IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Rumonge: Akarorero keza ko kurima ivyamwa bagakura ku Mukuru (...)

Rumonge: Akarorero keza ko kurima ivyamwa bagakura ku Mukuru w’Igihugu

mardi 25 Ruheshi 2013

Inyuma y’ibigazi n’imyumbati, abanyagihugu bo muri komine ya Rumonge mu ntara ya Bururi barijukiye gutera ivyamwa, ivyo navyo bikaba bibatunze cane kuko nk’ivyamwa bita mandarine uyu mwaka vyamye neza cane, umwimbu ukaba ushimishije rwose.

Abanyagihugu bo muri komine ya Rumonge bavuga ko uyu mwaka ikirere cabaye ciza kuko ibiti vy’ico vyamwa bijondajonda ndetse abantu benshi, abava mu ntara zitandukanye nka Bujumbura, Makamba, Gitega hamwe no mu bihugu bibanyi nka Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Tanzaniya n’Urwanda bose baza kurangura ico camwa muri iyo komine ya Rumonge. Abanyagihugu rero batumenyesheje ko ari akarorero keza bakura ku Mukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Petero Nkurunziza, kuko nawe asanzwe ari umurimyi w’ivyamwa.

Ikindi kandi bavuga ko abana babo bahejeje gufungura agatsima n’indagara baheze bagaca barenzako icamwa, gurtyo bakaba bafunguye ingaburo yuzuye, kandi isabwa n’abahinga muvyo gufungura. Ubu rero abo banyagihugu batumenyesheje ko bagiye kuja hamwe bakagira amashirahamwe y’ukuntu bokorera hamwe mu kugwiza umwimbu w’ivyamwa, ndetse bagashobora n’ugusaba ideni mu mabanki atandukanye akorera mu gihugu c’Uburundi.

Ubu rero n’abatari bake baribonera ko ivyamwa bizimbutse mu Burundi ku buryo agaseke k’ivyamwa ubu kagurwa amafaranga hagati y’igihumbi n’amajana atanu n’ibihumbi bibiri. Abo banyagihugu kandi basaba abajejwe intwaro guhimiriza abanyagihugu bose ko borwanya ubunebwe, maze bakitwararika kurima ivyamwa kuko vyunganira ibindi biterwa mu rugo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.