IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano abandi barundi (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano abandi barundi bane

dimanche 20 Kigarama 2015

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano abandi barundi bane,bagirizwa kugira uruhara mu mutekano muke uboneka mu gihugu c’Uburundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015.

Abo bafatiwe ibihano ni,Gervais Ndirakobuca batazira ndakugarika,Leonard Ngendakumana yari mu bagerageje gutembagaza ubutegetsi, Joseph Mathias Niyonzima akora mu gisata c’igendereza na Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD yagirizwa gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Mw’itangazo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashize ahabona,zimenyesha ko ivyo bihano bije bikurikira ibitero vyabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2015 ku makambi ya gisirikare mu gisagara ca Bujumbura,abantu bashika 100 bakahatakariza ubuzima.

Amakuru dukesha Iradiyo Ijwi rya Amerika amemyesha ko abo bafatiwe ibihano bahagarikiwe amatungo yabo ari muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi ko batemerewe gukorana n’amashirahamwe yo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Haraheze amezi make umukuru w’igihugu ca Amerika yari yamenyesheje ko hari abandi bategetsi mu Burundi bafatiwe ibihano,harimwo umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ahaaa!! ubwo batanguye kwemanga ko hari urwaruka rutera amagrenade abajejwe umutekano kandi hari ubaha ivyo birwanisho,akana bashora gufata amakambi yagisirikare ibintu bitanguye kudadanuka. abazungu vyose baba babizi!

  • ahubwo vyarikuba vyiza iyo sinduhije bacabagirako bamusohorera numutahe wokumufata. uwo mugesera.

  • harya umuntu. azi ubwenge ni uwirinda ikintu. kitaramubako. vyukuri ibihuguvyinshi. vyo kwisi biramaze kubonako reta yuburundi iriko irarenganwa naho. ataco bavuga. mugabo
    harya uwunumye avuga vyinshi. gusumba. uwuriko aravuga. igihe kigeze bazovuga.

    Obama. nawene. arabonako ikibazo. ciburundi kiremereye gusumba. amabuye. uti. gut:

    nikuberako ikibazo ciburundi gishobora gutera inzankano hagati yibihugu. bishigikiye reta yuburundi yabujumbura hamwe. nibitayerekwa. ivyorero. bifise. ingarukambi idasanzwe muri Africa. Europe, Amerika, Asia ekambere nisiyose.

    Imana. nitabare. hakirikare

  • harya umuntu. azi ubwenge ni uwirinda ikintu. kitaramubako. vyukuri ibihuguvyinshi. vyo kwisi biramaze kubonako reta yuburundi iriko irarenganwa naho. ataco bavuga. mugabo
    harya uwunumye avuga vyinshi. gusumba. uwuriko aravuga. igihe kigeze bazovuga.

    Obama. nawene. arabonako ikibazo. ciburundi kiremereye gusumba. amabuye. uti. gut:

    nikuberako ikibazo ciburundi gishobora gutera inzankano hagati yibihugu. bishigikiye reta yuburundi yabujumbura hamwe. nibitayerekwa. ivyorero. bifise. ingarukambi idasanzwe muri Africa. Europe, Amerika, Asia ekambere nisiyose.

    Imana. nitabare. hakirikare

  • Mana Data uri mu ijuru, nkuko kera wabereye abisirael amagare n’amafarashi ube ariko ubera abarundi. Amafarashi ya Farao n’abo ahetse ubirohe mu nyanja mu izina rya Yesu Kristo. Abadaimoni bashaka ku déstabiliser u Burundi no kunywa amaraso y’abarundi turabaturira mu izina rya Yesu Kristo. fire, fire, fire............ in Jesus name! Amen

  • Nn Ab Babisha Bagrizwa Ibint Nkivy Ab Mwumva Bakwiy Kubah?

  • Haa Haaa"Urucira Mukaso Rugahitana Nyoko"

  • Abarundi turarushe cane ariko Imana irengeye vyose.

  • Haahaaa Burya Ikibwigwanicumva Ireekwanikibona Ahowibaza Sinduhije Mumenyewewe Yahunzeyiyamiriza Uyonkururunza Obama Yaramuhanuye Kutitoza Ngoterisema Ngonfise Bandakugarika Turindire Abagatwegato Ahontacomubona Obama Shira Iyo Diplomss Kuko Ubumbona Ariyukoreshanatwetwaheze Tuzirumuntumwe Muduhere Ya Quinine Wahakadafi Canke Ossama Turuhuke Weturakwemera ,nukubwiriyintumva Ugore Atumvamuvanakokare

  • Bwabundi uwoshaka yokwitonda.Ariko USA irakoresha ubuswahili mbe ko yugara ama konte y’abo,burya har’ingabo zitagira umutware?Uuzoramba azobona kabisa!

  • United states of america,inatuchanganya mala zimechukuliwa hatuwa dhidi ya watu fulani mbona chanzo cha mzozo wa kisiasa BURUNDI ni awamu ya3 ya alie kuwa rais hamjamgusa au mnamuogo?maybe ni msemo wa kidiplomasia! ila kumbukeni kuwa wana nchi wanakufa kama upupu. Huku mkiangalia

  • haaahaa!ngo uhisha ubwari nyoko ntiwaram

  • Ewe Mana ingo wikorere!gufata ibihano nivyo nuko bomanzaGukingira umutekano abarundi.

  • MBEGA ABATERA IYO BAFATIWE IBIHANO,BACA BABIFATIRA N,ABATERWA?HAA

  • we are grateful for sanctions is alion of Amerin leadership has set individually source of trouble,peter Nkurunziza He emplo yed a chu’s action,be shut a site Beye any place as his wealth divide, Burundi problems because he is a dedicated film sparked violence in Burundi. thank you honorable Obama thy pointed around to the bank: it is possible to use content any power Burundi may have peace.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.