Accueil > Amakuru > u Burundi > RFI iratera ivyatsi ivyakorewe umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana
RFI iratera ivyatsi ivyakorewe umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana
dimanche 2 Myandagaro 2015
Iradiyo y’abafaransa RFI iratera ivyatsi ivyakorewe umumenyeshamakuru wayo mu Burundi,inyuma yo gufatirwa ahabereye ubwicanyi bwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana,agaca ajanwa mu biro bikuru vy’igendereza.
Marie-Christine Saragosse,arongoye France Médias Monde na Cécile Mégie,umuyobozi w’iradiyo y’abafaransa RFI bamenyesha ko biyamirije ihohoterwa ryakorewe Esdras Ndikumana umumenyeshamakuru wa RFI i Bujumbura.
Esdras Ndikumana yari yahagaritswe n’inzego z’umutekano mu gatondo, ahiciwe Lt Gen Adolphe Nshimirimana kandi yariko akora umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru.
Esdras Ndikumana yafashwe ajanwa mu biro bikuru vy’igendereza aho yamaze amasaha abiri,yongera arakubitwa.
Van Naris Mugisha
Messages
2 Myandagaro 2015, 23:39, par None?
Biranganje! Jewe nagirango bavuzengo turiyamirije abishe Gen.Adolth Nshimirimana!!!? Bakacabongerako ngo turiyamirije abahohoteye umumenyeshamakuru wacu!? Ashi iyonizo nkozizibara zagira Adolth wacu nkukwo kwuwo mumenyeshamakuru ariko ntizimwice agaheriheri!!!???
3 Myandagaro 2015, 03:26, par Kariyo
Erega Ntakintu Na Kimwe Bagomba Ko Kimenyekana. Aho Mbere Iyaba Iyo Radiyo Bayishikira Bayiturira Nk, Izindi
3 Myandagaro 2015, 05:31, par adorufu
imana ningabo yamurokoy kubayatashe vuga igendereza gatatuwumve abicanyi bacanimitwe rero murabonye kohari kimwe nabitanu imbabare ziriho abitanga bariho uwishe adorufu naje gukaraba yikuyekumumenja ebagabo vugukuri abobantu ntiwunva ko petero bamufise nkakanyegeri canka kanyugunyugu uwogomba yitonde ereshababu iriho muburundi kwica kumutaga muga ababagabo bagenda bugaranye nkatwinyamugegena tubamunzuzibiti nibegere gukunda abato bajejwe
3 Myandagaro 2015, 07:42, par emma
emma
rfi nukazibe ntakuntu twoba twibereye mukiriyo ngo muce mudedemba ngomubabajwe numumenyesha makuru wanyu mbehoho yari gukoriki? ahubwo iyamukwirikira nawe iyo yagiye,turazi kohariho ibirundi vyabozinyo bikorera abazungu nko kubituma gusambura uburund
3 Myandagaro 2015, 11:11, par Ntawe
Emma, Uri Ikigugu Kwel. Uriko Urabaza Ico Umumenyeshamakuru Yariko Arakora Ahagandaguriwe Umuntu Nkurya? N,aho Yarikuba Ari Wewe Uhiciwe Yari Kuhaza Kandi Uri Umuntu Asanzwe Gosi. Rero Biri Mukazi Kiwe Kamisiyose.
3 Myandagaro 2015, 17:38, par Egide Nsabushimike
mbeko bakubagura abobamenyesha makuru nukuvuga ko batazi iyo ubwobwicanyi buturuka?kwizonzira karengane zitotezwe zizirubusa nizikomere kumuheto natwe tubarinyu!!