Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabaye zirahagarika inyigisho ku barundi baja (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabaye zirahagarika inyigisho ku barundi baja (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabaye zirahagarika inyigisho ku barundi baja kugarukana amahoro mu bindi bihugu

samedi 23 Rusama 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamenyesheje ko zahagaritse ibikorwa vyo gutanga inyigisho ku basirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro mu bindi bihugu,bisunze ibiriko biraba mu gihugu c’Uburundi.

Amakuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru Reuters,ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu kwezi kwa kane 2015,yatumye haduka indyane mu gihugu,haraba kugerageza gutembagaza ubutegetsi,mbere bituma haba n’abarundi bahungira mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.

Marie Harf umuvugizi wa Reta yavuze ko Reta zunze Ubumwe za Amerika zibaye zirahagaritse igikorwa co gutanga inyigisho ku basirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro mu bindi bihugu.

Marie Harf avuga ko,umutekano muke wibonekeza mu Burundi, ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu bikorwa n’inzego z’umutekano bishobora gutitura ubushobozi bw’Uburundi bwo guhagararira amahoro mu bindi bihugu.

Naho biri ukwo,Harf amenyesha ko igisirikare c’Uburundi cakoze ataho gihengamiye mu myiyerekano iriko iraba mu Burundi,yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,gushika naho bamwe mu basirikare batakaza ubuzima.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziramaze gutanga inyigisho ku basirikare barenga ibihumbi 248 bava mu bihugu 25 vya Afrika,imbere yuko baja kugarukana amahoro ku rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Messages

  • kolera iramaze abantu ,amakungu nababanyi baduhezeko amaraso ariko ameneka kubera inyungu zumuntu umwe none iyo mana NKURUNZIZA asenga niyihe kuburyo imwemerera kumarisha abantu.amabwirizwa y imana agira ati KUNDA MUGENZI WAWE NKUKO WIKUNDA none we arikunze ataye igihugu mumanga imivu yamaraso ,abantu barangaye.........

  • Rumasha,

    Ninde yari yababwiye ko Nkurunziza asenga Imana? Murabariza ahandi. Kanure mubone. Yaratera Abarundi bakitabira batazi ivyo barimwo; ubujuju buragatsindwa.

  • Hahahah, NKOMA? Tu as tout compris. Moi je n’ai jamais cru aux comédies de Nkurumbi par rapport àses croisades. Ahubwo mbabazwa n’abamukurikira ngo n’amasengesho barimwo. Rusiferi rwigendera

  • ahaaaaa!abasirkar baguy muporro yuktnvira mana fasha uburndi na barundi

  • None nkurunziza ntiyoheba icokiringo kigomba kumara abarundi.

  • Nkurunziza uri Mose dusoma muribibiriya nyeranda, ururugambaturimwo tutarukoze nta Burundi bwozokwiza ibisabwa neza kugirarube igihugu cigihangange kw’Isi. Ndababwiza ukuri ukumubona havurwango abarundi bahungaburimusi ngonimajananamajana nikonejobundi bazovugako abarikobaragaruka bangana majana namajana kumusi. Ivyobihugunavyo bivugango birahevye gukorana nabarundi ejohaza muzokwumva vyisukira mukwemeza kovyiyemeje gukorana nabarundi (u Burundi) Zimbabwe barayitaye imwakamyishi ariko ububariko barayisembereza ngobakorane, twebwerero bizodihangayikisha ariko nihotuzobatwerekanye koturi intakorwako, kandituzoba tumaramaje abarundi bake birirwa barikoza ivyobishakiye ngokugira uburundi bobone ibara ingorane bagiyekugira nukotwiteguye guhangana nizongorane kugijecose gishoboka vyasebikunze mwihane canke mumaramare nikobimeze.

  • Bisigurako abasoda basanzwe muri Somalie bagiye gutaha basubirirwe n’abandi bi bindi bihugu nka Tchad canke Rwanda

  • Ni bagende nakare baduhenda turwana intambara yabananiye. Akaryosh kari i wacu

  • munanirwe gutunganya iby’iwanyu ngo mutegereje abazungu!!!! AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE!!! Ibyo mukora byose mumenyeko Piter ari umurundi.mutegereje kuzategekwa na Malayika? mbabwize ukuri "Nta ngoma itica" Ngaho ni mutore AGATON RWASA wamunzwe n’ivangura ry’amoko akaba yidegembya ,ohhhoooooo.Uwabaha KAGAME Akabashyira ku murongo.

