Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rosine COULIBALY yahora arongoye ibigo vya ONU mu Burundi yasozereye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rosine COULIBALY yahora arongoye ibigo vya ONU mu Burundi yasozereye (...)

Rosine COULIBALY yahora arongoye ibigo vya ONU mu Burundi yasozereye ikiringo ciwe

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Uwahora asanzwe ajejwe ibigo vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi yasezeye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu w’Uburundi, kuko ikiringo ciwe co gukorera mu Burundi carangiye.

Muri uwo mubonano wabaye kuri uwu wa gatatu wa 23 Ndamukiza, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko Rosine SORI COULIBALY yahora ajejwe ibigo vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi yarangije ikiringo ciwe, akaba agiye kubandaniriza imirimo ahandi.
Gerevazi Rufyikiri yamanyesheje kandi ko kabaye akaryo ko guca hirya no hino ku bikorwa vyose vyaranguwe hamwe n’imigenderanire iri hagati y’igihugu c’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 60.8 ko
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri yasezeye Rosine SORI COULIBALY

Reta y’Uburundi ikaba ishima ku bikorwa vyose vyaranguwe ku bwinshi, na cane cane ko hari n’ibisata vyateye imbere bivuye ku ntererano zagiye ziratangwa niryo shirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ariko rero, naho biri uko, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko intambwe ikiri ndende, ko hagikenewe imfashanyo nyinshi ku Burundi kugira abarundi bave mu bukene, yaba muvy’ubutunzi canke muvy’imibano.

Yasavye ko uwugiye gusubirira Rosine SORI-COULIBALY yobandaniriza aho yaragejeje mu gusaba imfashanyo kugira ibimaze gukorwa vyerekana ko Uburundi bumaze gutera imbere vyongerezwe inguvu, hakorwe n’ibindi vyinshi.
Ku ruhande naho rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikorera mu Burundi, Rosine akaba yashimye ukungene ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakoranye neza na Reta y’Uburundi mu bisata vyose vy’igihugu mu kiringo yamaze arongoye ibigo vy’iryo shirahamwe mu Burundi. Kubwa SORI-COULIBALY, harabaye uturusho twinshi mu bisata bitandukanye, cane cane mu bijanye n’iterambere ry’igihugu.
Bimwe mu bikorwa bikomeye asigiye uwugiye kumusubirira akaba ari ibijanye no gufasha gutunganya neza amatora yimirije mu Burundi mu mwaka uza w’2015.

Mwomenya ko Rosine SORI-COULIBALY yari yatanguye imirimo yiwe mu Burundi kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2011, akaba yari ahamaze imyaka ishika hafi itatu. Ibirori vy’ukumusezera bitegekanijwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane kuri Hotel Club du Lac Tanganyika.


Mariella Bukuru

Messages

  • urugendo rwiza . uzomererwe neza mubundi buzima ugiyemwo.

  • Ndabaramukije mwese, jewembaye ncugurura imashini ntangura kwirebera amaphoto yababanyacubahiro, ntarasoma naciye nishizemwo ko mbonye gishiki nagisaza kuko nyakwubahwa icegera cakabiri cumukuru wigihugu narinsanzwe ndamuzi, ariko uyumuvyeyi yahora rongoye ibigo vya ONU mu Burundi sinaribwamubone, kandinkaba ntazinumuntunumwe yobavukana nanyakwubahwa cegera cambere cumukuru wigihugu cu Burundi, ivyorero nivyovyatumwe mbonye amafoto ncanishiramwoko arigishiki nagisaza.
    Ndasenzeyerero Rosine Coulibaly azogire ibihevyiza nahandi ONU igiyekumurungika, arikonatwetwari tukigukeneye haniwacu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.