Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Reverien Ndikuriyo : "Abigisha bahamagariye abana kuja mu myiyerekano bazohanwa "
Yanditswe taliki ya 24-09-2015 - isaha 11:09' na IGIHE

Umukuru w’inama nkenguzamateka,umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo amenyesha ko ibihano bitegekanijwe ku bigisha boba barahamagariye abanyeshuri kwitaba imyiyerekano.

Mu nama yamuhuje n’abajejwe umutekano,abatowe mu ntara ya Makamba gushika ku rwego rw’umutumba,Reverien Ndikuriyo arongoye inama nkenguzamateka yavuze ko Reta itazokwigera yemera abigisha bataye akaranga ko gutanga indero mu guhamagarira abana kuja mu myiyerekano.

Abigisha bavugwa ni abigisha bo kw’ishuri rya komine rya Jimbi,riri muri komine Kibago y’intara ya Makamba.

Umukuru w’inama nkenguzamateka yamenyesheje ko ingingo zikomeye harimwo no kwirukanwa ku kazi zizofatwa mu gihe amatohoza yokwerekana ko vy’ukuri abigisha bagize uruhara mu guhamagarira abanyeshuri kuja mu myiyerekano.

Umukuru w’inama nkenguzamateka yasavye abarongozi kuva ku rwego rwo hejuru,kugendera abanyagihugu,gutyo abnyagihugu bamenye ababarongoye kuva ku ntara gushika ku nzu cumi.

Ivyiyumviro vyanyu

urucira mukaso rugatwara nyoko

27.09.2015 à 12:23
keza

Uyo ni yivugire gusa mbe araja gufata bus abone ubuzima ukuntu bugora abigisha mbe ko yivugira iryo yigombey aramara amezi k’3 yumve uko edeni risuzuguza araryohegwa yigaramiye harya muntebe muga ntazi urugendo abigisha bagira ito bariko baraja kumirimo "Mbe nyakwubahwa Wewe werize ?? Nimba warize ntiwari guter’ubwobw ahubwo wari kubakomoreza agahembo kabo

27.09.2015 à 10:26
Mathieu

Mureke reveriyano yivugire ivyo none nimba ariwe asigaye muribo abona kure canke hafi.incabwenge zari zikeneye amahoro n’iterambere ntimuzi iyo ziri ?baromowe abandi baricwa. Ubu hasigaye uwuzi kwica -kurenganya-kwiba canke kuvuga nabi nka nzo, nyami,jela,ndiku n’abandi.idagadure batama butarira muga mumenye ko aho muri hari abandi.kandi

26.09.2015 à 12:55
bizojahabona

@ Yayovye, umwana kwumvako yagiye gusanganira umukuru wigihugu bifise akamaro gakomeye muriwe ubonako abanabifataneza kwishure bacababashira imbere ivyobigatuma nabandibishiramwo kwifataneza kugiranabo ikindigihe bazoshirwe imbere, ndikondakubwira ivyambayeko mugihe caperezida Bagaza twagiye kumusanganira kugeranunomusi icirwa cogusibakwishure ariko tukajamucirwa cokuja gusanganira umukuruwigihugu ndagishira muvyambere bifitiye akamaro umunyeshure. Urambabaje cane gose kubona ugereranya abarimu batwaye abana gusanganira umukuruwigihugu nabarimu batwaye abana guturira abantu nogutera amabuye abajejwe umutekano ! Nambamuvyukuri cakintu kirongowe na Nyangoma kirimwo abantu bagereranya ibintu bidakwiye kugereranwa nkawe uwuzobangumamwo azohumirwa agumeyibaza ngwaracari igitangaza kumbe yarahumiwe atabizi !.

25.09.2015 à 16:30
Nwari

Iyaba umutwe wowo wakora ntihobuze ico afasha :

aribagiye ko abana b’abanyeshure muri mairie bahora bugara amashure bakaja gusanganira PITA avuye mubafyitirizi hanze, azanye ibiheko ngo ni ama Prix !!!!!
Ko atawuramucira urubanza ?

