IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RSF isaba ko abahohoteye umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana (...)

RSF isaba ko abahohoteye umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana borengutswa

vendredi 28 Myandagaro 2015

Inyuma y’ihohoterwa ryakorewe umumenyeshamakuru w’iradiyo y’abafaransa RFI n’itororokanirizo ry’amakuru AFP mu Burundi Esdras Ndikumana,ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko ritangazwa no kuba ata muntu n’umwe arahagarikwa mu bakoze ico caha.

Clea Kahn-Sriber ajejwe akarere ka Afrika mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF avuga ko bitangaje kuba haheze ikiringo cababa ukwezi ata muntu n’umwe ararengutswa imbere y’ubutungane kubera guhohotera umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana.

Uwo aserukira RSF mu karere ka Afrika amenyesha ko amakuru yo kwizerwa bafise,yerekana neza ko umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana yakubiswe n’abakozi b’igendereza,ivyo bigasigura ko ababikoze bazwi.

RSF igasaba ko imvugo yojana n’ingiro,gutyo abagirizwa ico caha bagahamagarwa imbere y’ubutungane,bakabazwa kandi bagahagarikwa.

Haraheze indwi zibiri ibiro vy’umukuru w’igihugu bibicishije mw’itangazo, bimenyesheje ko umukuru w’igihugu wenyene ubwiwe yabonanye n’umukuru w ‘igendereza akamubaza ku bijanye n’ihohoterwa rya Esdras Ndikumana,kugira ababikoze bakurikiranwe kandi bahanwe hisunzwe amategeko.

Mwomenya ko Esdras Ndikumana yahohotewe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015,igihe yari ahari hahejeje kurasirwa Lt Gen Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.