IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abanyagihugu bashikirijwe buramatari wabo

Rumonge : Abanyagihugu bashikirijwe buramatari wabo

samedi 18 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarashikirije kuri uwu wa gatanu buramatari mushasha w’intara nshasha ya Rumonge. Juvénal Bigirimana yahora ajejwe ivyigwa kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, akaba ariwe yashikirijwe abanyagihugu nka buramatari w’intara ya Rumonge.

JPEG - 54.9 ko
Buramatari wa Rumonge Juvénal Bigirimana (i buryo), ari kumwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Intara nshasha ya Rumonge ikaba igizwe n’amakomine ya Rumonge, Burambi, Buyengero, Bugarama na Muhuta.

Muri ayo makomine, abiri yavuye ku ntara ya Bururi (Burambi na Buyengero), ayandi abiri ava ku ntara ya Bujumbura rural (Bugarama na Muhuta).


Egide Nduwimana

Messages

  • @rumongÂ@ yahawe buramatari ’ego nivy ariko we azoma ko ighe kinganiki gayemwe ,ariko baze bamwongere aho boba bamuhenze juvenal de rumonge komera ntuhababuke ningwe ntiyarizi gufatira kwizosi yarigishijwe.

  • Ndashimako rumonge bayisubije agateka nkabamoso barabasubije intarayabo I gisigaye nuko bobasubizakumutamana mukubemerera ko ururimirwikimoso rwovurwa kwiradio you Burundi naterevisio TV nkuko buramatari mushash yahoze arumwarimu plz nabafashe mukwe neza utwatuzo two limos it we met we mumashure kandi nabamoso bemerwe nkubwoko babubahe

  • yego nivyo! ariko birateya amakenga...kubera iki intara nshasha kandi n’izindi ntara zibura financement

  • Ko abanya rumonge sa bamoso ahubwo na ba bo nayo kuvyerekeye financement amakomine yagize intara ya rumonge arifise ukuntu ashobora kwitunganiriza umutahe wayo kandi aganatera imbere

  • Ndababwiyeko arumunezero ntangere kubona igisagara kibonekako gifise kazoza ikomeye nka Rumonge kigizwe umurwamukuru wintara turavyishimiye. Namwerero banya Rumonge duhagurukire icarimwe dukore ukwodushoboyekwose kugira mumyaka ya 2015 tuzobeturi kwinshusho itandukanye nigiye twari mwinshusho ya Commune kandi turashoboye. Kuko nimvukira nzivamwayoma Commune yose agize iyontara ya Rumonge iyoturihose haba ngaha Burundi canke muyandimakungu tuzogiruruhara mwivyovyose vyokwerekanako intara ya Rumonge arimumaboko yacu.

  • Niyirambire,azokorere abene gihugu biyontara neza ntakindi

  • Tumwipfurije Kugira Iki Ganza Ciza Mubene Gihugu Agiye Gutwara.Imana Izomuzigame.

  • Hihihiiiiiii,abatutsi b’i bururi bari baramenyereye kurya umuhutu wo mu rumonge bamwicayeko,yabinjiriza amafaranga mu kigega bamuhemba impembo y’ukumwita umubo,umubo cari igitutsi synonyme y’abahutu,vraiment ni sawa ubutunzi bugume mu banyarumonge,bonne chance mwitezimbere,kandi ntibizogorana,uwanka yangare!

  • turashimiye umukuru wigihugu akoze icogikogwa ciza.terimbere we ntara yacu wewe muhererezi uzosumbe bakuru bawe.

  • Ni akanyamuneza nta ngere kuri twebw abo mu RUMONGE

  • MBE KO MUNTARA NSHASHA YA RUMONG ATA BARABARA NARIMWE RYIZA RYA KABURIMBO RIRIMWO HAGIYE GUKORW IKI TWOKWISHIMA KO TUTAZOBUBUR IBARABARA RIHUZA RUTUMO -MARAMVYA TORA ! YOO NIVYIZA.

