IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’umuyagankuba kiriko kiratorerwa inyishu

Ikibazo c’umuyagankuba kiriko kiratorerwa inyishu

lundi 13 Nzero 2014

Mu myaka itatu iri mbere, Uburundi bugiye kuhatorera akoyokwe mu bijanye n’igisata c’amasoko ntanganguvu mu kuronswa umuyagankuba ukwiye, nkuko vyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Geravazi Rufykiri yakiriye kuri uwu wa mbere mu biro iwe, intumwa zidasanzwe zije zirungitswe n’ibanki ya buraya isanzwe ishigikiye iterambere rya Afrika, ikigega c’isi yose hamwe n’urunani rw’abaje gufasha kwubaka urugomero rwa Jiji na Murembwe rufise amamegawati 50.
Muri uwo mubonano, Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko bariko barabira hamwe ingene igikorwa co kwubaka urugomero rwa Jiji na Murembwe cobandanya mu gihe hari haciye umwaka ibiganiro vyo kwubaka izo ngomero bitanguye.
Ubu hakaba hariho ivyirwa biriko birakorwa vyo kuraba isi ingene imeze ahazokwubakwa ingomero. Izo ntumwa zidasanzwe zari zishikiye mu Burundi kugira zirabire hamwe amafaranga akenewe yo kwubaka ingene angana, ingene amasoko azotangwa, ingene ibikorwa nyezina bizokorwa mu mirwi n’ikiringo bizorangurwo, bongere bigire hamwe n’ingene amafaranga azoza arasohoka ku kiringo runaka na rirya ico gikorwa gisangiwe n’imirwi myinshi.
Ibikorwa nyezina bikaba bitegekanijwe kuzotangura mu kwezi kwa Nyakanga 2014, bikazohera mu mpera z’umwaka w’2017. Aho Uburundi bukazoshobora kuba bufise umuyagankuba ukwiye hamwe n’itangwa ry’amazi asa neza cane.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri, ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure, yakiriye kandi Paul SEGER yashinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurongora igisata co gutsimbataza amahoro, akaba ari umukuru w’umurwi ujejwe gutsimbataza amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Président de la Configuration Burundi à la Commission de la Consolidation de la Paix aux Nations Unies).
Iyo ntumwa ikaba yari ije kuganira na Reta y’Uburundi ibijanye naho ibikorwa bigeze mu gutsimbataza amahoro mu gihugu, ibijanye n’iterambere rirama mu Burundi, hamwe n’ibijanye n’intwaro ibereye nk’uko vyama bikorwa inyuma y’amezi atandatu.

Ku bijanye n’ikiringo cahawe ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) co kutarenza gukorera mu Burundi kugeza ku genekerezo rya 15 Ruhuhuma 2014, Paul SEGER yamenyesheje ko ari uburenganzira bw’igihugu bwo gufata ingingo bushatse, ariko ko hari amasezerano ategerezwa gukurikizwa hagati y’izo mpande zibiri, na cane cane ko bidashobora kugenda nk’uko umenga ivyo biro birukanywe mu Burundi.

Umushikikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure akavuga nawe ko Reta y’Uburundi yihweje ibikorwa ibiro BNUB vyategerezwa gukora mu Burundi kuva vyemerewe kuhakorera, vyose vyararangutse, arico naco gituma babonye ko BNUB itorenza ikiringo yahawe co gukorera mu Burundi.

Mwomenya ko inyuma yo kwakira izo ntumwa, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri yaciye afata urugendo rumushikana mu gihugu ca Angola.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ivyoturabimenyereye bamabatwemerera ibintu barikumwe nabadufasha bakurikirenge bikababirangiye kubona buja ironkumuyagankuba muduce sakamaramaza nzobambona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.