IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rugombo : Umusirikare w’igihugu yatowe ikiziga amanitse ku giti

Rugombo : Umusirikare w’igihugu yatowe ikiziga amanitse ku giti

mardi 11 Ntwarante 2014

Hari umusirikare wo mw’ibatayo y’abacomando ya 311, yahora akora ku kirindiro co mu Rukoko yatowe yapfuye amanitse ku giti muri komine Rugombo iri mu ntara ya Cibitoke. Yatowe ikiziga amanitse ku giti.

Amakuru yabamubonye ubwa nyuma avuga ko bamuheruka ariko anywera mu bunywero bwo ngaho nyene muri komine Rugombo.
Ivyo rero bishitse mu gihe muri kino gihe abasirikare bageramiwe, aho bamwe mu basirikare b’igihugu bamaze iminsi bakubitwa na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD, aho mukibuka umusirikare w’igihugu aheruka gukubitirwa mu Kanyosha n’Imbonerakure, bamwagiriza ko yoba ari umunywanyi wa MSD.

Ku genekerezo rya 31 Kigarama 2013, hari igisongerezi mu ntwazangabo z’igihugu c’Uburundi yari yakubitiwe i Gihanga n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD. Uwundi musirikare azwi kw’izina rya Nsengiyumva Jules nawe nyene bivugwa ko yakubiswe n’urwo rwaruka nyene ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza. Mu Kirundo naho, uwitwa Mukurarinda Sipiriyano yarakubiswe ari mu karuhuko, hamwe na Bucumi Merekiyori yakubiswe n’imbonerakure zifashijwe n’abaporisi mu Cibitoke.

Dufatiye kuri ivyo vyashitse kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante, aho Jean Claude Nijimbere, umusirikare wo mu ntara ya mbere ya Gisirikare yakubitwa n’imbonerakure zifashanije n’abaporisi babiri, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard Baratuza, yamenyesheje ko bagiye kwitwarira abo baporisi. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, asaba ko amategeko yokwubahirizwa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.