Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Jean Baptiste BAGAZA yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwua wa gatatu.
Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye, bamenyesha ko Uburundi bubuze intwari, umukozi akomeye yateje imbere ubutunzi n’imibano mu Burundi, mu myaka yamaze atwara Uburundi kuva mu mwaka w’1976 gushika mu 1987.

Uburundi bwahojeje umuryango wa Jean Baptiste BAGAZA, inama nkenguzamateka yarimwo, hamwe n’umugambwe wiwe PARENA.
Reta y’Uburundi yashizeho ikigandaro c’iminsi itatu, muri ico kiringo amabendera y’igihugu akazoduzwa gushika hagati.
Jean Baptiste Bagaza yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, inyuma y’iminsi yari amaze arwariye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi. Colonel Jean Baptiste BAGAZA asezeye isi ku myaka 70.
Ndababaye kubona twabuze itwari nkiyi dusabire president NKURUNZIZA asumvye ubutwari jean Mbatiste BAGAZA .