25.09.2015 à 10:18
Yayovye

Bashaka kwigisha imico yabo kuko bayisize muri ethiopie, somalie ,Érythrée. Erega nta langue nilotique ibaho, haricots langue bantoue

25.09.2015 à 09:27
mahoro

NYAKUBAHWA UMUKURU WINAMA NKENGUZA MATEKA KOMERA UTWIPFURIZA AMAHORO ABATAYASHAKA NABO NIBAFATWE UBUTUNGANE BUKORE.

25.09.2015 à 05:59
######

komera mutama wacu reveriyano abanyamakamba tukuri inyuma.

24.09.2015 à 19:32
ndayisaba

Ariko murihuta gucira abandi imanza. nikuki mutokwiherako mwebwe muguma musesa amaraso ? Mugabo Imana iriho ! namwe urubanza gwanyu ruzoteba rushike. Abo bakorera intebo ishushe abandi ugira ntibizwi ko arabo mukorana. Nimureke kuza murateranya abonse rimwe bakuranye ababanyi. Mwa Barundi mwese harageze ko mwikangura mugaca ubwenge. Imbere yintebe yi Mana kumusi wurubanza Umuntu wese azobazwa ivyoyakoze. Ntabwoko nta migabwe ntantara nta nurukoba vyose bizosigara kwisi. Niwewe wenyene ni Mana !!!!

24.09.2015 à 19:25
Ndikuriyo

Uwomugabo Yamugaye Amaguru N’ Umutwe ! Uyo Nagira Aserukira Abanyagihugu Mukubarabira Ivyo Leta Ibarangurira. None Yasubiriye Leta Mugukora Ivo Atajejwe ? Akamaramaza Mugihugu.

24.09.2015 à 16:11
Kariyo

SHA IMBWA IKIZE ISHEMU YIBAGIRA ICAYIRUHIJE PE
KAKA GURU UKWEGA AHO HABUZE ABOKAMARIRA NGO WIHAYE KUMARA ABANDI ?

24.09.2015 à 14:31
KURI

Vyobabibabaje umwigisha yemeye agahagarika ivyirwa yigisha abana bizwinamategeko agatandikira kubigisha ivyirwa bitazwinamategeko bobabakoze ibidakwiyegukorwa, icocirwa cokujakwifatikanya nabaturirabantu, baturira amamodoka yabirenganira, gutera amabiye aba polisi umu polisi aguye bakamujako bakagenda bamukwegahasi kugezapfuye, kuzibira amabarabara, gutera amazirantoke abirenganira, ivyovyirwa namba abigisha murubu Burundi babifise turasavye ababijejwe bicare vuba babikure kurutonde gwivyigishwa abanabu Burundi !.

24.09.2015 à 13:50
None ?

ewe gihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka imisega yose ivugira kwisunzu ryinzu.

24.09.2015 à 13:44
ndiko jonas

Nuko utazi ico ukora nyene,ahandi les taches d’un Senateur si ukuvugira Leta kandi sinibaza ko wewe ushobora gutanga ibihano !!!!Mais niho ugeza mugenzi.

24.09.2015 à 11:52
Nzobandora

Mbega uwo Reverien Ndikuriyo avuga ivyo ka buki ? Mu bisanzwe ari senat , none yoba asigaye ari nomuri Leta kugira ashobore kuvuga ivyo ? Canke yoba asigaye akora mu butungane ? Jewe nibaza yuko yitiranije ubutegetsi ubutungane , intwaro hamwe hamwe nivyo gufata amategeko bimwe bitamu gifaransa confusion des pouvoirs législatifs , éxecutif et judiciaire . Kuko ivyo nta muntu numwe afise ubwenge ashobora kubivuga.

24.09.2015 à 11:44
Philibert

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.