  • IMANA IMUJE IMBERE KUKO AROSE UBUTWARE MUBIHE BITOROSHE

  • biranezerey ariko twomusaba buramatari gutwarira neza abarundi bose bari muntara ya rumonge yibuka ko abanya Bururi bahatungiy ibitari bike.

  • Biroroshe kuvuga,ariko ingiro nizo zikenewe.cndd fdd ntanakimwe irakora giteza imbere igihugu,ari mu butunzi ari mu mahinguriro,ari mu kugwiza umwimbu jewe ico mbona conyene yagize ni ukwubaka amashule mugabo ata bigisha n’uburyo bijanye ata n’akunguko mubumenyi,Ikindi n’ukuvuza abagore bibungenze n’abana k’ubuntu ibitaro bikabavura gihutihuti kandi nabi canke ata buryo bukwiye leta ibiha.nta bitaro na bimwe vya leta ndetse nivyabigenga vyishimira iyo ngingo.

  • Yooooh, ewe innocent urihenda! burya bururi yaruzunzwe na Rumonge! ahumbwo turatomboye ubu nta gikakwe tuzosubura kuronka mu biro vyacu.

  • Hahahaha’baraguhenze pee!! Uzomara umwanya urume rumara pee!! CNd fdd ivyo bakoze twara bibonye pee!! Ugusese amalaso ngira nawe nivyo bagushinze pee!!

  • Ewe Burundi urihenda. Nibaza ko abarundi bose bakeneranye. Nivyo abanyarumonge, co kimwe n’aba résidents ba Bujumbura rural yose ya kera, bamye ar’abakozi bagose bateza imbere economie y’igihugu. Ndanegura iyo mvugo yawe itagira icubahiro.(Note: nd’umututsi nkawe)

    Ariko ndashigikira gose iciyumviro ya Nsabiyumva Swidiq abaza igituma bagwiza intara, kandi bigaragara ko economie y’igihugu itagenda neza. N’ibaza ko ari inkino za politique kandi birababaje cane. Président Nkurunziza yategerezwa kuba ariko yitaho guteza imbere economie hakugwiza intara. Intara zinshi zikenera abakozi bandi muri administration, ataco bafise kibahemba, aho bategerezwa kuba bariko barakora mu matongo yabo, canke akandi kazi ko kwiteza imbere. Cane cane mur’iki gihe ivyimburwa bitari vyinshi mu gihugu.

  • @burundi
    Pauvre debile,ntagikakwe mucumva,mwakinyoye mu mazi abahutu babavomera kuko babanza kuyiyogesha mu kwaha,nta mututsi akinukigwa

  • kugwiza intara nivyiza kuko vyegereza intwaro abenegihugu,ni hamwe bavuga ngo’ugutuka ntagutorera’ ivyo ntibijanye no gukina politique arivyo naho vyatanguye kela akarorero ka hafi intara ya mwaro yavutse kuri muramvya rutana nayo kuri ruyigi

  • Intara ya Rumonge yaje hageze,yaje nk’umuti w’iterambere y’iyo ntara nshasha kandi nziza cane.Abafise amakenga nibihangane mu kiringo c’imyaka nka cumi ikibanza c’iyo ntara nshasha mw’iterambere bazoba bakibona.

  • @ Burundi
    nimba atari burunyo.erega uwo burundi yapfuye kuvyiyitirira ntabwo ari umurundi. Umurundi akura indero mu famille yiwe. None uwo nawe sinzi iyo yaje aturuka nasubire iyo yaje ava umurundi ni uwogira indero. Ivyiza yoraba agasubira kwa nyina wiwe akamuha indero y’ikirundi ikwiye nayo iyo ndero yiwe ni ndero ya shetani ya ma hembe abiri. Abo ni bamwe bakoreshwa ni shitani mutaravye neza iyo shitani yo barigita. Ariko ndaguye ndagarutse uwizeye imana ntaco yomugira. Imana ni nkuru kure niyo kuri ico gifyiti ngo ni Burunyo yiyita Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.