  • Mbega burya muratwengeje abantu benshi bagize za commentaires hano,mwaragiye ngaho mukwiragira isi yose mubwira abazungu ngo hagarika birya na birya,mwibazango ni cnddfdd ipfa yonyene ku buryo peter yoca abaheba mandat arekurirwa n’amategeko;mbega mu nyuma uwoza we ntimworondera ibindi mu fondafonda kugira ubutegetsi bwa cnddfdd muburandure,mbegako muja ngaho ngo ababiligi hagarika,ci pancrace uko nyene,ka kamalaya ka bazungu k’agakecuru kadjanin ngo hagarika,abandi mwese ngo hagarika,en un mot nkeneye kumenya ico mushaka gushikako?Abo basoda batashe bazorya ibihari mpaka situation ibe normal,ariko ndababwije ukuri turanse ko abatutsi nabo muri opposition muduteza abazungu n’abandi banyamahanga ngo batwifatire,nimugende mwongere mugume i wabo uburundi muburekere abarundi ba vrai ,abarundi bazimenya kandi nab’iwanyu ils vont subir vos conneries tellement vous voulez montrer ko mutonye mu bazungu ku buryo mutamenya nivyo musaba abazungu,umengo muri ibiturubuzi ,rero ntimuvange vyose n’ivyo gusenga,ntaho bisa bisana,peter yabaye juste ashira hamwe abahutu n’abatutsi,ariko ntibikwiye inda y’abatutsi ni inda nini ntibikwiye,mbega abo bazungu batuzaniye ayo madini badukorera ibibi bingana iki canke abirabure badukoreye ibinga na iki ko ari ibikoko vyibereye aho,gusa ils degagent avec leur peau blanche mukibagira vyose,mu kumva ko ari aba mbere,ariko benshi babimadikako cane twaramaze kumenya igituma ntiriwe ndavuga hano,ariko rero ntimubivange umuntu asenga si ukuvugako aca aba akajuju canke ngo areke abantu bamuvogere non,aba pausé akagira umwanya wo kwiyumvira agaca ubwenge,rero abo banyamerica nibagumye ama contenairs yabo niyo azofatirwa hariya mu ba somali pas les notres,nibace bigira kubigwaniriza tuzibako ntawuzi iyo twavuye abo bose batwibaburako abahutu twarapfuye turatikira abazungu barorera ntawatuvugiye rero bagwe hiyo sibo badushize harya turi!Vraiment ngo yadadaje?Umuhutu wese mutazoshaka ni ukuja guhagarkisha imfashanyo none mwungutse iki?

  • nyene imbugita nuwuyifashe ikirindi.

  • uri vuganabi idio! ba ukanura ntube nka ba bakecuru bo ruguru.ark urambabaj nct mber sinz k wize,namacakubiri arakurembej!ivyo twarabisezerey

  • Iyobija bikakaja ikirinuntango kigira niherezo abicabandi atacobabahora kumpande zose mwibukeko zirisha mpanda zirindiriye mukike ariko dusavyamakungu ahaguruke adukureko ivyobibi bibishe kandi mwibukeko atawasumba Osama canke Kadafi ndahumurije abarundi BIZOHERA

  • vuganeza sindabona ikigugu nkawe

  • Igihugu cacu twagihawe n’Imana inadutegeka kugitunganya ngo tugiteze imbere, nico gituma kukirwanira uharanira ineza ya BOSE nabo utanywa no mu mazi nico kibereye: Uko bigenda kose baba abaharanira gutwara igihugu canke abagitwara ubu turi bene Burundi, erega n’abazungu nyene dusangiye isi Imana yaturemeye, ntaco twishimirije cotuma tubakumira mu vy’ugutunganya igihugu cacu, ariko uruhara rwambere ni urwacu. Ico numva cihutirwa ni uko umwe wese muri iki gihugu, ashaka amahoro, yokwirinda kuvuga canke gukora igityoza iteka rya muntu ico ari cose kuko na ya mahoro dusaba Imana izoyatwima kuko dusa n’abatiteguye kuyakira; nkako Imana ntiyatanga nkuko ab’isi bayatanga.
    Biraboneka ko dushaka kuvyimarira n’amayeri canke inguvu zacu, ariko imigambi yose umuntu yotunganya adashize imbere ineza ya bose ntirama ahubwo irateba igasambura we nyene; subize amaso inyuma turabe: Kubera iki amahoro atarigera arama i Burundi? Ubwo si uko nshaka kwidegemvya mbanje kwigizayo abandi?
    Muze rero dupfukame twese(ariko ni uko iyo nyifato hariho abatayerekwa)duhange amaso ijuru, dusabe imbabazi Imana duheze tuve hasi, umwe wese akore ngo uwundi atere imbere. Ivyo bizoshoboka igihe twemeye kwakirana mu budasa bwacu nkuko Imana yabishatse, tukavugana icokorwa,kuko "Ibigiye inama bigira Imana." Bitagenze uko Nyenicubahiro Perezida Petero NKURUNZIZA(Erega mandat yiwe ntirahera) naho yokinjura ivyacu ntibizorama: None wovuga ko abarundi tudasenga? Ahubwo turahenda Imana nako turihenda kuko Yo ntakayisoba.Ingo twemere dusenge mu kuri, twongere tuyikundire ngo igire vyose bishasha. Muzompinyuze: ntaco tuzokwigera twishoboza tutari kumwe nayo.
    Abiyita ko batemera Imana co kimwe n’abadasenga nabo barafise agatima mpanuzi nibakumvirize bazokonona bike kuko ndazi ko aribo bake. Imana nihungane igihugu cacu icoze mu maraso ya YEZU itugabire Umutima mushasha dushobore kukibungabunga ku bwayo. Ndaramukije!

  • ahubwo nibaze badutabara kuko aba bantu bafis umutima mubu bohza baduhonya twes.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.