IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Rihanna yatanze umuco ku vy’urukundo na Leonardo Dicaprio

Rihanna yatanze umuco ku vy’urukundo na Leonardo Dicaprio

lundi 30 Ntwarante 2015

Mu mezi aheze hagiye havugwa amakuru mu binyamakuru bitandukanye y’ivy’ urukundo rwa Rihanna na Leonardo Dicaprio, aho bagiye baboneka kenshi bari kumwe; mbere bagakora ivyo abantu bakundana bagira. Rihanna yagize ico abivuzeko.

Mu gihe haheze amezi atatu havugwa amakuru yuko Rihanna na Leonardo Dicaprio bakundana, mbere kenshi baguma baboneka bari kumwe mu birori bitandukanye, nk’umunsi mukuru w’abakundana bawuhimbarije hamwe, muri bo ntanumwe yigeze yemeza canke ngo ahakane ku vyo babavugako.

Mu kiganiro Rihanna yagiranye n’imboneshakure yo mu gihugu c’ubudagi "TV Movie", yatanze umuco ku migenderanire afitaniye na Leonardo Dicaprio, umukinyi w’amareresi akomeye cane kw’isi.

Rihanna avuga ko abantu badakwiye kwemera ibintu vyose bumva, kandi yongera abwira abantu ko adakundana na Dicaprio, ahubwo ari abagenzi. Rihanna arongera asigura ko atariko ararondera umugabo bakundana mugabo ko bishitse akeneye umugabo akuze mu mutwe kandi mwiza.

N’ubwo Rihanna yahakanye ko adakundana na Dicaprio, abantu begereye ivyo bihagange bavuga ko imigenderanire yabo ishingiye ku gitsina.
Mwomenya ko Rihanna ariko akora urukurikirane rw’indirimbo yise "R8", mbere akaba yaramaze no gusohora agace k’urwo rukurikirane kitwa"B*tch Better Have My Money", kakunzwe n’abantu batari bake.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.