, Bazobica? Canke Bazobomora? Aho Ntibobona Ko, Kwica, Kwangaza Abantu, Atanahamwe Bizobashikana.

  • Twebwe Abarundi Ntituzigera Twemera Gukorera Kugitsure Cabanyamahanga.Tuzokwimba Ubutare Bwacu Hama Twibreho Neza.Abo Bazungu Nimburakimazi Zitazi Aho Uburundi Buherereye.Komera Peter Nkurunziza Tukuri Inyuma.

  • AHUBWO ABO BATEGETS BAVA MUMUGAMBWE CNDD-FDD BORABA BAKABAKURA KUKO NTIBARATAHURA IGIHUGU CUBURUNDI,NICO GITUMA BAVUGA AYO BIGOMBEYE.NDETSE BARAMAZE GUSAHURA,NICO GITUMA BAVUGA IVYO BIGOMBEYE NABURYA BAZI KO ATAMWANA WABO YOPFA NINZARA.AHUBWO UBURAYA NIBUTUBOHOZE ABO BAMBUZI.

  • None ivyobihugu vyabulaya biriko birasabira abashatse gutera kudeta koreta yoganira nabo!? Canke ubumwebwa bulaya bwarikuvugako reta yogiriranira ibiganiro numurundi wariwewese ariko ubumwebwa Bulaya bukongera bukavugako abashatse gukubitakudeta ahobarihose bakwiye gushikirizwa ubutungane? Niyaba ubumwebwa Bulaya budashoboye kuvugagurtyo ntibibatangaze kuko Satani ntiyigendera agira uwagenderako , ahonshatse kuvugako bariya bagerageje gukubitakudeta bicavyibonekezaneza Ko ubwoburaya bwaribubizinanyeko nabo. Ndababwirako arishano ryobaribaye mwakino kinyejana 21 Aho umuntu ashatse gukubita kudeta ibihuguvyaburaya bicabimurwanirira! Ivyorero bariko baribazako arikintu bobabariko baragirira uburundi bakiyibagizako wiba uhetse umwana akazokwiba nkawe, harya harihonabandi bomubindibihugu baribaratinye gukora ivyamakudeta bagiyegutangura kujabarabishira mungiro kuko babonyeko nubwobatoshika kucobashaka bazoca bigira Buraya nkuko abarundi bashatse gukubita kudeta bikabata kuwamazi bagiye bashigikirwa na Bulaya bukabasabira ibiganiro na reta bukabaha nahobaba ahokubashikiriza ubutungane .

  • ok!,ils ont toutes les armes de dissuacions ,y compris celle d’economique,ces armes ont etes efficaces pour convaincre les AYATOLLAH pour capituler le projet d’armes nucleaires,ces armes n’ont pas empecher la RUSSIE d’annexer la crimee!!!JE SAIS PAS ENCORE SI CA POURRA ETRE EFFICACE POUR LE REGIME DD , POUR LEUR RAMENER A LA RAISON

  • Uri n,ubwenge buke ndaca we!!!!!Aho mwe na bebewanye mwihaye umugambi wo kumara abantu mutaravye ubwoko ariko muravye abagwanya umugambi mubi wafashwe n’abihaye ubutegetsi muri nivyo muzimba ngo ni ubutare?Reka kwiha amenyo muri mugihe canyuma ndabarahiye

  • Ariko nohanura abasohora ivyiyumviro ko twovuga ukuri.uvuzeko abazungu batazi iyuburundi buherereye bibonekako nawe utabazi nibo bazanye muburundi amacakubiri uvuga gute ko batahazi bafiseyo ubuserukizi bwibihugu vyabo, tuze duvuga ivyukuri bishobora guterera mukugarukana icuka ciza hagati yacu kuko bamwe bakoresha imvugo yo kuryanisha ariko twibuke inkuba irabije ntuvunge ngo mara abansi kuko numukuzi bidhobora kujana.i

  • #ndaca# Muri inyuma y’umuyaga!! vuba abarundi bazohaguruka babiyamirize mwe na ba nda yamuhatse

  • @ Ndaca
    Mu kirundi bavuga umutima ntuba mworo. Mbega wewe Ndaca udusumbije akaranga kumurundi ? Mbega ko leta yuburundi iriko irataka nukuberiki ? Nukubera yuko abategetsi bamwe bamwe babuze ayo bacira nayo bamira . Barabuze uburyo bow kurya ibiturire . Ahubwo leta za Bulaya nizugare rwose turabe ingene leta yogondozwa igatangura ibiganiro yama yanka iminsi yose . Abahuza bose barananiwe , raba na Museveni aheruka kurahira ko ata ntumwa azosubira kurungika mu Burundi . Ubu hasigaye igitsure no kwugara umuringoti winfashanyo hanyuma turabe. Nayo abo baguma inyuma na Nkurunziza bazorwayo. Jewe mfise imyaka irenga igice cinkinjana ndazi yuko atakamaro ko gushikira intwaro mu makosa , nukwihenda bimwe bikomeye

  • Nukuri mutikwiye, naho mwogurisha amaraso mumaze gusesa, igihugu kiguma gihagaze, komera sha nkuru
    urikwiye haha

  • muntu urinyuma ya petero nkurunzinza’uriko wumira kurushato rwinka yapfuye.

  • namye ndabivugako izo nfashanyo bazozigarura abarundi batibibasavye. none mwumva iyo nama izohera batazigaruye ahubwo bakarenzako nizindi. wait and see! uburundi nibwiture ubutungane bubutunganirize vuba nabwangu.

