IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yafashe ingingo yo kwimurira ahandi abahora badandariza mw’isoko nkuru (...)

Reta yafashe ingingo yo kwimurira ahandi abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura

mercredi 30 Nzero 2013

Inama nshikiranganji idasanzwe yarakoranye mu nama idasanzwe kuri uyu wa kabiri italike 29 Nzero 2013, yize ikibazo kimwe gusa cerekeye isoko nkuru ya Bujumbura iherutse gusha icika umunyota. Reta yaciye ifata ingingo yo kwimurira ku kibuga ca COTEBU abahora badandariza aho kw’isoko. Ariko bobo baravyanse.

Inama idasanzwe y’abashikiranganji yari irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yarashimye igikorwa c’abapolisi bitanze uko bashoboye mu kuzimya naho batashoboye kuzimya uwo muriro. Iyo nama yarashimye kandi igikorwa c’abamenyeshamakuru bitanze mu gutabaza kuva umuriro ucaduka mugatondo ka kare.

Inama nshikiranganji idasanzwe yaciye ifata ingingo zihutirwa zikurikira, zasomwe n’umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba :

1. Gusohora ingingo zugara icese isoko nkuru ya Bujumbura

2. Gutunganya vyihuta ikibuga ca COTEBU kizimurirwamwo isoko mfatakibanza, kandi abo bose babijejwe bashiremwo ishaka rikwiye kugirango iyo soko itangure gukora mu minsi ya vuba.

3. Kuronderera abadandaza ibibanza mu yandi masoko yoba afise ibibanza mukurindira ko isoko mfatakibanza yo kuri COTEBU itunganywa neza.

4. Kwugurura vuba isoko rikuru rya Bujumbura kugirango abadandaza bashobore kwinjira kuraba ivyabo hakurikijwe urutonde ruzokorwa n’ishirahamwe ritunganya isoko SOGEMAC. Aho ni mu ntumbero yo kwirabira ko hari ibidandazwa vyoba bitahiye babikureyo. Gutyo amamangazini ari hafi y’isoko ashobore kwugurura, kubera ko gushika uno munsi bene imangazini batinya abohava bikika mu kiza bakabasahura.

5. Gukura akajagari kibonekeza mu gutunganya ibibanza mu masoko atandukanye mu kwerekana neza ibisabwa kugirango umuntu aronke ikibanza co kudandarizamwo, ari nk’impapuro z’ubudandaji, inomero z’ikori ziranga umudandaza n’izo gutegekaniriza impanuka zishikira ibidandazwa.

6. Gushiraho igisata kijejwe kugenzura amasoko kikongera kikaronswa n’ububasha bwo gufata ingingo.

7. Guhagarika gutanga impusha zo kwubaka ama station yo kunywesha ibitoro aheregereye amasoko canke aho hose haba abantu benshi mukurindira ko n’izisanzwe zubatse muri ivyo bibanza zugarwa habanje gukorwa ivyigwa bikwiye.

8. Gutunganya ibituro imokari zitwara abantu mu gisagara ca Bujumubra zigana zikongera zigahagarara mu gisagara ca Bujumbura.

9. Gunyarutsa amatohoza ariko arakorwa n’umugwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika kugirango abe yaheze nko mu kiringo c’iminsi 20 ni ukuvuga mu ndwi zitatu.

10. Kuza haramenyeshwa ivyashitsweko n’imigwi itandukanye yashinzwe kugirango ikurikiranire hagufi ku munsi ku munsi ikibazo kijanye na rirya sanganya ry’umucanwa.

11. Gushinga igisata aha mu gisagara ca Bujumbura kijejwe kwumviriza, kuremesha no guha impanuro abatewe ingorane n’iyi mpanuka yashikiye isoko nkuru ya Bujumbura.

12. Gutera akamo abanyagihugu kugirango berekane agatima ko gufatana mu nda, guhera ku bategetsi bo hejuru, kugirango haboneke ikigega co gufasha abononewe n’uwo muriro, hamwe no kwubaka iyo soko nshasha mfatakibanza. Ikonte izojako ayo mafaranga ikaba imaze kwugururwa muri banki nkuru y’igihugu , ifise inomero 110/1999.

13. Kwegera abasanzwe bafasha u Burundi kugirango haboneke uburyo bwo kwubaka isoko nshasha ya kijambere kandi haboneke n’ibikoresho vyofasha mu gutabara no mu gukinga impanuka mu masoko makurumakuru ahasanzwe.

Inama nshikiranganji idasanzwe yamenyesheje ko ata muntu yahasize ubuzima kiretse abantu barenga 30 bakomeretse.

kw’ifoto: umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.