IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yahagaritse amashirahamwe yose yimba ubutare adakurikije (...)

Reta yahagaritse amashirahamwe yose yimba ubutare adakurikije amategeko

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwahereye mu ntara ya Muyinga. Hasigaye ishirahamwe rimwe gusa mugihe hahora hacukuraubutare ayarenga 15. Aho ni mugihe abantu barenga 10 bari bitavye Imana muri iyi ndwi baguweko n’umusozi mu ntara za Cibitoke na Muyinga.

Umuyobozi mukuru w’ubutare n’agataka Ngenzebuhoro Emmanuella amenyesha ko iyo ngingo ari ntabanduka mu ntumbero yo gukingira ubuzima bw’abantu bacukura ubutare.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Come Manirakiza yari yamenyesheje ko abantu bapfa bariko barimba ubutare babaye umurengera kandi ko amategeko agiye guhinduka vuba kugira abimba ubutare bose bakoreshe ubuhinga bugezweho cane cane binjire mukuzimu bafise ibikoresho bibaha umwuka.

Yari yvuze kandi ko yatanguye ingendo aho hose himbwa umutare kugira yisuzumire ingene ibinogo bivamwo ubutare vyifashe kandi ngo ntakigongwe ibinogo bidakurikije amategeko kuko ari ubuzima bw’abantu buguma buhasigara. Asaba abajejwe intwaro mu makomine gushira mungiro amategeko yose yubahiriza agateka k’abantu bimba ubutare cane cane mu ntara za Muyinga na Cibitoke.

Ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bumenyesha ko abahinga bariko baragenzura ibikorwa nk’ivyo mu ntara ya Cibitoke kugira naho nyene ingingo ruhasha zifatirwe amashirahamwe acukura inzahabu adakurikije amategeko.

Kuri uyu wa kane italike 7 Ruhuhuma 2013 ku musozi Rutabo komine Mabayi intara ya Cibitoke. Abantu 30 bari mu kinogo kimwe bariko barimba ubutare. Imvura yari ihise hanyuma ngo umusozi waciye usenyuka ugwa kuri abo bantu, batatu muri bo baciye bitaba Imana ubwo nyene abandi nabo barwariye mu bitaro bitandukanye vy’intara ya Cibitoke kuko bakomeretse bikomeye. Ngo hariho n’abandi barenga 10 bataraboneka irengero ryabo.

Abarongoye intara ya Cibitoke bavuga ko izo mpanuka zikunda gushika kubera abo bimba ubutare badakurikiza amategeko hamwe no kudakoresha ibikoresho vya kijambere vyo kwimba ubutare. Ngo binjira mu binogo birenza imetero 500 atabikoresho bibaha umwuka bitwaje.

Mu ntango zino ndwi naho, ku munsi wa kabiri italike 5 z’uku kwezi kwa Nzero, abandi bantu 7 bimba ubutare bw’inzahabu baraguweko n’umusozi ku musozi Kamaramagambo komine Butihinda intara ya Muyinga. Aho, abarenga 20 barakomeretse bikomeye. Ababibonye bavuga ko abo bantu bari bageze hafi ku kilometero kimwe mu kuzimu.

kw’ifoto: Come Manirakiza, umushikiranganji w’ubutare n’agataka


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.