  • ark bury uwutakuz ntakurusha Inka.ark ga yemw ah mubn yuk twob tur ibijj gushka hiy hos? Imana ni nziz kuk izorngor uburundi ndetse n’isi yos gushika k’umuher.Barundi namwe Barundikazi nimuz tuje hamw twambz Imana murab yuk ibint bidhinduka abanyamahnga barorera.

  • jewe abarundi.tugiye gukumbagara.amantu tunakoresha amahera yayuma.basha bidahindutse tugiye gukoma kimwe nuko batokomantazumutima

  • IYO 50% BADUFASHA NI MUGABANYE IMIDUKA ,NIMURONDERRE IVYO MUGIRA MUYAHEBE.
    AHUMBWO MURIYO NAMA ; NIMWEREKE KO MUGIYE KWITWARIRA BELGIQUE CRIME CONTRE HUMANITE’.KUKO NIYO IGUMA IHA AMAGRENADE AZIMYE IBIBONDO VYACU .
    NTITUZI NABAKENEYE IBIGANIRO NIMBA ARI ABAZUNGU CANKE...

    IYO DEMOCRATIE BAVUGA :PETER YARIGEZE AHINDURA CONSTITUTION?
    KO IGIHUGU GIFISE CONSTITUTION IMWE IVUGA KO UMU PRESIDENT ATOGWA NA
    SYSTEM DIRECT YABANYAGIHU MANDAT ZIBIRI .NAHO HARI ACCORD D’ARUSHA .IGIHUGU KIGUMA GIFISE CONSTITUTION IMWE.!!!

    BIRABONEKA KO ATAKIBAZO HAGATI YABARUNDI KIRIHO AHUBWO IBIGANIRO VYUGURUWE BIDAKENEWE KUKO UMWANSI NUMUNYABURAYA!

    MURIVYO BIGANIRO DUSAVYE KORETA YOTUBWIRA IGITUMA EUROPE NA BELGIQUE IKENEYE IGIHU CACU CANE .
    - NIMBA ARUBUTUNDZI BAHASANZI NIMUBITUBWIRE NEZA
    - NIMBA ARAKAGAYO BAFITIYE ABARUNDI AHO NAHO EKA NITWEMERE TURARE UBUSA
    - IMANA ITURINDA IZOBA IBADUKUYEKO IBIZI.

    KOMERA

  • Imibereho Yacu Imana Irayizi, Ubuzima Bwacu ABuri Mu Kiganza Cayo Guhera Umuntu Akiri Uruhinja Munda Y’umuvyeyi Wiwe Yamuteguriye Ukwo Azobaho Kugeza Apfuye Mbe Kugira Ubwoba Ni Ibiki? Hakuna Hata Kitu Kimoja Kiliojengwa Na Mtu Kigumu Kubomoa Na Bwana Wa Majeshi.

  • mana fasha igihugu cacu kigire amahoro

  • Benewacu,naho abazimiye bagakurikira nkurunziza n,akagwi k’inkorabara kiwe atako batagira ngo biremeshe bongere baremeshe uwafashe ingingo yo kumara abo yari ajejwe gukingira,ndabinginge mureme,muremeshanye kuko bari mu minsi yanyuma nuwo yitwa peter wabo uravye urabona ko ata moral na ntoyi.Abiyamiriza 3 e mandat muje hamwe,mwicungere cane bazobona bicanganye babonye ko baburiwe batange amategeko yanyuma y’itsembatsemba.Gaba mwirarire muzobafatisha intoki bahunga

  • Jew Ndashaka Kuba Umuhuza Wamahoro Muburundi Abahunze Bagatahuka Cndd Fdd Nacenard Kumpande Zose Ntihabe Gukavyanya Kuruyunuriya Kumpande Zose N 0726502452 Aberwanikibazo Bose Twokwigirahamwe

  • Biteyamakenga we urumukehabwenge kweli!Canke ntiwatahuye ivyo banditse ni igifaransa gike?None wewe wibaza ngo abateguye gutembagaza ubutegetsi baca babica ngo nico gihano bahanihwa? Oya sha barabapfunga hama bagacirwa urubanza, ntagihano co gupfa kikiriho!None Nkuru ashaka kugiranira ibiganiro nincuti ziwe ataco bapfa ?Ivyo nibiganiro canke ni inkuru zo gutwenga no kunezerwa?Humvikana abafise ico bapfa, none ngo ntabo ashaka!Muragoye kumvisha mwese nugukubita urwo mugutwi gusa, mwumva amasoro kuko niyo mwamenyereye!

  • nimuce ubwengesha aba cndd fdd barakunda igihugucacu batubariye akahise kabi kaba nyaburayi mukarere ntakintuciza bakoze atarukutumara bakoresheje akagwi kabatutsi bintgondwa murabazi nabandi batutsi batava ibururi ntibaberekwa somarero mutahure bitume mutahura leta dufise kunomusi nireta idasanzwe irondera ineza yabarindi itavanguye hamwe nugutsimbataza intahe yokwikukira nukubwhokwabarundi niterambere riva kumunyagihugu rikamugarukako nimizerero tuyishigikire nikuneza yabarundi sabazungu oya nitwebwe benewacu.

  • Izo mfashano ni tega umutwe nda kumwe uko nshaka.

  • imana nitabare uburundi kuko nimba imana haricyoyabuzeho ningombwango isohoze kuko ntajambo imana yavuzengorihere kuko nsinuko abantu ryababica ataribobabaremyd imana nibarengere kad mugire gusengera uburundi nabarundi imana nidutabare

  • marc, ba ureka kuvanga ibintu !Raba ikibazo kiduhanze aho kuzura akaboze gusa. uwo mugera w’amacakubiri ntaho uzobashikana mwe na fidélité,abo batutsi b’Imana mushaka kuzimangama muzoguma mubabona kabasye, ishavu ry’imbwa riherera mu murizo !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.