Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Royaume-Uni: Ku myaka 10 gusa y’amavuko yamaze gutangura kaminuza
Royaume-Uni: Ku myaka 10 gusa y’amavuko yamaze gutangura kaminuza
vendredi 27 Ruhuhuma 2015
Esther Okade, umwana w’imyaka 10 y’amavuko aturuka mu gihugu ca Royaume-Uni, agiye gutangura kaminuza mu gisata c’ibiharuro.

Esther Okade, umwana w’imyaka 10 aciye ubwenge cane, agiye gutangura kaminuza l’Open, ibintu bitangaje uravye imyaka uwo mwana afise. Esther yarasavye nk’abandi bagomba kwiga kuri iyo kaminuza maze aranakora ikibazo c’ibiharuro kimuha uburengazira bwo kwinjira muri iyo kaminuza.
Kaminuza L’Open ikaba ishima uwo mwana kubera n’umwe mu banyeshure baciye ubwenge iyo kaminuza ifise kandi baba bakeneye abanyeshure baciye ubwenge nka Esther.Mu kibazo kimwe, Esther aheruka gukora yaronse ibice 100 kw’ijana.
Umuvyeyi wa Esther, nawe akaba azi ibiharuro cane, avuga ko umwana wiwe yatanguye kumumbwira ko agomba kwiga muri kaminuza afise imyaka 7 gusa, mugabo umuvyeyi wiwe akaguma atinya ko umwana wiwe yoba akiri muto ataragera kwiga kaminuza. Haheze imyaka itatu, umwana yabwiye nyina wiwe ko hageze ko atangura kwiga muri kaminuza.
Uwo mwana asanzwe yaramaze no gupanga ivyo azokora ahejeje amashuri yiwe, aho avuga ko azokugurura ibanki yiwe maze aheze ayitware, kubera agomba kuba umuntu afise amahera menshi.Uwo mwana siwe wenyene aciye ubwenge mu muryango wabo, n’umuhungu bavukana afise imyaka 6 nawe ariko atengura guheza amashuri yisumbuye nawe nyene mu gisata c’ibiharuro.
Mwomenya ko Esther atari umwana wa mbere atanguye kaminuza akiri muto. Muri ico gihugu nyene, uwundi mwana w’imyaka 6 gusa y’amavuko yahejeje amashuri yiwe yisumbuye mu gisata c’ibiharuro, mbere araronka urupapuro rumuha uburenganzira bwo gutanagura kaminuza. Mu gihugu c’Ubufaransa naho, umwana yitwa Lee Dinetan, yahejeje amashuri ya Doctorat afise imyaka 14.
Lorene Nubwabo
Messages
3 Ntwarante 2015, 11:02, par Saguil
bitey ubwoba kweli.ariko birashoboka